Kilniojo Korano reikšmių vertimas - Vertimas į kirundi k. - Jusuf Ghahiti

external-link copy
62 : 24

إِنَّمَا ٱلۡمُؤۡمِنُونَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَإِذَا كَانُواْ مَعَهُۥ عَلَىٰٓ أَمۡرٖ جَامِعٖ لَّمۡ يَذۡهَبُواْ حَتَّىٰ يَسۡتَـٔۡذِنُوهُۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ يَسۡتَـٔۡذِنُونَكَ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ يُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦۚ فَإِذَا ٱسۡتَـٔۡذَنُوكَ لِبَعۡضِ شَأۡنِهِمۡ فَأۡذَن لِّمَن شِئۡتَ مِنۡهُمۡ وَٱسۡتَغۡفِرۡ لَهُمُ ٱللَّهَۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ

Abemeramana vy’ukuri, ni abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo; no mu gihe bari kumwe n’Intumwa mu gikorwa kibahuza, ntibiyonjorora mu bandi batabanje kuyisaba uburenganzira bwo kugenda. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri abagusaba uburenganzira ku mvo zumvikana, abo ni bo bemeye koko Imana Allah n’Intumwa yayo; nibagusaba uburenganzira bwo kuja gutunganya utwabo, uraha nya burenganzira uwo ushatse muri bo, uheze unabasabire ikigongwe ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير: