[37] Inzoga, ni ikintu ico ari co cose kiborera, caba ari ikinyobwa, icokurya canke ico kwimotereza.
[38] Urusimbi, ni ugukinira kuronka canke gutanga amahera hakoreshejwe urwenge.
[39] Iyi Aayah yamanutse ubwa mbere nk’integuza yo kuziririza inzoga n’urusimbi. Iyi Aayah rero yerekana na canecane ko inzoga n’urusimbi bifise ingaruka mbi cane ku muntu; biramusamaza mu kutaninahaza no kudasenga Imana Allah, bitera urwanko n’inzigo mu bantu, bituma kandi haba isesagurwa no kunyonora amatungo hakoreshejwe urwenge.