Ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata na kimwe bishoboye, ntibishoboye kubaronsa ivyobabeshaho biturutse kw’igwa ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, canke bivuye mu mwimbu w’ivyarimwe kw’isi. Eka nta na kimwe bishoboye, vyongeye ntibinakwiye kuba hari n’ico vyoshobora.
Imana Allah Yarabaciriye agace k’umuntu agabwa n’uwundi, akaba ata na kimwe yigabira[342]; n’ak’uwundi muntu yigenga, akishira akizana, Twebwe Allah Tukaba Twamuronkeje ibimubeshaho vyiza birekuwe, maze akabitangako imperezwa mu mpisho no ku mugaragaro. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore! Ni ukwo rero, Imana Allah Yaremye, Yikenuye, ntishobora kunganishwa n’ibiremwa vyayo. Ishimagizwa rero, ni iry’Imana Allah, ahubwo abenshi mu babangakikanyamana ntibazi ko Imana Allah ari Yo Ikwiye gushimagizwa no gusengwa.
[342] Akarorero Imana Allah Itanga muri iyi Aayah no muri Aayah ikurikira, ni uburorero bwerekana amahinyu ari ku gusenga ibigirwamana mu biremwa vyaremwe, ata n’ico vyishoboje, ha gusenga Imana Allah, Yo Yabiremye, Ikaba ari na Yo Rugaba wavyo.
Imana Allah Yarabaciriye agace k’abantu babiri; umwe muri bo akaba ari nyamuragi ata co yimariye, ata n’ico yomarira abandi, kiretse ko we ari umutwaro uremereye uwumutunze, ico ari co cose amutumye gukora, ntiyigera ashobora kugitunganya neza. Uwugira kabiri muri bo, akaba ari umuntu akomeye uduhimba twose, hari ico yimariye n’ico amariye abandi, akabwiriza kugendera ubutungane, kandi ari mu nzira igororotse. Mbega none abo bantu bompi, boba bangana mu butore!
Imana Allah, ni Yo Rumenyi w’ibinyegejwe ibiremwa mu majuru no mw’isi. Kuri Yo, ishirwa mu ngiro ry’ingingo y’isango ry’umuhero w’isi, ni mu kanya isase nk’ikubita ry’urugohe canke mbere mu kanya ubusa kari musi yakwo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose.
Imana Allah, Yabakuye mu nda za ba nyoko hageze kuvuka, ata na kimwe muzi; Yabahaye n’ibihimba bituma mumenya mugatahura, Ibaha amatwi, amaso n’umushaha, kugira muyishimire mu kuyisenga ari Imwe Rudende.