وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی

As-Sharhi

external-link copy
1 : 94

أَلَمۡ نَشۡرَحۡ لَكَ صَدۡرَكَ

Muvugishwamana! Mbega, Twebwe Allah, ntitwakwaguriye igikiriza cawe mu kuguha ukwihangana, kugira ushobore kwakira ubutumwa no kubushikiriza! info
التفاسير:

external-link copy
2 : 94

وَوَضَعۡنَا عَنكَ وِزۡرَكَ

Turaheza Tugukurako umutwaro (w’uko abantu bawe warungitsweko batotumbera inzira)! info
التفاسير:

external-link copy
3 : 94

ٱلَّذِيٓ أَنقَضَ ظَهۡرَكَ

Umutwaro wari uremereye umugongo wawe; info
التفاسير:

external-link copy
4 : 94

وَرَفَعۡنَا لَكَ ذِكۡرَكَ

Gutyo, ku kubera imigenzo myiza wahawe, Tukudugiriza icubahiro. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 94

فَإِنَّ مَعَ ٱلۡعُسۡرِ يُسۡرًا

Ntuzobuzwe rero n’ibangamirwa ry’abakwanka, gushikiriza ubutumwa. Burya mu vy’ukuri, akaga n’agahengwe biragendana. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 94

إِنَّ مَعَ ٱلۡعُسۡرِ يُسۡرٗا

Burya mu vy’ukuri, akaga n’agahengwe biragendana. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 94

فَإِذَا فَرَغۡتَ فَٱنصَبۡ

Kubera ivyo rero, iyo uhejeje gutunganya ibikenewe mu vy’isi, senga ushimire Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
8 : 94

وَإِلَىٰ رَبِّكَ فَٱرۡغَب

Unatakambe cane urondera ibiri ku Mana yawe Rurema Allah. info
التفاسير: