وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی

At-Taghaabun

external-link copy
1 : 64

يُسَبِّحُ لِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۖ لَهُ ٱلۡمُلۡكُ وَلَهُ ٱلۡحَمۡدُۖ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ

Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, biraninahaza Imana Allah, ubwami n’ishimagizwa ni ivyayo, ni na Yo Mushoboravyose. info
التفاسير:

external-link copy
2 : 64

هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَكُمۡ فَمِنكُمۡ كَافِرٞ وَمِنكُم مُّؤۡمِنٞۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٌ

Ni Yo Yonyene Yabaremye, gutyo muri mwebwe havamwo umuhakanyi n’umwemeramana (umwe wese ku co yahisemwo). Imana Allah na Yo, ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 64

خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّ وَصَوَّرَكُمۡ فَأَحۡسَنَ صُوَرَكُمۡۖ وَإِلَيۡهِ ٱلۡمَصِيرُ

Yaremye amajuru n’isi mu kuri (ata gufyina kurimwo), Iraheza Irabarema Ibaha n’ishusho ryiza ribabereye. Ni kuri Yo rero, ibiremwa vyose bizosubizwa ku musi w’iharurirwa, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 64

يَعۡلَمُ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَيَعۡلَمُ مَا تُسِرُّونَ وَمَا تُعۡلِنُونَۚ وَٱللَّهُ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ

Bantu! Imana Allah Irazi ibiri mu majuru no mw’isi, Iranazi ivyo mugirira mw’ibanga n’ivyo mugirira ku mugaragaro. Kandi burya Imana Allah, Irazi n'ibinyegejwe mu mishaha. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 64

أَلَمۡ يَأۡتِكُمۡ نَبَؤُاْ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن قَبۡلُ فَذَاقُواْ وَبَالَ أَمۡرِهِمۡ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ

Babangikanyamana! Mbega, ntimwashikiriwe n’inkuru y’abagararije b’aho hambere! Barahonjeje inkurikizi z’ubugarariji bwabo, baranarindiriwe n’ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 64

ذَٰلِكَ بِأَنَّهُۥ كَانَت تَّأۡتِيهِمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَقَالُوٓاْ أَبَشَرٞ يَهۡدُونَنَا فَكَفَرُواْ وَتَوَلَّواْۖ وَّٱسۡتَغۡنَى ٱللَّهُۚ وَٱللَّهُ غَنِيٌّ حَمِيدٞ

Ivyo vyose rero, vyatewe n’uko Intumwa zabazanira ibitangaro n’ivyemezo bigaragara, bakavuga n’akagaye n'akantu bati: “Mbega abantu nkatwe, ni bo boturongora!”. Ni uko rero, baraheza baragarariza Imana Allah, barahakana n’Intumwa zayo bivuye inyuma, bagenza umugongo ntibemera ukuri, Imana Allah na Yo, Irabirengagiza. Burya Imana Allah, ni Uwikenuye Yikenuye muri vyose; Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 64

زَعَمَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَن لَّن يُبۡعَثُواْۚ قُلۡ بَلَىٰ وَرَبِّي لَتُبۡعَثُنَّ ثُمَّ لَتُنَبَّؤُنَّ بِمَا عَمِلۡتُمۡۚ وَذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرٞ

Abagararije, barigamba ko batazozurwa. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Muzobuzwa n’iki kuzurwa! Ndarahiye kw’izina ry’Imana yanje Rurema ko muzozurwa, hanyuma mumenyeshwe ivyo mwakoze vyose; kandi ivyo biroroshe cane ku Mana Allah”. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 64

فَـَٔامِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَٱلنُّورِ ٱلَّذِيٓ أَنزَلۡنَاۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ

Babangikanyamana! Enda rero nyabuna nimwemere Imana Allah n’Intumwa yayo, mwemere na Qor’ani Twebwe Allah Twamanuriye Intumwa yacu. Burya Imana Allah, Irazi ivyo mukora, ni Muhetuziwavyose. info
التفاسير:

external-link copy
9 : 64

يَوۡمَ يَجۡمَعُكُمۡ لِيَوۡمِ ٱلۡجَمۡعِۖ ذَٰلِكَ يَوۡمُ ٱلتَّغَابُنِۗ وَمَن يُؤۡمِنۢ بِٱللَّهِ وَيَعۡمَلۡ صَٰلِحٗا يُكَفِّرۡ عَنۡهُ سَيِّـَٔاتِهِۦ وَيُدۡخِلۡهُ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَآ أَبَدٗاۚ ذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ

Nimwibuke n’umusi Imana Allah, Yabakoranirije hamwe ku musi w’iyegeranywa ry’ibiremwa. Uwo, ni wo musi w’uruhombo no kwicuza. Uwo wese rero yemera Imana Allah agakora n’ivyiza bitegetswe, Izomubabarira ibicumuro vyiwe, Imwinjize no mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye. info
التفاسير: