وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی

ژمارەی پەڕە:close

external-link copy
31 : 51

۞ قَالَ فَمَا خَطۡبُكُمۡ أَيُّهَا ٱلۡمُرۡسَلُونَ

Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwiye nya ntumwa mu bamalayika ati: “Ntumwa z’Imana! None mwoba mugenzwa n’amaki?”; info
التفاسير:

external-link copy
32 : 51

قَالُوٓاْ إِنَّآ أُرۡسِلۡنَآ إِلَىٰ قَوۡمٖ مُّجۡرِمِينَ

Na zo zirishura ziti: “Mu vy’ukuri, twarungitswe ku bantu b’abanyavyaha bimonogoje mw’igarariza; info
التفاسير:

external-link copy
33 : 51

لِنُرۡسِلَ عَلَيۡهِمۡ حِجَارَةٗ مِّن طِينٖ

Kugira tubahanishe amabuye yokeje; info
التفاسير:

external-link copy
34 : 51

مُّسَوَّمَةً عِندَ رَبِّكَ لِلۡمُسۡرِفِينَ

Nya mabuye ariko ikimenyetso kivuye ku Mana yawe Rurema Allah, yagenewe abimonogoje mu bugarariji bagenzwa n’ubwononyi kw’isi”. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 51

فَأَخۡرَجۡنَا مَن كَانَ فِيهَا مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Ni ho rero Twebwe Allah, Twakura mu gacimbiri k’abantu ba Luutwi, abemeramana; info
التفاسير:

external-link copy
36 : 51

فَمَا وَجَدۡنَا فِيهَا غَيۡرَ بَيۡتٖ مِّنَ ٱلۡمُسۡلِمِينَ

Eka mbere ntitwanasanze muri nya gacimbiri, kiretse umuhana umwe gusa w’abemeramana, ukaba wari uwa Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah); info
التفاسير:

external-link copy
37 : 51

وَتَرَكۡنَا فِيهَآ ءَايَةٗ لِّلَّذِينَ يَخَافُونَ ٱلۡعَذَابَ ٱلۡأَلِيمَ

Muri ko, Twahasize ikimenyetso c’igihano Twabahaye, cerekana ubushobozi bw’Imana Allah bwo guhana, ku bantu batinya ibihano vyayo bibabaza. info
التفاسير:

external-link copy
38 : 51

وَفِي مُوسَىٰٓ إِذۡ أَرۡسَلۡنَٰهُ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ بِسُلۡطَٰنٖ مُّبِينٖ

No mw’irungikwa rya Musa kwa Firawuni n’abunganizi biwe, igihe Tumurungikana Aayah n’ivyemezo bigaragara, harimwo Aayah n’inkebuzo ku bantu batinya ibihano bibabaza vy’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
39 : 51

فَتَوَلَّىٰ بِرُكۡنِهِۦ وَقَالَ سَٰحِرٌ أَوۡ مَجۡنُونٞ

Firawuni yaragenjeje umugongo arirengagiza ukuri ku kwishimira inguvu ziwe, maze avuga ati: “Musa, ni umurozi canke ni umukehabwenge yeruye!”. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 51

فَأَخَذۡنَٰهُ وَجُنُودَهُۥ فَنَبَذۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡيَمِّ وَهُوَ مُلِيمٞ

Ni ho rero Twafata Firawuni n’ingabo ziwe, Duca Tubaterera mw’ibahari. Firawuni yari yakoze ibituma atabwako imiragwe ashavuriwe n’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
41 : 51

وَفِي عَادٍ إِذۡ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلرِّيحَ ٱلۡعَقِيمَ

No mw’ihonywa rya Bene Aadi, harimwo Aayah n’inkebuzo ku wutegera, igihe Twabarungikira igihuhusi gitema kigatongora; info
التفاسير:

external-link copy
42 : 51

مَا تَذَرُ مِن شَيۡءٍ أَتَتۡ عَلَيۡهِ إِلَّا جَعَلَتۡهُ كَٱلرَّمِيمِ

Nta kintu na kimwe nya gihuhusi caciyeko, kiretse ko cagisiga ari ubunywenywe. info
التفاسير:

external-link copy
43 : 51

وَفِي ثَمُودَ إِذۡ قِيلَ لَهُمۡ تَمَتَّعُواْ حَتَّىٰ حِينٖ

No mw’ihanwa rya Bene Thamuudi, harimwo Aayah n’inkebuzo, igihe Intumwa yabo Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yababwira iti: “Nimuryoherwe mu zanyu imisi itatu itarenga ntirenguke mu kurindira urwanyu ko rushika”. info
التفاسير:

external-link copy
44 : 51

فَعَتَوۡاْ عَنۡ أَمۡرِ رَبِّهِمۡ فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّٰعِقَةُ وَهُمۡ يَنظُرُونَ

Bene Thamuudi baragabitanije kw’ibwirizwa ry’Imana yabo Rurema Allah, baca bahitanwa n’igihano c’umuriro amaso mu yandi; info
التفاسير:

external-link copy
45 : 51

فَمَا ٱسۡتَطَٰعُواْ مِن قِيَامٖ وَمَا كَانُواْ مُنتَصِرِينَ

Ntibashoboye no guhaguruka ngo babihunge bitarashika, canke ngo bavyikuremwo, eka mbere n’iyo bahunga ntibari kubirokoka. info
التفاسير:

external-link copy
46 : 51

وَقَوۡمَ نُوحٖ مِّن قَبۡلُۖ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمٗا فَٰسِقِينَ

Twaranahoneje abantu ba Nuhu hambere yabo. Mu vy’ukuri abantu ba Nuhu, bari n’abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
47 : 51

وَٱلسَّمَآءَ بَنَيۡنَٰهَا بِأَيۡيْدٖ وَإِنَّا لَمُوسِعُونَ

N’ijuru ryegereye isi, Twarariremye maze Turaritunganya, kugira riyibere igisenge kiyikingira, kandi mu vy’ukuri Turanaryagura; info
التفاسير:

external-link copy
48 : 51

وَٱلۡأَرۡضَ فَرَشۡنَٰهَا فَنِعۡمَ ٱلۡمَٰهِدُونَ

N’isi, Twarayigize nk’isaso kugira ibiremwa biyiturureko, ni Twebwe rero Abeza b’abasasa. info
التفاسير:

external-link copy
49 : 51

وَمِن كُلِّ شَيۡءٍ خَلَقۡنَا زَوۡجَيۡنِ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ

No mu bwoko bw’ibiremwa vyose, Twaremye bibiribibiri bitandukanye mu ndemo; nk’igitsina-gabo n’igitsina-gore, kugira mwibuke ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, muheze mwikebuke. info
التفاسير:

external-link copy
50 : 51

فَفِرُّوٓاْ إِلَى ٱللَّهِۖ إِنِّي لَكُم مِّنۡهُ نَذِيرٞ مُّبِينٞ

Bantu! Enda rero nyabuna nimuhungire ibihano vy’Imana Allah, mu kwirukira ku mpuhwe zayo, maze mwemere mwongere mugamburukire Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo. Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe, ndi Umugabisha ku bihano vyayo, atomora amabwirizwa yayo[651]. info

[651] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iyo hagize ikiyigora, yaca iremururira umushaha wayo kw’isengesho, ubwo bukaba ari uburyo bumwe mu buryo bwo guhungira ku Mana Allah.

التفاسير:

external-link copy
51 : 51

وَلَا تَجۡعَلُواْ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَۖ إِنِّي لَكُم مِّنۡهُ نَذِيرٞ مُّبِينٞ

Ntimukanabangikanye Imana Allah mu vyo mukora vyose mu kuyisenga n’iyindi mana. Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe, ndi Umugabisha ku bihano vyayo, atomora amabwirizwa yayo. info
التفاسير: