وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی

ژمارەی پەڕە:close

external-link copy
18 : 5

وَقَالَتِ ٱلۡيَهُودُ وَٱلنَّصَٰرَىٰ نَحۡنُ أَبۡنَٰٓؤُاْ ٱللَّهِ وَأَحِبَّٰٓؤُهُۥۚ قُلۡ فَلِمَ يُعَذِّبُكُم بِذُنُوبِكُمۖ بَلۡ أَنتُم بَشَرٞ مِّمَّنۡ خَلَقَۚ يَغۡفِرُ لِمَن يَشَآءُ وَيُعَذِّبُ مَن يَشَآءُۚ وَلِلَّهِ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَاۖ وَإِلَيۡهِ ٱلۡمَصِيرُ

Abayahudi n’abanaswara barinamuye bavuga bigamba bati: “Twebwe turi abana b’Imana Allah tukaba n’abakunzi bayo”. Ntumwa y’Imana! Bakurire inkoni ku gishitsi ubabwire uti: “Nivyaba biri nk’ukwo muvuga, none ni kuki Imana Allah Ibahanira ivyaha vyanyu nimwaba koko muri abakunzi bayo! Muranguha! Ahubwo mwebwe muri ibiremwa nk’ibindi muri Bene Adamu, muzorihwa iciza ku ciza, murihwe n’ikibi ku kibi”. Burya rero, Imana Allah Igumiriza akabanga ku vyaha Ikababarira uwo Ishatse, Ikanahana uwo Ishatse. Burya Imana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, ni no kuri Yo rero ibiremwa vyose bizosubira, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye. info
التفاسير:

external-link copy
19 : 5

يَٰٓأَهۡلَ ٱلۡكِتَٰبِ قَدۡ جَآءَكُمۡ رَسُولُنَا يُبَيِّنُ لَكُمۡ عَلَىٰ فَتۡرَةٖ مِّنَ ٱلرُّسُلِ أَن تَقُولُواْ مَا جَآءَنَا مِنۢ بَشِيرٖ وَلَا نَذِيرٖۖ فَقَدۡ جَآءَكُم بَشِيرٞ وَنَذِيرٞۗ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ

Emwe bahawe Igitabu! Intumwa yacu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaramaze kubashikira, ibatomorera ukuri inyuma y’ikiringo kitari gito caciye hagati y’irungikwa ryayo n’irungikwa rya Isa mwene Mariyamu, kugira ntimuzoronke icitwazo co kwigovyora muvuga muti: “Nta Ntumwa yigeze idushikira, ishikiriza abemeramana inkuru ibahumuriza y’Ubwami bw’ijuru, inagabisha abagarariji ku bihano vyo mu muriro”. Ni ukuri, mwaramaze gushikirwa n’Intumwa ishikiriza abemeramana inkuru ibahumuriza y’Ubwami bw’ijuru, ikanagabisha abagarariji ku bihano vyo mu muriro. Burya Imana Allah ni Mushoboravyose. info
التفاسير:

external-link copy
20 : 5

وَإِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِۦ يَٰقَوۡمِ ٱذۡكُرُواْ نِعۡمَةَ ٱللَّهِ عَلَيۡكُمۡ إِذۡ جَعَلَ فِيكُمۡ أَنۢبِيَآءَ وَجَعَلَكُم مُّلُوكٗا وَءَاتَىٰكُم مَّا لَمۡ يُؤۡتِ أَحَدٗا مِّنَ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwira abantu biwe yarungitsweko ati: “Emwe Bene Israyeli! Nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, igihe Irungika Abavugishwamana bavuye muri mwebwe, Ikabagira abami inyuma y’aho mwari abashumba muganzwa na Firawuni, Iraheza Ibaha n’ingabirano nyinshi Itigeze Iha n’umwe mu bantu bo mu gihe canyu; info
التفاسير:

external-link copy
21 : 5

يَٰقَوۡمِ ٱدۡخُلُواْ ٱلۡأَرۡضَ ٱلۡمُقَدَّسَةَ ٱلَّتِي كَتَبَ ٱللَّهُ لَكُمۡ وَلَا تَرۡتَدُّواْ عَلَىٰٓ أَدۡبَارِكُمۡ فَتَنقَلِبُواْ خَٰسِرِينَ

Bantu banje! Enda nimwinjire mu gisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis, ari na co Imana Allah Yabasezeraniye ko mwinjira mugahangana n’abagarariji. Ntimuzogenze umugongo ngo muhunge urugamba; muramutse muruhunze, mwotahira agahombo mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa”. info
التفاسير:

external-link copy
22 : 5

قَالُواْ يَٰمُوسَىٰٓ إِنَّ فِيهَا قَوۡمٗا جَبَّارِينَ وَإِنَّا لَن نَّدۡخُلَهَا حَتَّىٰ يَخۡرُجُواْ مِنۡهَا فَإِن يَخۡرُجُواْ مِنۡهَا فَإِنَّا دَٰخِلُونَ

Bene Israyeli bishuye bati: “Ewe Musa! Muri ico gisagara, ni ukuri hariyo abantu b’ibihangange, nta nguvu dufise zo guhangana na vyo, kandi twebwe mu vy’ukuri ntiturota tucinjira bitabanje kukivamwo. Nivyaramuka bikivuyemwo, tuzoheza tucinjire”. info
التفاسير:

external-link copy
23 : 5

قَالَ رَجُلَانِ مِنَ ٱلَّذِينَ يَخَافُونَ أَنۡعَمَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِمَا ٱدۡخُلُواْ عَلَيۡهِمُ ٱلۡبَابَ فَإِذَا دَخَلۡتُمُوهُ فَإِنَّكُمۡ غَٰلِبُونَۚ وَعَلَى ٱللَّهِ فَتَوَكَّلُوٓاْ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ

Ni ho haboneka abagabo babiri mu bantu batinya Imana Allah, bahawe no kuyumvira Yo hamwe n’Intumwa yayo, baraheza bavuga bati: “Ivyo bihangange nimuvyinjirireko mu gisagara, nimwamara kwinjira, mu vy’ukuri muzobitsinda, kandi rero nimwishimikize Imana Allah muyizere nimwaba mwemera koko Intumwa yayo, mwubahiriza n’amabwirizwa yayo”. info
التفاسير: