وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی

external-link copy
76 : 3

بَلَىٰۚ مَنۡ أَوۡفَىٰ بِعَهۡدِهِۦ وَٱتَّقَىٰ فَإِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلۡمُتَّقِينَ

Si nk’ukwo rero bavyiyumvira! Ahubwo uwutinya akagamburukira Imana Allah, ni uwubahiriza isezerano ry’Imana Allah mu gusubiza imbitso, akemera vy’ukuri Imana Allah n’Intumwa zayo akanubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, kuko mu vy’ukuri Imana Allah Irakunda abagamburukiramana bavavanura n’ibangikanyamana hamwe n’ibindi vyaha. info
التفاسير: