وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی

ژمارەی پەڕە:close

external-link copy
133 : 3

۞ وَسَارِعُوٓاْ إِلَىٰ مَغۡفِرَةٖ مِّن رَّبِّكُمۡ وَجَنَّةٍ عَرۡضُهَا ٱلسَّمَٰوَٰتُ وَٱلۡأَرۡضُ أُعِدَّتۡ لِلۡمُتَّقِينَ

Bemeramana! Murahurumbira kwumvira Imana yanyu Rurema Allah n’Intumwa yayo, kugira mugumirizwe akabanga ku vyaha vyanyu ntimubihanirwe, muheze muronswe n’Ubwami bw’ijuru, ubwaguke bwabwo bungana n’amajuru n’isi; bwategekanirijwe abagamburukiramana; info
التفاسير:

external-link copy
134 : 3

ٱلَّذِينَ يُنفِقُونَ فِي ٱلسَّرَّآءِ وَٱلضَّرَّآءِ وَٱلۡكَٰظِمِينَ ٱلۡغَيۡظَ وَٱلۡعَافِينَ عَنِ ٱلنَّاسِۗ وَٱللَّهُ يُحِبُّ ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Barya batanga amatungo yabo mu mahirwe no mu marushwa, abatsinda ishavu bakihangana, hamwe rero n’abagirira ikigongwe abandi mu gihe bashoboye kwihora, ubwo ni bwo bugwaneza nya bugwaneza, burya rero Imana Allah Irakunda abagwaneza; info
التفاسير:

external-link copy
135 : 3

وَٱلَّذِينَ إِذَا فَعَلُواْ فَٰحِشَةً أَوۡ ظَلَمُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ ذَكَرُواْ ٱللَّهَ فَٱسۡتَغۡفَرُواْ لِذُنُوبِهِمۡ وَمَن يَغۡفِرُ ٱلذُّنُوبَ إِلَّا ٱللَّهُ وَلَمۡ يُصِرُّواْ عَلَىٰ مَا فَعَلُواْ وَهُمۡ يَعۡلَمُونَ

Na barya iyo bagize icaha rutura canke bakirenganya mu gukora ivyaha bitobito, bashoka bibuka isezerano ry’Imana Allah bagaca basaba imbabazi ku vyaha vyabo, bizeye ko ata wubabarira ivyaha atari Yo, ntibanatsimbatara ku vyaha bagize kuko bazi ko baramutse bagarutse ku Mana Allah bakigaya Ibababarira; info
التفاسير:

external-link copy
136 : 3

أُوْلَٰٓئِكَ جَزَآؤُهُم مَّغۡفِرَةٞ مِّن رَّبِّهِمۡ وَجَنَّٰتٞ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَاۚ وَنِعۡمَ أَجۡرُ ٱلۡعَٰمِلِينَ

Abo ni bo rero, bagenewe n’Imana yabo Rurema Allah indishi yo kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, hamwe rero n’imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobubamwo ibihe bidahera. Iyo ni yo ndishi nziza rero ibereye abumviramana. info
التفاسير:

external-link copy
137 : 3

قَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلِكُمۡ سُنَنٞ فَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُكَذِّبِينَ

Bemeramana! Aho hambere yanyu, harabaye imigwi y’abantu, abemera muri bo barageragejwe mu kuneshwa igihe bahanganye n’abagarariji, ariko impera n’imperuka bakabatsinda. Kubera ivyo rero, nimugendagende kw’isi mwibuka ivyo, maze mwirabire ivyashikiye abahakanye Imana Allah n’Intumwa zayo [75]. info

[75] Muri iyi Aayah Imana Allah Irahoza abemeramana ku vyabashikiye ku rugamba rwa Uhudi, ko batocika intege kuko impera n’imperuka ni bo benintsinzi.

التفاسير:

external-link copy
138 : 3

هَٰذَا بَيَانٞ لِّلنَّاسِ وَهُدٗى وَمَوۡعِظَةٞ لِّلۡمُتَّقِينَ

Iyi Qor’ani, ni impanuro ku bantu bose bashaka kurongoka, ikaba n’uburongozi n’urwibutso ku bagamburukiramana. info
التفاسير:

external-link copy
139 : 3

وَلَا تَهِنُواْ وَلَا تَحۡزَنُواْ وَأَنتُمُ ٱلۡأَعۡلَوۡنَ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ

Bemeramana! Ntimugacike intege mu kurwanya umwansi wanyu, kandi ntimukicwe n’intuntu ku vyabashikiye ku rugamba rwa Uhudi, kanatsinda ni mwebwe benintsinzi nimwaba mwemera Imana Allah n’Intumwa yayo, munubahiriza n’amabwirizwa yayo; info
التفاسير:

external-link copy
140 : 3

إِن يَمۡسَسۡكُمۡ قَرۡحٞ فَقَدۡ مَسَّ ٱلۡقَوۡمَ قَرۡحٞ مِّثۡلُهُۥۚ وَتِلۡكَ ٱلۡأَيَّامُ نُدَاوِلُهَا بَيۡنَ ٱلنَّاسِ وَلِيَعۡلَمَ ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَيَتَّخِذَ مِنكُمۡ شُهَدَآءَۗ وَٱللَّهُ لَا يُحِبُّ ٱلظَّٰلِمِينَ

Nihaba muri mwebwe harimwo abakomeretse canke abishwe ku rugamba rwa Uhudi, ni ukuri ni nk’uko nyene, no mu babangikanyamana harimwo abakomeretse n’abishwe. Burya imisi Twebwe Allah Dukurakuranya hagati y’abantu irasa ntingana; haba umusi wo gutsinda hakaba n’umusi wo gutsindwa, kugira Imana Allah Yerekane ku vyo Isanzwe Izi abemera vy’ukuri, Yongere Yiharire abayipfira muri mwebwe. Burya rero Imana Allah ntikunda namba abirenganya mu kureka guharanira idini ryayo; info
التفاسير: