وه‌رگێڕانی ماناكانی قورئانی پیرۆز - وەرگێڕاوی كیروندی - یوسف غهيتی

external-link copy
76 : 2

وَإِذَا لَقُواْ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ قَالُوٓاْ ءَامَنَّا وَإِذَا خَلَا بَعۡضُهُمۡ إِلَىٰ بَعۡضٖ قَالُوٓاْ أَتُحَدِّثُونَهُم بِمَا فَتَحَ ٱللَّهُ عَلَيۡكُمۡ لِيُحَآجُّوكُم بِهِۦ عِندَ رَبِّكُمۡۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ

Iyo bahuye n’abemeramana mu bislamu, babaha akarimi gasosa bati: “Twaremeye ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana nk’uko tubisanga muri Tawurati”. Iyo naho biherereye bonyene bakavuga bakeburana mu guhakana bati: “Mbega yemwe mubwira abislamu ivyo Imana Yabigishije muri Tawurati, vyemeza ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana, kugira ngo bazobatsindishe ingingo imbere y’Imana yanyu Rurema Allah! Ubwo ntimwogarura akenge ngo mwiyubare!”. info
التفاسير: