[6] Aya rero, ni yo majambo Imana Allah Yeretse Adamu kugira ayasabishe mu kwigaya, Imana Allah na Yo Iraheza Iramubabarira.
[7] Iyi, ni yo nyambarwa itegetswe itegerezwa kwambarwa kuko ipfuka ubwambure kizira kubugaragaza.
[8] Iyi na yo, ni inyambarwa yo kurenzako ku gushaza, umwe wese yisunze uburyo afise.