ការបកប្រែអត្ថន័យគួរអាន - ការបកប្រែជាភាសាគីរូនឌី - យូសុហ្វ ហ្គីហ៊ីទី

លេខ​ទំព័រ:close

external-link copy
164 : 7

وَإِذۡ قَالَتۡ أُمَّةٞ مِّنۡهُمۡ لِمَ تَعِظُونَ قَوۡمًا ٱللَّهُ مُهۡلِكُهُمۡ أَوۡ مُعَذِّبُهُمۡ عَذَابٗا شَدِيدٗاۖ قَالُواْ مَعۡذِرَةً إِلَىٰ رَبِّكُمۡ وَلَعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ

Ntumwa y'Imana! Ibuka kandi n'igihe umugwi w’abantu muri bo wabwira uwundi mugwi w’abahanura abarenga kw’ibwirizwa ryo kutaroba ku musi w'isabato wubashwe, uti: “Ni kuki muhanura abantu, Imana Allah Izobahonya kw’isi kubera ivyaha bakora, canke Ikazobahana mu buzima bw’inyuma yo gupfa!”. Abahanura abarenga kuri nya bwirizwa, bishuye bati: “Tubahanura twubahiriza ibwirizwa ryo kubwiriza ivyiza n’iryo kubuza ibibi, kugira tuzoronke icireguzo ku Mana yanyu Rurema Allah ko twabahanuye”. Iryo hanurwa ryabo rero, kwari kugira bagamburukire Imana Allah mu kutarenga ku mabwirizwa yayo. info
التفاسير:

external-link copy
165 : 7

فَلَمَّا نَسُواْ مَا ذُكِّرُواْ بِهِۦٓ أَنجَيۡنَا ٱلَّذِينَ يَنۡهَوۡنَ عَنِ ٱلسُّوٓءِ وَأَخَذۡنَا ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ بِعَذَابِۭ بَـِٔيسِۭ بِمَا كَانُواْ يَفۡسُقُونَ

Umugwi w’abarenga kw’ibwirizwa ryo kutaroba ku musi w'isabato, umaze gufata minenegwe ivyo wibutswa ukarendegera mu gucumura, Twebwe Allah Twararokoye mu bihano ababuza abandi gukora icaha co kurenga ku mabwirizwa, Turaheza Duha ibihano bibabaza abirenganije mu kurenga kw’ibwirizwa ryo kutaroba ku musi w’isabato, kubera ubugaba bwabo bwo kurenga ku mabwirizwa yacu. info
التفاسير:

external-link copy
166 : 7

فَلَمَّا عَتَوۡاْ عَن مَّا نُهُواْ عَنۡهُ قُلۡنَا لَهُمۡ كُونُواْ قِرَدَةً خَٰسِـِٔينَ

Bamaze kurendegera rero mu kurenga ku vyo babujijwe, bagashishikara baroba ku musi w’isabato, Imana Allah Yababwiye Iti: “Nimuhinduke rero inkende musuzugurike”, bashoka bacika inkende. info
التفاسير:

external-link copy
167 : 7

وَإِذۡ تَأَذَّنَ رَبُّكَ لَيَبۡعَثَنَّ عَلَيۡهِمۡ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ مَن يَسُومُهُمۡ سُوٓءَ ٱلۡعَذَابِۗ إِنَّ رَبَّكَ لَسَرِيعُ ٱلۡعِقَابِ وَإِنَّهُۥ لَغَفُورٞ رَّحِيمٞ

Ntumwa y’Imana! Ibuka n'igihe Imana yawe Rurema Allah Yamenyesha icese, ko Itegerezwa kurungikira abayahudi uwuzobaha ibihano vy'akataraboneka, bagasuzugurika gushika ku musi w’umuhero w’isi. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah ni ukuri Irananyarutsa mu guhana ibigaba mu biremwa. Ni ukuri rero, ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya; Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
168 : 7

وَقَطَّعۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ أُمَمٗاۖ مِّنۡهُمُ ٱلصَّٰلِحُونَ وَمِنۡهُمۡ دُونَ ذَٰلِكَۖ وَبَلَوۡنَٰهُم بِٱلۡحَسَنَٰتِ وَٱلسَّيِّـَٔاتِ لَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ

Bene Israyeli Twaranabaciyemwo imigwimigwi Tubanyanyagiza kw’isi; muri bo rero, harimwo abagororotsi bubaha bakubahiriza agateka k’Imana Allah n’agateka k’ibiremwa, hakabamwo n’abandi birenganya mu kutubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah. Abo rero, Twarabagerageje ku kuroranirwa bakoroherwa mu buzima, Twaranabagerageje no ku magorwa n’amaganya kugira bagaruke bigaye ku Mana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
169 : 7

فَخَلَفَ مِنۢ بَعۡدِهِمۡ خَلۡفٞ وَرِثُواْ ٱلۡكِتَٰبَ يَأۡخُذُونَ عَرَضَ هَٰذَا ٱلۡأَدۡنَىٰ وَيَقُولُونَ سَيُغۡفَرُ لَنَا وَإِن يَأۡتِهِمۡ عَرَضٞ مِّثۡلُهُۥ يَأۡخُذُوهُۚ أَلَمۡ يُؤۡخَذۡ عَلَيۡهِم مِّيثَٰقُ ٱلۡكِتَٰبِ أَن لَّا يَقُولُواْ عَلَى ٱللَّهِ إِلَّا ٱلۡحَقَّ وَدَرَسُواْ مَا فِيهِۗ وَٱلدَّارُ ٱلۡأٓخِرَةُ خَيۡرٞ لِّلَّذِينَ يَتَّقُونَۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ

Ababasubiriye mu nyuma y’aho barangwa n’ububi kurusha, batoranye Igitabu baragisoma baranagitahura, baraheza baca kubiri n’ingingo zaco, bakira ivyo bahawe biciriritse mu vy’isi nka ruswa n’ibindi kubera inambu, bakavuga bisigura bati: “Tuzobabarirwa n’Imana Allah ibicumuro vyacu”; n’iyo bahawe mu bisanzwe biziririjwe kuri bo, baravyakira ata co binona! Mbega ntibahawe isezerano rihambaye ryo gufata nkama Tawurati bakayigendera, n’iry’uko batovuga ku vyerekeye Imana Allah kiretse ukuri! Baratahuye rero ibiri muri Tawurati hanyuma barabirengako, barenga no kw’isezerano. Burya ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ni bwo bwiza ku bantu bagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mbega ntimugira ubwenge ngo mutahure ko indishi iri ku Mana Allah ibarutira amaronko y’isi! info
التفاسير:

external-link copy
170 : 7

وَٱلَّذِينَ يُمَسِّكُونَ بِٱلۡكِتَٰبِ وَأَقَامُواْ ٱلصَّلَوٰةَ إِنَّا لَا نُضِيعُ أَجۡرَ ٱلۡمُصۡلِحِينَ

Abafata nkama Igitabu ca Tawurati bakanubahiriza amabwirizwa n’izindi ngingo zirimwo, bakanatsimbataza amasengesho ku mwanya wayo, ni ukuri Twebwe Allah Tuzobahembera ivyo bakoze, ntitwigera Dutakaza namba indishi z’abatunganya neza ibikorwa vyabo. info
التفاسير: