[1] Igitungwa capfuye kidakerewe mu buryo bwemewe mu bwislamu.
[2] Ikiremve, ni ubuseri, na bwo ni amaraso y’igitungwa atetswe, yaba ari ay’icakerewe canke icarashwe kikavomwa amaraso.
[3] Mu gihe c’ishengerera canke c’igendera ry’ingoro ntagatifu.
[4] Iyi ngingo yo kutarwana muri ayo mezi matagatifu, yarubahirizwa n’imbere yuko ubwislamu buyigira ibwirizwa.
[5] Ayo mezi, ni ukwezi kwa 11 kwa Dhu l-Qa’da, n’ukwa 12 kwa Dhu l-Hijja, n’ukwa 1 kwa Muharram, hamwe rero n’ukwa 7 kwa Rajab mu kirangamisi c’ikislamu.
[6] Mu mwaka witiriwe amasezerano ya Al-Hudaybiyya.