আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

Al-Maa-ida

external-link copy
1 : 5

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَوۡفُواْ بِٱلۡعُقُودِۚ أُحِلَّتۡ لَكُم بَهِيمَةُ ٱلۡأَنۡعَٰمِ إِلَّا مَا يُتۡلَىٰ عَلَيۡكُمۡ غَيۡرَ مُحِلِّي ٱلصَّيۡدِ وَأَنتُمۡ حُرُمٌۗ إِنَّ ٱللَّهَ يَحۡكُمُ مَا يُرِيدُ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwubahirize amasezerano y’Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mu kubungabunga no gushikiriza imbitso bene zo; mwubahiriza n’amasezerano y’ubuguzi hagati yanyu, n’ay’ibindi bidaciye kubiri n’ingingo ziri mu Gitabu ca Qor’ani no mu nyigisho n’imigenzo vy’intumwa. Mwaraziruriwe gufungura inyama za bimwe mu bitungwa, na zo ni inyama y’ingamiya, iy’inka n’iy’intungwa, havuyemwo ivyo mwatomorewe n’Imana Allah ko bizira gufungurwa mu ntumvyi[1], ikiremve [2] n’ibindi, kugira uruhigi mu gihe mwamaze kuzirikana ishengerera canke igendera ry’ingoro ntagatifu mukambara n’urubega, canke muri mu karere gatagatifu ka Makka. Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibwiriza ivyo Ishaka mu ntumbero nziza kandi itunganye. info

[1] Igitungwa capfuye kidakerewe mu buryo bwemewe mu bwislamu.
[2] Ikiremve, ni ubuseri, na bwo ni amaraso y’igitungwa atetswe, yaba ari ay’icakerewe canke icarashwe kikavomwa amaraso.

التفاسير:

external-link copy
2 : 5

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تُحِلُّواْ شَعَٰٓئِرَ ٱللَّهِ وَلَا ٱلشَّهۡرَ ٱلۡحَرَامَ وَلَا ٱلۡهَدۡيَ وَلَا ٱلۡقَلَٰٓئِدَ وَلَآ ءَآمِّينَ ٱلۡبَيۡتَ ٱلۡحَرَامَ يَبۡتَغُونَ فَضۡلٗا مِّن رَّبِّهِمۡ وَرِضۡوَٰنٗاۚ وَإِذَا حَلَلۡتُمۡ فَٱصۡطَادُواْۚ وَلَا يَجۡرِمَنَّكُمۡ شَنَـَٔانُ قَوۡمٍ أَن صَدُّوكُمۡ عَنِ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ أَن تَعۡتَدُواْۘ وَتَعَاوَنُواْ عَلَى ٱلۡبِرِّ وَٱلتَّقۡوَىٰۖ وَلَا تَعَاوَنُواْ عَلَى ٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡعُدۡوَٰنِۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَۖ إِنَّ ٱللَّهَ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukarenge ku mabwirizwa y’Imana Allah no ku bimenyetso vyo kuyubaha[3]; ntimukanarwane[4] mu mezi matagatifu[5]; ntimukihe na kimwe ku mbagwa; ntimukihagire imbagwa mu bitungwa vyagenewe abakene basanzwe bacumbitse i Makka; ntimukarwanye abaje bagana ingoro ntagatifu barondera impano mu vyobabeshaho bivuye ku Mana yabo Rurema Allah bikanayishimisha. Nimwamara kurekurirwa kugira ivyari bibujijwe mu gihe mwambaye urubega, muzoba murekuriwe kugira uruhigi. Urwanko mufitiye abigeze kubabuza kwinjira i Makka [6], ntiruzobabuze kubatunganiriza. Bemeramana! Muraheza rero mufashanye gukora ivyiza n’ibikorwa vy’igamburukiramana, ntimugafashanye gukora ibituma mugwa mu vyaha no kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, muheze rero kandi mwiyubare guca kubiri n’amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irahana Igahasha abaca kubiri n'amabwirizwa yayo. info

[3] Mu gihe c’ishengerera canke c’igendera ry’ingoro ntagatifu.
[4] Iyi ngingo yo kutarwana muri ayo mezi matagatifu, yarubahirizwa n’imbere yuko ubwislamu buyigira ibwirizwa.
[5] Ayo mezi, ni ukwezi kwa 11 kwa Dhu l-Qa’da, n’ukwa 12 kwa Dhu l-Hijja, n’ukwa 1 kwa Muharram, hamwe rero n’ukwa 7 kwa Rajab mu kirangamisi c’ikislamu.
[6] Mu mwaka witiriwe amasezerano ya Al-Hudaybiyya.

التفاسير: