クルアーンの対訳 - キルンディ語対訳 - Yusuf Ghayiti

ページ番号:close

external-link copy
118 : 9

وَعَلَى ٱلثَّلَٰثَةِ ٱلَّذِينَ خُلِّفُواْ حَتَّىٰٓ إِذَا ضَاقَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلۡأَرۡضُ بِمَا رَحُبَتۡ وَضَاقَتۡ عَلَيۡهِمۡ أَنفُسُهُمۡ وَظَنُّوٓاْ أَن لَّا مَلۡجَأَ مِنَ ٱللَّهِ إِلَّآ إِلَيۡهِ ثُمَّ تَابَ عَلَيۡهِمۡ لِيَتُوبُوٓاْۚ إِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلتَّوَّابُ ٱلرَّحِيمُ

Vyongeye, Imana Allah Yarumviye Igirira n'ikigongwe abantu batatu[35] mu basangwa basivye ku rugamba rwa Tabuuki, hanyuma baratuntura ku mutima gushika n’aho isi ibagira kandi isanzwe yagutse kubera agahinda n’ukwicuza, barabura iyo baja n’iyo bava, baraheza baramenya ata gukekeranya ko ata buhungiro bafise kiretse ku Mana Allah. Ni ho rero mu nyuma Imana Allah Yabumvira, Iraheza Irabashoboza kwigaya kuri Yo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info

[35] Ari bo MURARA mwene Al-Rabii’i, KA’B mwene Maalik na Hilaali mwene Umayya.

التفاسير:

external-link copy
119 : 9

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَكُونُواْ مَعَ ٱلصَّٰدِقِينَ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kandi mwame na ntaryo muri kumwe n’imvugakuri. info
التفاسير:

external-link copy
120 : 9

مَا كَانَ لِأَهۡلِ ٱلۡمَدِينَةِ وَمَنۡ حَوۡلَهُم مِّنَ ٱلۡأَعۡرَابِ أَن يَتَخَلَّفُواْ عَن رَّسُولِ ٱللَّهِ وَلَا يَرۡغَبُواْ بِأَنفُسِهِمۡ عَن نَّفۡسِهِۦۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ لَا يُصِيبُهُمۡ ظَمَأٞ وَلَا نَصَبٞ وَلَا مَخۡمَصَةٞ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَلَا يَطَـُٔونَ مَوۡطِئٗا يَغِيظُ ٱلۡكُفَّارَ وَلَا يَنَالُونَ مِنۡ عَدُوّٖ نَّيۡلًا إِلَّا كُتِبَ لَهُم بِهِۦ عَمَلٞ صَٰلِحٌۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُضِيعُ أَجۡرَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Ntivyari bibereye na gato ko abantu baba mu gisagara ca Madina n'ababa mu micungararo yaco, basiba ku rugamba ngo ntibajane n’Intumwa y’Imana Allah (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); eka ntibari no gushima kuruhuka mu zabo mu gihe Intumwa y’Imana iri ku muruho w’urugamba. Ivyo rero vyatewe n’uko batigera bashikirwa n’inyota, umuruho canke inzara mu gihe bari mu nzira yo guharanira idini ry’Imana Allah, eka ntibanaca ahantu bigashavuza abagarariji ko bahaciye, eka ntibigera bananesha canke ngo bice umwansi, kiretse ko kuri ivyo vyose, bandikirwa n’Imana Allah indishi y’ibikorwa vyiza. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntitakaza namba indishi z’abagwaneza; info
التفاسير:

external-link copy
121 : 9

وَلَا يُنفِقُونَ نَفَقَةٗ صَغِيرَةٗ وَلَا كَبِيرَةٗ وَلَا يَقۡطَعُونَ وَادِيًا إِلَّا كُتِبَ لَهُمۡ لِيَجۡزِيَهُمُ ٱللَّهُ أَحۡسَنَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Ntibanatanga bike canke vyinshi ku bw’Imana Allah, nta n'akabande barengana bagiye guharanira idini ry’Imana Allah, kiretse ko babihemberwa, kugira Imana Allah Ibahe indishi nziza ibereye gusumba. info
التفاسير:

external-link copy
122 : 9

۞ وَمَا كَانَ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ لِيَنفِرُواْ كَآفَّةٗۚ فَلَوۡلَا نَفَرَ مِن كُلِّ فِرۡقَةٖ مِّنۡهُمۡ طَآئِفَةٞ لِّيَتَفَقَّهُواْ فِي ٱلدِّينِ وَلِيُنذِرُواْ قَوۡمَهُمۡ إِذَا رَجَعُوٓاْ إِلَيۡهِمۡ لَعَلَّهُمۡ يَحۡذَرُونَ

Ntivyari na ngombwa rero ko abemeramana bagira rimwe bose ku rugamba, nk’uko bitari vyo ko basibira rimwe bose. Ese iyo hagira abaja ku rugamba bakwiye, bavuye mu migwi yose, hakagira rero n’abasiba ku rugamba kugira baronke akaryo ko kwiga idini, gutyo bakazogabisha benewabo ku bihano vy’Imana Allah igihe basubiye inyuma, kugira ngo biyubare ibihano vyayo. info
التفاسير: