クルアーンの対訳 - キルンディ語対訳 - Yusuf Ghayiti

An-Najm

external-link copy
1 : 53

وَٱلنَّجۡمِ إِذَا هَوَىٰ

Jewe Allah, Ndarahiye ku nyenyeri iyo zirenze; info
التفاسير:

external-link copy
2 : 53

مَا ضَلَّ صَاحِبُكُمۡ وَمَا غَوَىٰ

Ko umugenzi wanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), atigeze ahuba namba inzira y’ukuri; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 53

وَمَا يَنطِقُ عَنِ ٱلۡهَوَىٰٓ

Kandi ntavuga yisunze ivyipfuzo vyiwe; info
التفاسير:

external-link copy
4 : 53

إِنۡ هُوَ إِلَّا وَحۡيٞ يُوحَىٰ

Qor’ani n’imigenzo yiwe, si ikindi kiretse ko ari ihishurwa yahishuriwe n’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 53

عَلَّمَهُۥ شَدِيدُ ٱلۡقُوَىٰ

Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yigishijwe n’umumalayika Jibrili arangwa n’inguvu nta ngere; info
التفاسير:

external-link copy
6 : 53

ذُو مِرَّةٖ فَٱسۡتَوَىٰ

Afise n’indemo nziza ibereye ijisho igihe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), amubona ukuri kwamye; info
التفاسير:

external-link copy
7 : 53

وَهُوَ بِٱلۡأُفُقِ ٱلۡأَعۡلَىٰ

Ari mu kirere hejuru ku rugero rw’aho izuba riserukira; info
التفاسير:

external-link copy
8 : 53

ثُمَّ دَنَا فَتَدَلَّىٰ

Hanyuma rero, ni ho umumalayika Jibrili yegera aho Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iri, maze arasubira arayegera hafi cane; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 53

فَكَانَ قَابَ قَوۡسَيۡنِ أَوۡ أَدۡنَىٰ

Gushika n’aho aba hafi yayo nka kurya kw’amasonga abiri y’umuheto canke mbere hafi cane kurusha (nka kurya kw’umunwa n’izuru); info
التفاسير:

external-link copy
10 : 53

فَأَوۡحَىٰٓ إِلَىٰ عَبۡدِهِۦ مَآ أَوۡحَىٰ

Aho rero, ni ho Imana Allah Yahishurira Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ivyo Yamuhishuriye Ibicishije ku mumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah); info
التفاسير:

external-link copy
11 : 53

مَا كَذَبَ ٱلۡفُؤَادُ مَا رَأَىٰٓ

Umushaha wa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), eka ntiwigeze uhinyuza ico yiboneye n’amaso yiwe. info
التفاسير:

external-link copy
12 : 53

أَفَتُمَٰرُونَهُۥ عَلَىٰ مَا يَرَىٰ

Mbega mubeshuza Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), mukamuhaririza ku vyo abona mu vyemezo vy’Imana Allah! info
التفاسير:

external-link copy
13 : 53

وَلَقَدۡ رَءَاهُ نَزۡلَةً أُخۡرَىٰ

Ni ukuri, yarabonye umumalayika Jibrili ubugira kabiri ukuri kwamye; info
التفاسير:

external-link copy
14 : 53

عِندَ سِدۡرَةِ ٱلۡمُنتَهَىٰ

Ahari igiti ca Sidri mw’ijuru ry’indwi, akaba ari na ho ibiduzwa biva kw’isi n’ibimanuka biva hejuru biherera; info
التفاسير:

external-link copy
15 : 53

عِندَهَا جَنَّةُ ٱلۡمَأۡوَىٰٓ

Aho ni ho hari Ubwami bw’ijuru bwasezeraniwe abagamburukiramana; info
التفاسير:

external-link copy
16 : 53

إِذۡ يَغۡشَى ٱلسِّدۡرَةَ مَا يَغۡشَىٰ

Igihe ico giti ca Sidri kibonekeyemwo ivyerekana ububasha buhambaye bw’Imana Allah, ata n’umwe ashobora kumenya ukungene buteye atari Imana Allah gusa; info
التفاسير:

external-link copy
17 : 53

مَا زَاغَ ٱلۡبَصَرُ وَمَا طَغَىٰ

Muri ico gihe, Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaranzwe n’ubugamburutsi nya bwo, ntiyigeze akebaguzwa iburyo canke ibubamfu, ntiyanarengereye kuraba ivyo atarekuriwe; info
التفاسير:

external-link copy
18 : 53

لَقَدۡ رَأَىٰ مِنۡ ءَايَٰتِ رَبِّهِ ٱلۡكُبۡرَىٰٓ

Ni ukuri mw’ijoro ryo kuduzwa mw’ijuru, yarabonye Aayah n’ivyemezo bikurubikuru vy’Imana yiwe Rurema Allah, vyerekana ububasha n’ubushobozi vyayo; nk’Ubwami bw’ijuru, umuriro, n’ibindi. info
التفاسير:

external-link copy
19 : 53

أَفَرَءَيۡتُمُ ٱللَّٰتَ وَٱلۡعُزَّىٰ

Babangikanyamana! Murabona imana zanyu musenga; Laata na Uzzaa; info
التفاسير:

external-link copy
20 : 53

وَمَنَوٰةَ ٱلثَّالِثَةَ ٱلۡأُخۡرَىٰٓ

Hamwe na Manaata igira gatatu, mbega zoba hari ico zimaze canke zica ku buryo zobangikanywa n’Imana Allah! info
التفاسير:

external-link copy
21 : 53

أَلَكُمُ ٱلذَّكَرُ وَلَهُ ٱلۡأُنثَىٰ

Bishoboka gute ko mwigenera umwana w’umuhungu ku rukundo mufitiye abahungu, mukubahuka kwomekera umwana w’umukobwa ku Mana Allah, mu vyo mwibwira ku rwanko gusa mufitiye abakobwa! info
التفاسير:

external-link copy
22 : 53

تِلۡكَ إِذٗا قِسۡمَةٞ ضِيزَىٰٓ

Iryo rero, ni ryo gaburwa ry’akarenganyo koko. info
التفاسير:

external-link copy
23 : 53

إِنۡ هِيَ إِلَّآ أَسۡمَآءٞ سَمَّيۡتُمُوهَآ أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُم مَّآ أَنزَلَ ٱللَّهُ بِهَا مِن سُلۡطَٰنٍۚ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّ وَمَا تَهۡوَى ٱلۡأَنفُسُۖ وَلَقَدۡ جَآءَهُم مِّن رَّبِّهِمُ ٱلۡهُدَىٰٓ

Ivyo bigirwamana, si ikindi kiretse ko ari amazina mwapfundikanije murarementanya mwebwe hamwe na ba so banyu. Nta n’aho Imana Allah, Yigeze Imanura n’icemezo na kimwe cemeza ivyo mwibwira. Ababangikanyamana rero, nta co bakurikira kiretse ugukekeranya hamwe n’ivyipfuzo vyabo. Ni ukuri, barashikiriwe n’uburongozi buvuye ku Mana yabo Rurema Allah, Yaburungikanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ariko nta co bwabamariye. info
التفاسير:

external-link copy
24 : 53

أَمۡ لِلۡإِنسَٰنِ مَا تَمَنَّىٰ

Umuntu, ntazoronka ivugirwa yipfuza kuri ivyo bigirwamana canke ku bindi; info
التفاسير:

external-link copy
25 : 53

فَلِلَّهِ ٱلۡأٓخِرَةُ وَٱلۡأُولَىٰ

Imana Allah, ni Yo Nyeningingo yubahirizwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 53

۞ وَكَم مِّن مَّلَكٖ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ لَا تُغۡنِي شَفَٰعَتُهُمۡ شَيۡـًٔا إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ أَن يَأۡذَنَ ٱللَّهُ لِمَن يَشَآءُ وَيَرۡضَىٰٓ

Hari benshi mu bamalayika bari mu majuru hamwe n’icubahiro bafise, ivugira ryabo ata na kimwe rizomara, kiretse inyuma y’aho Imana Allah Izorekurira uwo Ishatse muri bo ngo hagire uwo avugiye, hanyuma Ikanishimira n’uwuvugiwe. info
التفاسير:

external-link copy
27 : 53

إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ لَيُسَمُّونَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ تَسۡمِيَةَ ٱلۡأُنثَىٰ

Mu vy’ukuri, abatemera ubuzima bw’inyuma yo gupfa ko bubaho ngo babwitegurire, ni ukuri, ku kwemera kwabo kw’ibintazi, bita abamalayika abakobwa kuko bibwira ko ari abana b’Imana Allah b’abakobwa; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 53

وَمَا لَهُم بِهِۦ مِنۡ عِلۡمٍۖ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّۖ وَإِنَّ ٱلظَّنَّ لَا يُغۡنِي مِنَ ٱلۡحَقِّ شَيۡـٔٗا

Nta n’ubumenyi bafise bwemeza ko abamalayika ari abakobwa b’Imana Allah; ntibanakurikira, kiretse ugukekeranya gusa, kandi rero burya mu vy’ukuri, ugukekeranya ntigusubirira ukuri na gato. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 53

فَأَعۡرِضۡ عَن مَّن تَوَلَّىٰ عَن ذِكۡرِنَا وَلَمۡ يُرِدۡ إِلَّا ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا

Ntumwa y’Imana! Irengagize ubirabishe amaso. Uwugenza umugongo yirengagiza urwibutso rwacu rwa Qor’ani, nta kindi arondera kiretse ubuzima bwo kw’isi; info
التفاسير:

external-link copy
30 : 53

ذَٰلِكَ مَبۡلَغُهُم مِّنَ ٱلۡعِلۡمِۚ إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱهۡتَدَىٰ

Aho ni ho ubumenyi bwabo bugera. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza uwahuvye inzira y’ukuri, ni na Yo Izi neza kandi uwakurikiye inzira y’ubwislamu[1]. info

[1] Muri iyi Aayah, Imana Allah Yihaniza ibigaba vyirengagiza kwubahiriza Igitabu cayo no kugendera imigenzo y’Intumwa yayo, maze bigahitamwo kwubahiriza ivyipfuzo vyavyo no guhurumbira ibihendamaso vy’isi ha guhurumbira ubuzima bw’inyuma yo gupfa.

التفاسير:

external-link copy
31 : 53

وَلِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ لِيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَسَٰٓـُٔواْ بِمَا عَمِلُواْ وَيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ بِٱلۡحُسۡنَى

Imana Allah, ni na Yo rero Rugaba, Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi, kugira Ihanire abakoze nabi ku vyo bakoze, Iheze Ihembe abakoze neza Ubwami bw’ijuru; info
التفاسير:

external-link copy
32 : 53

ٱلَّذِينَ يَجۡتَنِبُونَ كَبَٰٓئِرَ ٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡفَوَٰحِشَ إِلَّا ٱللَّمَمَۚ إِنَّ رَبَّكَ وَٰسِعُ ٱلۡمَغۡفِرَةِۚ هُوَ أَعۡلَمُ بِكُمۡ إِذۡ أَنشَأَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ وَإِذۡ أَنتُمۡ أَجِنَّةٞ فِي بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمۡۖ فَلَا تُزَكُّوٓاْ أَنفُسَكُمۡۖ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱتَّقَىٰٓ

Abirinda gukora ivyaha rutura be n’ibicumuro, kiretse ibicumuro bitobito bidakorwa n’ibigirankana canke bigakorwa gake kabaho, ivyo biraheza bigahunguruka mu gihe umuntu yubahirije amabwirizwa y’ibisabwa n’ibibujijwe gukora; mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Iragumiriza akabanga umuntu Ikamubabarira ibicumuro, ni na Yo rero Izi cane ukuntu mubayeho kuva aho Iremeye so wanyu Adamu mw’ivu, n’igihe muba mukiri mu mbanyi z’abavyeyi banyu. Ntimukiyeze rero ko muri abagamburutsi, burya Imana Allah, ni Yo Izi na canecane uwikingira ibihano vyayo mu kwirinda gukora ibibujijwe. info
التفاسير:

external-link copy
33 : 53

أَفَرَءَيۡتَ ٱلَّذِي تَوَلَّىٰ

Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye uwugenza umugongo akirengagiza igamburukiramana! info
التفاسير:

external-link copy
34 : 53

وَأَعۡطَىٰ قَلِيلٗا وَأَكۡدَىٰٓ

Maze agatanga dukeya mu matungo yiwe, hanyuma agateba agaheba gutanga n’utwo dukeya; info
التفاسير:

external-link copy
35 : 53

أَعِندَهُۥ عِلۡمُ ٱلۡغَيۡبِ فَهُوَ يَرَىٰٓ

Mbega yoba azi mu binyegejwe ibiremwa, ko amatungo yiwe azoteba agahera n’aho yoheba gutanga, akazovyibonera n’amaso! Uko yiyumvira si ko biri. Ahubwo areka gutanga, kuko ari impfumbasi ruhebwa; info
التفاسير:

external-link copy
36 : 53

أَمۡ لَمۡ يُنَبَّأۡ بِمَا فِي صُحُفِ مُوسَىٰ

Mbega ntiyabwiwe ibiri muri Tawurati ya Musa; info
التفاسير:

external-link copy
37 : 53

وَإِبۡرَٰهِيمَ ٱلَّذِي وَفَّىٰٓ

N’ibiri mu Mizingo ya Ibrahimu yubahirije ishirwa mu ngiro ry’ivyo yategetswe! info
التفاسير:

external-link copy
38 : 53

أَلَّا تَزِرُ وَازِرَةٞ وِزۡرَ أُخۡرَىٰ

Ko ata muntu azohanirwa icaha ca mugenziwe, akazobazwa ku vyo yakoze ku gatwe kiwe; info
التفاسير:

external-link copy
39 : 53

وَأَن لَّيۡسَ لِلۡإِنسَٰنِ إِلَّا مَا سَعَىٰ

N’uko umuntu atazohemberwa, kiretse ico yaranguye we nyene; info
التفاسير:

external-link copy
40 : 53

وَأَنَّ سَعۡيَهُۥ سَوۡفَ يُرَىٰ

N’uko indishi y’ivyo yaranguye izoboneka mu buzima bw’inyuma yo gupfa; info
التفاسير:

external-link copy
41 : 53

ثُمَّ يُجۡزَىٰهُ ٱلۡجَزَآءَ ٱلۡأَوۡفَىٰ

Hanyuma akazohemberwa ivyo yaranguye ata kigabanijweko; info
التفاسير:

external-link copy
42 : 53

وَأَنَّ إِلَىٰ رَبِّكَ ٱلۡمُنتَهَىٰ

N’uko iherezo ry’ibiremwa vyose ku musi w’izuka, ari ku Mana yawe Rurema Allah; info
التفاسير:

external-link copy
43 : 53

وَأَنَّهُۥ هُوَ أَضۡحَكَ وَأَبۡكَىٰ

N’uko Imana Allah ari Yo Ituma uwutwenga, atwenga iyo hagize ikimunezereye; Igatuma n’uwurira, arira iyo hagize ikimubabaza; info
التفاسير:

external-link copy
44 : 53

وَأَنَّهُۥ هُوَ أَمَاتَ وَأَحۡيَا

N’uko ari Yo Yaka ubuzima uwo Ishatse hageze gupfa, agapfa; Igaha n’ubuzima uwo Ishatse, akabaho; info
التفاسير:

external-link copy
45 : 53

وَأَنَّهُۥ خَلَقَ ٱلزَّوۡجَيۡنِ ٱلذَّكَرَ وَٱلۡأُنثَىٰ

N’uko Yaremye mu bantu no mu binyabuzima ibitsina bibiribibiri: igitsina-gabo n’igitsina-gore; info
التفاسير:

external-link copy
46 : 53

مِن نُّطۡفَةٍ إِذَا تُمۡنَىٰ

Ikabirema mu ntanga zisunitswe mu gitereko; info
التفاسير:

external-link copy
47 : 53

وَأَنَّ عَلَيۡهِ ٱلنَّشۡأَةَ ٱلۡأُخۡرَىٰ

N’uko Imana Allah Izosubiza kandi ubuzima ibiremwa, maze bikazuka ku musi w’izuka; info
التفاسير:

external-link copy
48 : 53

وَأَنَّهُۥ هُوَ أَغۡنَىٰ وَأَقۡنَىٰ

N’uko ari Yo Ikenura ibiremwa, maze bigatunga bigatunganirwa; info
التفاسير:

external-link copy
49 : 53

وَأَنَّهُۥ هُوَ رَبُّ ٱلشِّعۡرَىٰ

N’uko ari Yo Rurema Yaremye inyenyeri yakaka[655]; info

[655] Ni inyenyeri yakaka, Abarabu bahora basenga mu gishingo c’Imana Allah imbere y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

التفاسير:

external-link copy
50 : 53

وَأَنَّهُۥٓ أَهۡلَكَ عَادًا ٱلۡأُولَىٰ

N’uko ari Yo Yahoneje Bene Aadi barungikiwe Huudi; info
التفاسير:

external-link copy
51 : 53

وَثَمُودَاْ فَمَآ أَبۡقَىٰ

Ihonya na Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe. Abo bose rero, Yabahonereje rimwe, nta n’igisanira casigaye; info
التفاسير:

external-link copy
52 : 53

وَقَوۡمَ نُوحٖ مِّن قَبۡلُۖ إِنَّهُمۡ كَانُواْ هُمۡ أَظۡلَمَ وَأَطۡغَىٰ

Yahoneje n’abantu barungikiwe Nuhu hambere ya Bene Aadi na Bene Thamuudi. Mu vy’ukuri abo bose, bari n’abantu bimonogoje mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah kurusha abakurikiye mu nyuma. info
التفاسير:

external-link copy
53 : 53

وَٱلۡمُؤۡتَفِكَةَ أَهۡوَىٰ

N’abantu bo mu bisagara vyimonogoje mu bugaba rero, Imana Allah Yarabibubitseko, maze Ibafuririra mu kuzimu; info
التفاسير:

external-link copy
54 : 53

فَغَشَّىٰهَا مَا غَشَّىٰ

Iraheza Ibakurikiza n’amabuye y’urutavanako yahanantutse mu kirere nk’imvura. info
التفاسير:

external-link copy
55 : 53

فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكَ تَتَمَارَىٰ

Muntu uhakana! None, ni iyihe nema mu nema z’Imana yawe Rurema Allah, ufiseko amakenga! info
التفاسير:

external-link copy
56 : 53

هَٰذَا نَذِيرٞ مِّنَ ٱلنُّذُرِ ٱلۡأُولَىٰٓ

Ng’uyu rero Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Umugabisha w’ukuri ku vyo n’Abavugishwamana bo hambere yiwe bagabishijeko abo barungitsweko. Ntabwo rero ari icaduka mu Ntumwa. info
التفاسير:

external-link copy
57 : 53

أَزِفَتِ ٱلۡأٓزِفَةُ

Umuhero w’isi, vuba bwango ugiye gushika; info
التفاسير:

external-link copy
58 : 53

لَيۡسَ لَهَا مِن دُونِ ٱللَّهِ كَاشِفَةٌ

Nta wushobora kubuza canke ngo amenye isango uzoshikirako atari Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
59 : 53

أَفَمِنۡ هَٰذَا ٱلۡحَدِيثِ تَعۡجَبُونَ

Babangikanyamana! Mbega mutangazwa n’uko iyi Qor’ani yoba koko ari ukuri; info
التفاسير:

external-link copy
60 : 53

وَتَضۡحَكُونَ وَلَا تَبۡكُونَ

Mukanatwenga muyiteburako, ha kurira kw’igabishwa ririmwo ku bihano bibarindiriye; info
التفاسير:

external-link copy
61 : 53

وَأَنتُمۡ سَٰمِدُونَ

Mukabandanya mufyinata munayirengagiza! info
التفاسير:

external-link copy
62 : 53

فَٱسۡجُدُواْۤ لِلَّهِۤ وَٱعۡبُدُواْ۩

Enda rero nyabuna nimwubamire Imana Allah mu gushira uruhanga hasi, mweze n’ivyo mukora vyose mu kuyiyegereza ku bwayo[2]. info

[2] Iyo uhejeje gusoma iyi Aayah ugashika ku mpera, uca wubamira Imana Allah.

التفاسير: