クルアーンの対訳 - キルンディ語対訳 - Yusuf Ghayiti

ページ番号:close

external-link copy
23 : 34

وَلَا تَنفَعُ ٱلشَّفَٰعَةُ عِندَهُۥٓ إِلَّا لِمَنۡ أَذِنَ لَهُۥۚ حَتَّىٰٓ إِذَا فُزِّعَ عَن قُلُوبِهِمۡ قَالُواْ مَاذَا قَالَ رَبُّكُمۡۖ قَالُواْ ٱلۡحَقَّۖ وَهُوَ ٱلۡعَلِيُّ ٱلۡكَبِيرُ

Nta vugira ry’umuvugizi rizogira ico rimariye ikiremwa ku Mana Allah, kiretse ivugira ry’uwurekuriwe na Yo. Iyo rero Imana Allah Ihishuye amajambo yayo, maze ibiremwa vyo mu majuru bikumva nya hishurwa, birahinda agashitsi bikanahakwa kugwa igihumura ku kuyubaha. Bimaze rero guturura bigatekana, umutima ugasubira mu nda, bica bibazanya hagati yavyo biti: “Mbega yemwe! Aha munyumvira Imana yanyu Rurema Allah Ihishuye Ivuga iki?”. Abamalayika bagaca bishura bavuga bati: “Yahishuye Ivuga ukuri kudahinyuzwa, kandi ni Yo Nyenicubahiro-ntangere, Nyenubukuru”. info
التفاسير:

external-link copy
24 : 34

۞ قُلۡ مَن يَرۡزُقُكُم مِّنَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ قُلِ ٱللَّهُۖ وَإِنَّآ أَوۡ إِيَّاكُمۡ لَعَلَىٰ هُدًى أَوۡ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni nde Abaronsa ibibabeshaho biturutse ku mvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere; n’ibiva mw’isi mu bimera hamwe n’ubutare, n’ibindi n’ibindi!”. Bazoheza bishure ata gukekereza ko ari Imana Allah. Nibatishura kubera ubugugu bwabo, urababwira uti: “Ni Imana Allah Ibaronsa ibibabeshaho; kandi mu vy’ukuri, hagati yacu, harimwo umugwi uri mu burongozi canke uri mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri”. info
التفاسير:

external-link copy
25 : 34

قُل لَّا تُسۡـَٔلُونَ عَمَّآ أَجۡرَمۡنَا وَلَا نُسۡـَٔلُ عَمَّا تَعۡمَلُونَ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana rero uti: “Ntimuzobazwa namba ku vyaha vyacu, eka na twe nyene ntituzobazwa ku vyo mwakoze, bitayeko nta n’ico duhuriyeko na mwe”. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 34

قُلۡ يَجۡمَعُ بَيۡنَنَا رَبُّنَا ثُمَّ يَفۡتَحُ بَيۡنَنَا بِٱلۡحَقِّ وَهُوَ ٱلۡفَتَّاحُ ٱلۡعَلِيمُ

Ntumwa y’Imana! Vuga ubabwire uti: “Imana yacu Rurema Allah, Izotwegeraniriza hamwe twese ku musi w’izuka, hanyuma Iducire urw’ukuri rutunganye, ni na Yo Mugomorozi Ikaba n’Umucamanza Atunganiriza bikwiye ibiremwa, ni na Yo Izi urwo Izoducira”. info
التفاسير:

external-link copy
27 : 34

قُلۡ أَرُونِيَ ٱلَّذِينَ أَلۡحَقۡتُم بِهِۦ شُرَكَآءَۖ كَلَّاۚ بَلۡ هُوَ ٱللَّهُ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ

Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimunyereke mwisunze ivyemezo, ko abo mwanganishije n’Imana Allah mukayibangikanya na bo mu gusengwa, boba hari na kimwe bashoboye kurema!”. Eka barahumba nibateshwe bate, si nk’uko bavyibaza! Ahubwo Imana Ikwiye gusengwa Itabangikanywa, ni Allah, Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير:

external-link copy
28 : 34

وَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ إِلَّا كَآفَّةٗ لِّلنَّاسِ بَشِيرٗا وَنَذِيرٗا وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ

Ntumwa y’Imana! Ntitwanakurungitse kiretse ku bantu bose, kugira ubashikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana, ko bazoronka Ubwami bw’ijuru; ugabishe n’abagarariji ku bihano vy’Imana Allah, ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ivyiza biri mw’irungikwa ryawe kuri bose. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 34

وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡوَعۡدُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ

Ababangikanyamana bavuga batebura bati: “Iryo sango ry’umusi w’izuka n’iyegeranywa ry’ibiremwa, rizoshika ryari ga Muhama? Wewe n’abemeramana muri kumwe, nimwaba muri imvugakuri, nimutubwire isango ry’uyo musi!”. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 34

قُل لَّكُم مِّيعَادُ يَوۡمٖ لَّا تَسۡتَـٔۡخِرُونَ عَنۡهُ سَاعَةٗ وَلَا تَسۡتَقۡدِمُونَ

Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Murafise isango mwagenewe ryo kwegeranirizwako ku musi w’izuka; iryo sango rero niryagera, ntihazorengako akanya na gato ngo mwigaye, eka ntihazonashika ko mwegeranywa ritaragera”. info
التفاسير:

external-link copy
31 : 34

وَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَن نُّؤۡمِنَ بِهَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ وَلَا بِٱلَّذِي بَيۡنَ يَدَيۡهِۗ وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذِ ٱلظَّٰلِمُونَ مَوۡقُوفُونَ عِندَ رَبِّهِمۡ يَرۡجِعُ بَعۡضُهُمۡ إِلَىٰ بَعۡضٍ ٱلۡقَوۡلَ يَقُولُ ٱلَّذِينَ ٱسۡتُضۡعِفُواْ لِلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُواْ لَوۡلَآ أَنتُمۡ لَكُنَّا مُؤۡمِنِينَ

Abagararije na bo bavuze bati: “Ntiturota twemera iyi Qor’ani, eka ntitunarota twemera n’Ibitabu vya Tawurati, Injili na Zaburi vyamanuwe imbere yayo”. Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu abirenganije mu kugarariza bahagaritswe imbere y’Imana yabo Rurema Allah kugira Ibaharurire, baharira hagati yabo mu gutanako imiragwe, wobonye igitangaza giteye ubwoba; aho abacinyijwe bavuga babwira abagize amanyama bakihambaza mu kubahubisha bati: “Iyo hataba mwebwe mwaduhubishije, ni ukuri twari kuba abemeramana koko”. info
التفاسير: