クルアーンの対訳 - キルンディ語対訳 - Yusuf Ghayiti

Al-Kahf

external-link copy
1 : 18

ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ عَلَىٰ عَبۡدِهِ ٱلۡكِتَٰبَ وَلَمۡ يَجۡعَل لَّهُۥ عِوَجَاۜ

Nihashimagizwe Imana Allah Yamanuriye Igitabu ca Qor’ani, Umuja wayo akaba n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi ntiyigeze Ishira muri nya Gitabu ca Qor’ani ingingo n’imwe idashingiye ku kuri. info
التفاسير:

external-link copy
2 : 18

قَيِّمٗا لِّيُنذِرَ بَأۡسٗا شَدِيدٗا مِّن لَّدُنۡهُ وَيُبَشِّرَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ٱلَّذِينَ يَعۡمَلُونَ ٱلصَّٰلِحَٰتِ أَنَّ لَهُمۡ أَجۡرًا حَسَنٗا

Imana Allah, Yagize nya Gitabu ca Qor’ani kuba kigororotse, kitagiramwo amakenga n’ivuguruzanya mu ngingo zaco, kugira kigabishe abagarariji ku bihano bikaze vy’Imana Allah, congere gishikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ko mu vy’ukuri bategekanirijwe impembo nziza y’Ubwami bw’ijuru; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 18

مَّٰكِثِينَ فِيهِ أَبَدٗا

Bazoba muri nya Bwami bw’ijuru ibihe bidahera, bari mu nema zamaho. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 18

وَيُنذِرَ ٱلَّذِينَ قَالُواْ ٱتَّخَذَ ٱللَّهُ وَلَدٗا

Iyo Ntumwa iri ng’aho kandi kugira igabishe ku bihano vy’Imana Allah ababangikanyamana bavuze barementaniriza Imana Allah ko Yigeneye umwana. info
التفاسير: