Traduzione dei Significati del Sacro Corano - Traduzione kirundi - Yusuf Gahiti

Numero di pagina:close

external-link copy
91 : 6

وَمَا قَدَرُواْ ٱللَّهَ حَقَّ قَدۡرِهِۦٓ إِذۡ قَالُواْ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ عَلَىٰ بَشَرٖ مِّن شَيۡءٖۗ قُلۡ مَنۡ أَنزَلَ ٱلۡكِتَٰبَ ٱلَّذِي جَآءَ بِهِۦ مُوسَىٰ نُورٗا وَهُدٗى لِّلنَّاسِۖ تَجۡعَلُونَهُۥ قَرَاطِيسَ تُبۡدُونَهَا وَتُخۡفُونَ كَثِيرٗاۖ وَعُلِّمۡتُم مَّا لَمۡ تَعۡلَمُوٓاْ أَنتُمۡ وَلَآ ءَابَآؤُكُمۡۖ قُلِ ٱللَّهُۖ ثُمَّ ذَرۡهُمۡ فِي خَوۡضِهِمۡ يَلۡعَبُونَ

Ababangikanyamana ntibahaye Imana Allah icubahiro nya cubahiro kiyikwiye, igihe bahakana imanurwa ry’Ibitabu bakinamura bati: “Imana Allah ntiyigeze Ihishurira n’umwe mu biremwa ikintu na kimwe”. Babwire uti: “Nivyaba ari nk'uko mubivuga, none ni nde yamanuriye Musa Igitabu ca Tawurati yazaniye abantu biwe kugira kibabere umuco utandukanya ukuri n’ikinyoma, kibabere n'inzira y’ubugororotsi!”, ni na co Gitabu mwebwe abayahudi mwagize impapuro zitatanye, mwerekana zimwe, mukanyegeza nyinshi muri zo[11]. Bantu ba Muhamadi! Na mwe mwarigishijwe muri Qor’ani ivyo mutari muzi[12], mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Imana Allah, ni Yo Yamanuye nya Gitabu”, hanyuma ubarekere mw’ihakana n’ityoza ryabo. info

[11] Mu vyanyegejwe muri Tawurati, ni ibiranga Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
[12] Muri Qor'ani, harimwo inkuru z’ivyabaye aho hambere yanyu, ibizoba muri kazoza n’ibizobashikira inyuma yo gupfa.

التفاسير:

external-link copy
92 : 6

وَهَٰذَا كِتَٰبٌ أَنزَلۡنَٰهُ مُبَارَكٞ مُّصَدِّقُ ٱلَّذِي بَيۡنَ يَدَيۡهِ وَلِتُنذِرَ أُمَّ ٱلۡقُرَىٰ وَمَنۡ حَوۡلَهَاۚ وَٱلَّذِينَ يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ يُؤۡمِنُونَ بِهِۦۖ وَهُمۡ عَلَىٰ صَلَاتِهِمۡ يُحَافِظُونَ

Ntumwa y'Imana! N’iyi Qor’ani, ni Igitabu Twakumanuriye gihezagiwe, gishimangira ukuri kw’ivyamanuwe mu Bitabu vyo hambere yaco. Twakikumanuriye no kugira ugabishe ku bihano vy’Imana Allah abantu b’i Makka, n’abandi bo mu micungararo y’aho kw’isi yose. Abemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa, baremera ko Qor’ani ari amajambo y’Imana Allah, bakanatsimbataza n'amasengesho ku mwanya yagenewe. info
التفاسير:

external-link copy
93 : 6

وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوۡ قَالَ أُوحِيَ إِلَيَّ وَلَمۡ يُوحَ إِلَيۡهِ شَيۡءٞ وَمَن قَالَ سَأُنزِلُ مِثۡلَ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُۗ وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذِ ٱلظَّٰلِمُونَ فِي غَمَرَٰتِ ٱلۡمَوۡتِ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ بَاسِطُوٓاْ أَيۡدِيهِمۡ أَخۡرِجُوٓاْ أَنفُسَكُمُۖ ٱلۡيَوۡمَ تُجۡزَوۡنَ عَذَابَ ٱلۡهُونِ بِمَا كُنتُمۡ تَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ غَيۡرَ ٱلۡحَقِّ وَكُنتُمۡ عَنۡ ءَايَٰتِهِۦ تَسۡتَكۡبِرُونَ

Nta n'umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah ko Itigeze Ituma Intumwa mu bantu; canke uwuvuga ati: “Narahishuriwe”, kandi Imana Allah Itigeze Imuhishurira ikintu na kimwe; canke uwuvuga ati: “Nanje ndashoboye kumanura nk’ivyo Imana Allah Yamanuye muri Qor’ani!”. Ntumwa y'Imana! Iyo uba wobona ukuntu abirenganya mu kurementaniriza Imana Allah bamerewe igihe bari ku mpfiro, wobonye igitangaza giteye ubwoba igihe abamalayika bajejwe kwakira imishaha y’ibiremwa, bariko barababwira n’agashinyaguro n’akantu bati: “Nimwikuremwo imishaha yanyu rero! Uno musi muhabwa igihano c’agasuzuguro gitewe n’ukuntu mwahora murementaniriza Imana Allah, n’ukuntu mwahora mugira amanyama mu kudakurikira Qor’ani n’Intumwa z’Imana Allah”; info
التفاسير:

external-link copy
94 : 6

وَلَقَدۡ جِئۡتُمُونَا فُرَٰدَىٰ كَمَا خَلَقۡنَٰكُمۡ أَوَّلَ مَرَّةٖ وَتَرَكۡتُم مَّا خَوَّلۡنَٰكُمۡ وَرَآءَ ظُهُورِكُمۡۖ وَمَا نَرَىٰ مَعَكُمۡ شُفَعَآءَكُمُ ٱلَّذِينَ زَعَمۡتُمۡ أَنَّهُمۡ فِيكُمۡ شُرَكَٰٓؤُاْۚ لَقَد تَّقَطَّعَ بَيۡنَكُمۡ وَضَلَّ عَنكُم مَّا كُنتُمۡ تَزۡعُمُونَ

Ku musi w’izuka naho bazobwirwa bati: “Ni ukuri mwaje guharurirwa iwacu Twebwe Allah umwumwe ku gatwe kiwe; nk’uko Twabaremye ubwa mbere kw’isi mukavuka n’ibirenge bisa, muri gusa. Ivyo Twabahaye mwahora mwishimira, vyose mwabisize inyuma y’umugongo kw’isi, nta n’umwe Tubona muri kumwe mu bigirwamana mwahora mwibaza ko vyobavugira ku Mana Allah, mukibaza n’uko bikwiye kubangikanywa n’Imana Allah. Ni ukuri ico mwapfana kw’isi carangiye, n’ivyo mwahora mwemera vyose mu bigirwamana vyazimanganye. info
التفاسير: