Traduzione dei Significati del Sacro Corano - Traduzione kirundi - Yusuf Gahiti

Numero di pagina:close

external-link copy
25 : 2

وَبَشِّرِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ أَنَّ لَهُمۡ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ كُلَّمَا رُزِقُواْ مِنۡهَا مِن ثَمَرَةٖ رِّزۡقٗا قَالُواْ هَٰذَا ٱلَّذِي رُزِقۡنَا مِن قَبۡلُۖ وَأُتُواْ بِهِۦ مُتَشَٰبِهٗاۖ وَلَهُمۡ فِيهَآ أَزۡوَٰجٞ مُّطَهَّرَةٞۖ وَهُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ

Ntumwa y’Imana! Shikiriza abemeye bakanakora ivyiza bitegetswe, inkuru ihumuriza ko bazohabwa imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Igihe cose bafunguriwe mu vyamwa vyayo bavuga bati: “Izi mfungurwa ni nk’izo twafungurirwa hambere kw’isi!”. Bazihawe zisa n’izo kw’isi ariko zidasusa. Bamaze kuzifungura, bazosanga zisangije akanovera. Bazoba rero bahafise n’abakenyezi basukuye batagira akanenge. Bazobamwo ibihe bidahera. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 2

۞ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَسۡتَحۡيِۦٓ أَن يَضۡرِبَ مَثَلٗا مَّا بَعُوضَةٗ فَمَا فَوۡقَهَاۚ فَأَمَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ فَيَعۡلَمُونَ أَنَّهُ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّهِمۡۖ وَأَمَّا ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فَيَقُولُونَ مَاذَآ أَرَادَ ٱللَّهُ بِهَٰذَا مَثَلٗاۘ يُضِلُّ بِهِۦ كَثِيرٗا وَيَهۡدِي بِهِۦ كَثِيرٗاۚ وَمَا يُضِلُّ بِهِۦٓ إِلَّا ٱلۡفَٰسِقِينَ

Mu vy’ukuri, Imana Allah ntiterwa n’isoni mu gushikiriza ukuri, mu gutanga akarorero k’akantu kanzunya cane kurusha umubu canke kawusumba, mu kwerekana ko ibigirwamana ata co bishoboye. Abemeramana bo baramenya ko ari akarorero k’ukuri kavuye ku Mana yabo Rurema Allah, nayo abagarariji bavuga n’agasuzuguro n’akantu bati: “None Imana Allah Yashatse kuvuga iki mu gutanga aka karorero k’udukoko tugayitse!”. Burya Imana Allah, mu gutanga ako karorero, Ihubisha benshi kw’itebura ryabo, Ikarongora benshi ku gutahura kwabo intumbero yayo. Burya rero Imana Allah ntihubisha kiretse ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo; info
التفاسير:

external-link copy
27 : 2

ٱلَّذِينَ يَنقُضُونَ عَهۡدَ ٱللَّهِ مِنۢ بَعۡدِ مِيثَٰقِهِۦ وَيَقۡطَعُونَ مَآ أَمَرَ ٱللَّهُ بِهِۦٓ أَن يُوصَلَ وَيُفۡسِدُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِۚ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ

Abatubahiriza isezerano ry’Imana Allah ryo kuyigamburukira no kuyisenga ari Imwe Rudende, inyuma y’aho Irishimangiye cane mu kurungika Intumwa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah) no mu kumanura Ibitabu, bagaca ubucuti n’ubuvandimwe Imana Allah Yategetse ko bwungwa, bakanakwiragiza ubwononyi kw’isi. Abo rero, ni bo bahomvye ubuzima bwabo bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
28 : 2

كَيۡفَ تَكۡفُرُونَ بِٱللَّهِ وَكُنتُمۡ أَمۡوَٰتٗا فَأَحۡيَٰكُمۡۖ ثُمَّ يُمِيتُكُمۡ ثُمَّ يُحۡيِيكُمۡ ثُمَّ إِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ

Babangikanyamana! Ni gute mugarariza mugahakana isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah! Mu gihe mwari nk’abapfu mutararemwa, maze Imana Allah Irabarema, Ibaha ubuzima, inyuma y’aho Ibaka nya buzima urwanyu rugeze, murapfa. Hanyuma rero Ikazobasubiza kandi ubuzima mukazuka. Hanyuma ni kuri Yo muzosubizwa kugira muharurirwe muheze muhemberwe ivyo mwakoze. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 2

هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ لَكُم مَّا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰٓ إِلَى ٱلسَّمَآءِ فَسَوَّىٰهُنَّ سَبۡعَ سَمَٰوَٰتٖۚ وَهُوَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٞ

Imana Allah, ni Yo Yabaremeye ibiri mw’isi vyose ku neza yanyu. Hanyuma Irengera ku majuru Iraheza Irayarema ari indwi ata n’akanenge wobona mw’iremwa ryayo. Ni na Yo rero Nyenubumenyikurivyose. info
التفاسير: