Traduzione dei Significati del Sacro Corano - Traduzione kirundi - Yusuf Gahiti

Numero di pagina:close

external-link copy
55 : 16

لِيَكۡفُرُواْ بِمَآ ءَاتَيۡنَٰهُمۡۚ فَتَمَتَّعُواْ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ

Gutyo inyuma y'ikurwako rya nya cago bakagarariza mu guhakana inema zacu Twebwe Allah Twabahaye, hatibagiwe no kubakurako ivyago. Bahakanyi! Nimuryoherwe rero mwidagadure gato mu buzima bwo kw’isi, muzoheza mumenye iherezo ry’ubuhakanyi bwanyu. info
التفاسير:

external-link copy
56 : 16

وَيَجۡعَلُونَ لِمَا لَا يَعۡلَمُونَ نَصِيبٗا مِّمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡۗ تَٱللَّهِ لَتُسۡـَٔلُنَّ عَمَّا كُنتُمۡ تَفۡتَرُونَ

Ababangikanyamana baraheza bakanagenera ibigirwamana ata co bibamariye, ata n’ico bibiciye, umugabane mu nema zacu Twabaronkeje. Ndarahiye kw’izina ryanje Jewe Allah, ko mu vy’ukuri muzobazwa ku musi w’izuka ku vyo mwari mwararementanirije Imana Allah kw'isi; info
التفاسير:

external-link copy
57 : 16

وَيَجۡعَلُونَ لِلَّهِ ٱلۡبَنَٰتِ سُبۡحَٰنَهُۥ وَلَهُم مَّا يَشۡتَهُونَ

Bakanomekera abamalayika ku Mana Allah ngo ni abana bayo b’abakobwa ku kwanka gusa abakobwa. Ukuninahazwa ni ukw’Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayomekera! Bagaheza bakiyitirira abana b’abahungu ku gukunda gusa abahungu. info
التفاسير:

external-link copy
58 : 16

وَإِذَا بُشِّرَ أَحَدُهُم بِٱلۡأُنثَىٰ ظَلَّ وَجۡهُهُۥ مُسۡوَدّٗا وَهُوَ كَظِيمٞ

Iyo hagize umwe muri bo ahabwa inkuru yuko yibarutse umwana w’umukobwa, yirirwa yijiriwe mu maso n’ishavu n’akantu; info
التفاسير:

external-link copy
59 : 16

يَتَوَٰرَىٰ مِنَ ٱلۡقَوۡمِ مِن سُوٓءِ مَا بُشِّرَ بِهِۦٓۚ أَيُمۡسِكُهُۥ عَلَىٰ هُونٍ أَمۡ يَدُسُّهُۥ فِي ٱلتُّرَابِۗ أَلَا سَآءَ مَا يَحۡكُمُونَ

Yinyegeza abantu kubera intuntu n’iceyi yibwira ko yatewe no kwibaruka umwana w’umukobwa, yijijanya imitima ko yokwemera ico ceyi akareka nya mwana agakura, canke ko yomuhamba akiri muzima! Bantu, nimwumve mwumvireho! Ukwomekera kw'ababangikanyamana abana b’abakobwa ku Mana Allah, bakiyitirira abana b’abahungu, ni ingingo mbi cane. info
التفاسير:

external-link copy
60 : 16

لِلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ مَثَلُ ٱلسَّوۡءِۖ وَلِلَّهِ ٱلۡمَثَلُ ٱلۡأَعۡلَىٰۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ

Abatemera ko hariho ubuzima bw'inyuma yo gupfa ngo babwitegurire, barangwa n’ingeso mbi y’ubugarariji, ubujuju no kuba batikenuye; Imana Allah na Yo, Irangwa n’ukuba Ifise amazina n'amatazirano meza n’ukuba Yikenuye muri vyose. Ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير:

external-link copy
61 : 16

وَلَوۡ يُؤَاخِذُ ٱللَّهُ ٱلنَّاسَ بِظُلۡمِهِم مَّا تَرَكَ عَلَيۡهَا مِن دَآبَّةٖ وَلَٰكِن يُؤَخِّرُهُمۡ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمّٗىۖ فَإِذَا جَآءَ أَجَلُهُمۡ لَا يَسۡتَـٔۡخِرُونَ سَاعَةٗ وَلَا يَسۡتَقۡدِمُونَ

Iyo Imana Allah Yihutira guhana abantu ku kwirenganya kwabo mu kugarariza, ntiyari gusigaza kw’isi ikiremwa na kimwe kigendagenda, ariko rero Itenyenya kubahana gushika kw'isango ntarengwa ry'umwe wese muri bo ryo gupfa. Isango ry'umwe wese muri bo rero niryagera, ntihazorengako akanya na gato, eka ntihazonashika nya sango ritaragera. info
التفاسير:

external-link copy
62 : 16

وَيَجۡعَلُونَ لِلَّهِ مَا يَكۡرَهُونَۚ وَتَصِفُ أَلۡسِنَتُهُمُ ٱلۡكَذِبَ أَنَّ لَهُمُ ٱلۡحُسۡنَىٰۚ لَا جَرَمَ أَنَّ لَهُمُ ٱلنَّارَ وَأَنَّهُم مُّفۡرَطُونَ

Bomekera ku Mana Allah abana b’abakobwa badakunda, bakanavuga babesha mu kwihenda ko bafise iherezo ryiza! Ni ivy’ukuri ko bategekanirijwe umuriro, n’uko bazoherayo amazimayongo. info
التفاسير:

external-link copy
63 : 16

تَٱللَّهِ لَقَدۡ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰٓ أُمَمٖ مِّن قَبۡلِكَ فَزَيَّنَ لَهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ أَعۡمَٰلَهُمۡ فَهُوَ وَلِيُّهُمُ ٱلۡيَوۡمَ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ

Ndarahiye kw’izina ryanje Jewe Allah, ko mu vy’ukuri Twarungitse Intumwa ku migwi y’abantu b’aho hambere yawe, maze shetani irabaryohereza ibikorwa vyabo vy’ubugarariji n’ibangikanyamana; shetani rero, burya ni yo muhagarikizi wabo abahubisha kw’isi, baranategekanirijwe ibihano bibabaza mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
64 : 16

وَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ إِلَّا لِتُبَيِّنَ لَهُمُ ٱلَّذِي ٱخۡتَلَفُواْ فِيهِ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٗ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ

Ntumwa y’Imana! Ntitwakumanuriye Igitabu ca Qor’ani atari ukugira ngo utomorere abantu ivyo bahazanako mw’idini n'amabwirizwa yayo, gutyo Qor’ani iheze ibere uburongozi n’impuhwe abemeramana vy’ukuri. info
التفاسير: