क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती

पृष्ठ संख्या:close

external-link copy
32 : 34

قَالَ ٱلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُواْ لِلَّذِينَ ٱسۡتُضۡعِفُوٓاْ أَنَحۡنُ صَدَدۡنَٰكُمۡ عَنِ ٱلۡهُدَىٰ بَعۡدَ إِذۡ جَآءَكُمۖ بَلۡ كُنتُم مُّجۡرِمِينَ

Abagize amanyama bakihambaza, bazoheza babwire abacinyijwe mu guhubishwa bati: “Mbega burya, ni twebwe twabahubishije inzira y’ukwemera inyuma y’aho ibashikiriye! Eka murabaga mwifashe! Ahubwo nyabuna, mwari abanyavyaha kuko mwagararije ku bushake bwanyu”. info
التفاسير:

external-link copy
33 : 34

وَقَالَ ٱلَّذِينَ ٱسۡتُضۡعِفُواْ لِلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُواْ بَلۡ مَكۡرُ ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ إِذۡ تَأۡمُرُونَنَآ أَن نَّكۡفُرَ بِٱللَّهِ وَنَجۡعَلَ لَهُۥٓ أَندَادٗاۚ وَأَسَرُّواْ ٱلنَّدَامَةَ لَمَّا رَأَوُاْ ٱلۡعَذَابَۚ وَجَعَلۡنَا ٱلۡأَغۡلَٰلَ فِيٓ أَعۡنَاقِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْۖ هَلۡ يُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Abacinyijwe, bazoheza babwire abagize amanyama bakihambaza bati: “Ahubwo iturubika n’agacinyizo mwadukorera ijoro n’umurango, ni vyo vyatumye tugwa mu kaga, mwatubwiriza kugarariza Imana Allah no kuyibangikanya mu kuyisenga”. Umugwi wose rero muri iyo migwi yompi, uzokwiyorobeka mu guhisha ukwicuza kwawo igihe wabonye ibihano biwurindiriye. Tuzoheza rero Twebwe Allah Tubohe n’iminyororo mw’izosi abagararije. Ntibazohembwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa kiretse ku vyo bakoze kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
34 : 34

وَمَآ أَرۡسَلۡنَا فِي قَرۡيَةٖ مِّن نَّذِيرٍ إِلَّا قَالَ مُتۡرَفُوهَآ إِنَّا بِمَآ أُرۡسِلۡتُم بِهِۦ كَٰفِرُونَ

Ntitwigeze Dutuma Intumwa irarikira abantu bo mu gacimbiri kanaka kwemera Imana Imwe Rudende Allah, ikanabagabisha ku bihano vyayo, kiretse ko abatewe iteka bagatwarwa n’ivy’isi, baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri ga mwa Ntumwa mwe! Twebwe turagararije ivyo mwarungikanywe”; info
التفاسير:

external-link copy
35 : 34

وَقَالُواْ نَحۡنُ أَكۡثَرُ أَمۡوَٰلٗا وَأَوۡلَٰدٗا وَمَا نَحۡنُ بِمُعَذَّبِينَ

Bakinamura n’amanyama n’akantu bati: “No mu vyerekana ko Imana Allah Itwishimiye, ni uko Yaduteye iteka mu kuturonsa amatungo n’abana benshi kubasumba, kandi rero ntiturota duhanwa, haba ng’aha kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa”. info
التفاسير:

external-link copy
36 : 34

قُلۡ إِنَّ رَبِّي يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ

Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo, umusesekara w’ibimubeshaho, Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo ku mvo z’igeragezwa; ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ko bageragezwa mu kuronswa abana n’ibibabeshaho kw’isi”. info
التفاسير:

external-link copy
37 : 34

وَمَآ أَمۡوَٰلُكُمۡ وَلَآ أَوۡلَٰدُكُم بِٱلَّتِي تُقَرِّبُكُمۡ عِندَنَا زُلۡفَىٰٓ إِلَّا مَنۡ ءَامَنَ وَعَمِلَ صَٰلِحٗا فَأُوْلَٰٓئِكَ لَهُمۡ جَزَآءُ ٱلضِّعۡفِ بِمَا عَمِلُواْ وَهُمۡ فِي ٱلۡغُرُفَٰتِ ءَامِنُونَ

Amatungo hamwe n’abana vyanyu, si vyo bibahesha icubahiro bikanabegereza kuri Twebwe Allah; ariko abemeye Imana Allah bakanakora n’ivyiza bitegetswe, abo ni bo bagenewe impembo y’ivyo bakoze igwijwe incuro nyinshi, ni na bo rero bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bwisununuye, batekaniwe. info
التفاسير:

external-link copy
38 : 34

وَٱلَّذِينَ يَسۡعَوۡنَ فِيٓ ءَايَٰتِنَا مُعَٰجِزِينَ أُوْلَٰٓئِكَ فِي ٱلۡعَذَابِ مُحۡضَرُونَ

Nayo abakoresha urwenge mu kubeshuza Aayah zacu za Qor’ani ngo bazirwanye, bagahakana n’Intumwa zacu bivuye inyuma, bakaburagiza n’abantu kwinjira mw’idini, bibwira ko bazotunanira Twebwe Allah; abo, ni bo bantu rero bazoshirwa mu bihano vy’umuriro wa Jahannamu, bazoba bacungerewe n’abamalayika bajejwe kuwucungera “Al-Zabaaniya”. info
التفاسير:

external-link copy
39 : 34

قُلۡ إِنَّ رَبِّي يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦ وَيَقۡدِرُ لَهُۥۚ وَمَآ أَنفَقۡتُم مِّن شَيۡءٖ فَهُوَ يُخۡلِفُهُۥۖ وَهُوَ خَيۡرُ ٱلرَّٰزِقِينَ

Ntumwa y’Imana! Bwira abahendwa n’ubwinshi bw’amatungo n’abana uti: “Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo umusesekara w’ibimubeshaho, Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo ku mvo z’igeragezwa. Ico ari co cose rero mutanze ku bw’Imana Allah, Iraheza Ikakibasubiriza mu ndumane kw’isi, Ikazonakibahembera mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni na Yo rero Mwiza w’abaronsa ibibeshaho ibiremwa[6]. info

[6] Nimusabe rero ibibabeshaho Imana Allah Yo Yonyene, muheze muronderere mu birekuwe mu buryo burekuwe.

التفاسير: