क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती

पृष्ठ संख्या:close

external-link copy
15 : 34

لَقَدۡ كَانَ لِسَبَإٖ فِي مَسۡكَنِهِمۡ ءَايَةٞۖ جَنَّتَانِ عَن يَمِينٖ وَشِمَالٖۖ كُلُواْ مِن رِّزۡقِ رَبِّكُمۡ وَٱشۡكُرُواْ لَهُۥۚ بَلۡدَةٞ طَيِّبَةٞ وَرَبٌّ غَفُورٞ

Ni ukuri, ku mihana y’abantu bo mu bwoko bw’Abasaba-i bigeze kuba muri Yemeni, harimwo icemezo cerekana ubushobozi bwacu Twebwe Allah. Kuri nya mihana, hari imirima ibiri itotahaye; umurima umwe wari ku ruhande rw’iburyo bw’ahari urugomero mu kabande, uwundi na wo ukaba wari ibubamfu bwa nya kabande. Abantu b’Abasaba-i babwiwe bati: “Nimufungure rero mu bibabeshaho mwaronkejwe n’Imana yanyu Rurema Allah, muheze muyishimire, mwahawe igihugu gihimbaye c’akanovera n’akayaga keza, mugira n’Imana Nyenimbabazi-ntangere Allah”. info
التفاسير:

external-link copy
16 : 34

فَأَعۡرَضُواْ فَأَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ سَيۡلَ ٱلۡعَرِمِ وَبَدَّلۡنَٰهُم بِجَنَّتَيۡهِمۡ جَنَّتَيۡنِ ذَوَاتَيۡ أُكُلٍ خَمۡطٖ وَأَثۡلٖ وَشَيۡءٖ مِّن سِدۡرٖ قَلِيلٖ

Ni ho rero Abasaba-i birengagiza amabwirizwa no gushimira Imana Allah, barahakana bivuye inyuma Intumwa zayo, Duca Tubarungikira imyuzurire isenyura rwa rugomero, ihitana na ya mirima ibiri itotahaye, ahari nya mirima Tuhasubiriza iyindi mirima ibiri imera ivyamwa vy’umururazi binuka kubi, irimwo n’ibiti vy’inkokore bitagira ivyamwa namba, hamwe rero n’ibiti bike vya Sidiri bifise amahwa menshi. info
التفاسير:

external-link copy
17 : 34

ذَٰلِكَ جَزَيۡنَٰهُم بِمَا كَفَرُواْۖ وَهَلۡ نُجَٰزِيٓ إِلَّا ٱلۡكَفُورَ

Icabakuye amata mu kanwa, bakarumanga bahora basomera, ni ubugarariji bwabo no kudashimira Imana Allah. Burya Twebwe Allah, ntiduhana ngo duhashe kiretse abimonogoje mu bugarariji no mu kwihakana inema zacu. info
التفاسير:

external-link copy
18 : 34

وَجَعَلۡنَا بَيۡنَهُمۡ وَبَيۡنَ ٱلۡقُرَى ٱلَّتِي بَٰرَكۡنَا فِيهَا قُرٗى ظَٰهِرَةٗ وَقَدَّرۡنَا فِيهَا ٱلسَّيۡرَۖ سِيرُواْ فِيهَا لَيَالِيَ وَأَيَّامًا ءَامِنِينَ

Twaranashize ibisagara vy’urutavanako hagati y’igihugu c’Abasaba-i n’uducimbiri Twahezagiye muri Shaamu, Tugira n’urugendo hagati y’igisagara n’ikindi kuba urugendo rworoshe, ruzwi igituro ruherako n’ikiringo rumara, Turaheza Tubabwira Duti: “Nimwishire mwizane rero mutekaniwe mu ngendo mugira hagati y’ivyo bisagara, maze muzigire ku mwanya wose mwipfuza, haba mw’ijoro canke ku murango”. info
التفاسير:

external-link copy
19 : 34

فَقَالُواْ رَبَّنَا بَٰعِدۡ بَيۡنَ أَسۡفَارِنَا وَظَلَمُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ فَجَعَلۡنَٰهُمۡ أَحَادِيثَ وَمَزَّقۡنَٰهُمۡ كُلَّ مُمَزَّقٍۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّكُلِّ صَبَّارٖ شَكُورٖ

Bamaze kworoherwa mu buzima bakarengwa, bavuze n’agahimbo n’akantu bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dushirire kure na kure ibituro vy’ibisagara vyacu, maze dufate urugendo rurerure ata gituro ducako mu nzira turonkerako induhuro canke impamba”. Ni ho rero birenganya mu kugarariza, Duca Turabahana, maze Tubagira inkebuzo n’akayazwe ku bakurikiye mu nyuma, Turaheza Turabashwiragiza nya kubashwiragiza. Mu vy’ukuri mu vyashikiye Abasaba-i, ni ukuri harimwo ivyemezo n’inkebuzo ku muntu wese yigumya mu vyago, ashima inema z’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
20 : 34

وَلَقَدۡ صَدَّقَ عَلَيۡهِمۡ إِبۡلِيسُ ظَنَّهُۥ فَٱتَّبَعُوهُ إِلَّا فَرِيقٗا مِّنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Ni ukuri Ibilisi, yaribwiye ko azohubisha Bene Adamu bakamwumvira mu gucumura ku Mana Allah, maze icipfuzo ciwe kuri bo kija mu ngiro, Bene Adamu baramwumvira, kiretse umugwi w’abemeramana bagamburukira Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo. info
التفاسير:

external-link copy
21 : 34

وَمَا كَانَ لَهُۥ عَلَيۡهِم مِّن سُلۡطَٰنٍ إِلَّا لِنَعۡلَمَ مَن يُؤۡمِنُ بِٱلۡأٓخِرَةِ مِمَّنۡ هُوَ مِنۡهَا فِي شَكّٖۗ وَرَبُّكَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٍ حَفِيظٞ

Hamwe n’ivyo rero, Ibilisi nta bubasha afise bwo guhatira abagararije ku bugarariji, ariko mu vyagezwe, aratera inyoshambi Bene Adamu, kugira Twebwe Allah Tugaragaze mu vyo Dusanzwe Tuzi, uwemera n’uwutemera afise amakenga kw’ihembwa ry’ibiremwa n’izurwa ryavyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Burya Imana yawe Rurema Allah, ni Umubungabunzi w’ikintu cose mu bikorwa vy’ibiremwa, kandi Izokibihembera. info
التفاسير:

external-link copy
22 : 34

قُلِ ٱدۡعُواْ ٱلَّذِينَ زَعَمۡتُم مِّن دُونِ ٱللَّهِ لَا يَمۡلِكُونَ مِثۡقَالَ ذَرَّةٖ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَلَا فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا لَهُمۡ فِيهِمَا مِن شِرۡكٖ وَمَا لَهُۥ مِنۡهُم مِّن ظَهِيرٖ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Enda nimusabe abo mwibaza ko babangikanije[5] n’Imana Allah mukabasenga mu gishingo cayo, muheze rero mubiture mu kubasaba ngo babatunganirize ivyanyu. Eka ntibazobumvira namba kuko ata co bagaba haba mu majuru, haba no mw’isi, n’aho coba kingana n’akanyegeri; eka nta n’ico babangikanijeko n’Imana Allah mu biri mu majuru no mw’isi; bitayeko, nta n’umwe muri bo yobera Imana Allah umufasha mu kurema, ahubwo Imana Allah ni Imwe Rudende mu bumana no mu kurema kwayo, Ikwiye gusengwa rero ari Imwe Rudende Itabangikanywa”. info

[5] Mu bigirwamana vyo mu bwoko bwose; vyaba mu bamalayika canke mu bantu, canke mu bindi mwibaza.

التفاسير: