Traduction des sens du Noble Coran - La traduction kirundi - Youssef Ghahiti

external-link copy
34 : 9

۞ يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِنَّ كَثِيرٗا مِّنَ ٱلۡأَحۡبَارِ وَٱلرُّهۡبَانِ لَيَأۡكُلُونَ أَمۡوَٰلَ ٱلنَّاسِ بِٱلۡبَٰطِلِ وَيَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۗ وَٱلَّذِينَ يَكۡنِزُونَ ٱلذَّهَبَ وَٱلۡفِضَّةَ وَلَا يُنفِقُونَهَا فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ فَبَشِّرۡهُم بِعَذَابٍ أَلِيمٖ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mu vy’ukuri, abenshi mu bamenyi n’abasenzi mu bahawe Igitabu, bihereza amatungo y’abantu badafiseko uburenganzira, bakanaburagiza abantu kwinjira mu bwislamu. Ntumwa y'Imana! Abaziganya amatungo ntibaheze ngo bayatangeko ishikanwa-bwirizwa n’izindi mperezwa zisabwa ku matungo, bashikirize inkuru y’incamugongo ko bategekanirijwe ibihano bibabaza ku musi w’izuka; info
التفاسير: