Traduction des sens du Noble Coran - La traduction kirundi - Youssef Ghahiti

Nuuh

external-link copy
1 : 71

إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا نُوحًا إِلَىٰ قَوۡمِهِۦٓ أَنۡ أَنذِرۡ قَوۡمَكَ مِن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ

Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarungitse Intumwa Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ku bantu bayo, Tuyibwira Duti: “Gabisha abantu bawe imbere yuko bashikirwa n’ibihano bibabaza cane”. info
التفاسير:

external-link copy
2 : 71

قَالَ يَٰقَوۡمِ إِنِّي لَكُمۡ نَذِيرٞ مُّبِينٌ

Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), iraheza ibabwira iti: “Bantu banje narungitsweko! Mu vy’ukuri jewe, ndi Umugabisha nyawe, nkaba ndi n’Intumwa kuri mwebwe. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 71

أَنِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ وَٱتَّقُوهُ وَأَطِيعُونِ

Ico ndabararikiye si ikindi, ni uko mwokwiyegereza Imana Allah mu vyo mukora vyose mukanayisenga ari Imwe Rudende mutayibangikanya, mugaheza mugatinya ibihano vyayo, maze mukanyumvira mu kwubahiriza amabwirizwa ndabashikiriza; info
التفاسير:

external-link copy
4 : 71

يَغۡفِرۡ لَكُم مِّن ذُنُوبِكُمۡ وَيُؤَخِّرۡكُمۡ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمًّىۚ إِنَّ أَجَلَ ٱللَّهِ إِذَا جَآءَ لَا يُؤَخَّرُۚ لَوۡ كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ

Imana Allah, Izoheza Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu ntibibahanire, Yongere Ibongerereze imyaka y’ukubaho gushika kw’isango ntarengwa ry’umwe wese muri mwebwe ryo gupfa. Mu vy’ukuri isango ntarengwa ryo gupfa, ryagenwe n’Imana Allah, rigeze ntirisubizwa inyuma. Iyo muba mubizi rero, mwokwihutiye ukwemera Imana Allah". info
التفاسير:

external-link copy
5 : 71

قَالَ رَبِّ إِنِّي دَعَوۡتُ قَوۡمِي لَيۡلٗا وَنَهَارٗا

Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri aba bantu banje, narabahamagariye ku kwemera ijoro n’umurango; info
التفاسير:

external-link copy
6 : 71

فَلَمۡ يَزِدۡهُمۡ دُعَآءِيٓ إِلَّا فِرَارٗا

Ariko ihamagara ryanje ryo kukwemera, nta co ryabunguye atari ukumpunga n’ukunyirengagiza; info
التفاسير:

external-link copy
7 : 71

وَإِنِّي كُلَّمَا دَعَوۡتُهُمۡ لِتَغۡفِرَ لَهُمۡ جَعَلُوٓاْ أَصَٰبِعَهُمۡ فِيٓ ءَاذَانِهِمۡ وَٱسۡتَغۡشَوۡاْ ثِيَابَهُمۡ وَأَصَرُّواْ وَٱسۡتَكۡبَرُواْ ٱسۡتِكۡبَارٗا

Mu vy’ukuri, igihe cose ndabahamagariye ku kwemera kugira ngo Ubababarire ivyaha vyabo, baca bazibiza intoke amatwi yabo kugira ntibanyumve, bakipfuka n’impuzu zabo kugira ntibambone, gutyo bagatsimbatara ku buhakanyi, bakanirengagiza ukwemera ku manyama. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 71

ثُمَّ إِنِّي دَعَوۡتُهُمۡ جِهَارٗا

Hanyuma narabahamagariye ku kwemera izuba riva ku mugaragaro; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 71

ثُمَّ إِنِّيٓ أَعۡلَنتُ لَهُمۡ وَأَسۡرَرۡتُ لَهُمۡ إِسۡرَارٗا

Hanyuma ndasemerera, ikindi gihe ndabongorera mw’ibanga; info
التفاسير:

external-link copy
10 : 71

فَقُلۡتُ ٱسۡتَغۡفِرُواْ رَبَّكُمۡ إِنَّهُۥ كَانَ غَفَّارٗا

Ndaheza ndababwira nti: “Nimusabe Imana yanyu Rurema Allah imbabazi ku vyaha vyanyu, mwongere mwigaye kuri Yo ubugarariji bwanyu; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenimbabazinyinshi; info
التفاسير:

external-link copy
11 : 71

يُرۡسِلِ ٱلسَّمَآءَ عَلَيۡكُم مِّدۡرَارٗا

Nimwicisha bugufi ku Mana Allah, Izoheza Ibamanurire imvura nyinshi; info
التفاسير:

external-link copy
12 : 71

وَيُمۡدِدۡكُم بِأَمۡوَٰلٖ وَبَنِينَ وَيَجۡعَل لَّكُمۡ جَنَّٰتٖ وَيَجۡعَل لَّكُمۡ أَنۡهَٰرٗا

Yongere Ibahe amatungo menshi n’ibibondo, Ibahe n’imirima itotahaye hamwe n’inzuzi. info
التفاسير:

external-link copy
13 : 71

مَّا لَكُمۡ لَا تَرۡجُونَ لِلَّهِ وَقَارٗا

Mbega bantu! Ko mutubaha Imana yanyu Allah ngo muyizere, muyisenge! info
التفاسير:

external-link copy
14 : 71

وَقَدۡ خَلَقَكُمۡ أَطۡوَارًا

Mu gihe ari Yo Yabaremye mu rukurikirane rutandukanye[1]; info

[1] Yarabaremye mu ntanga, hanyuma Iziremamwo amaraso avuze; hanyuma Iyaremamwo igihimba c’inyama, hanyuma Ikiremamwo amagufa; hanyuma Iraheza Yambika nya magufa inyama.

التفاسير:

external-link copy
15 : 71

أَلَمۡ تَرَوۡاْ كَيۡفَ خَلَقَ ٱللَّهُ سَبۡعَ سَمَٰوَٰتٖ طِبَاقٗا

Mbega, ntimubona ukuntu Imana Allah Yaremye amajuru indwi agerekeranye! info
التفاسير:

external-link copy
16 : 71

وَجَعَلَ ٱلۡقَمَرَ فِيهِنَّ نُورٗا وَجَعَلَ ٱلشَّمۡسَ سِرَاجٗا

Iraheza Igira ukwezi kubaboneshereza mw’ijuru ribegereye, Igira n’izuba ngo ribabere itara ryakiriza bose rikabasusurutsa! info
التفاسير:

external-link copy
17 : 71

وَٱللَّهُ أَنۢبَتَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ نَبَاتٗا

Burya Imana Allah, Yaremye inkomoko yanyu mw’ivu[2]; nka kurya Imeza imbuto mw’isi; info

[2] Imana Allah Yaremye so wanyu Adamu mw’ivu, Iraheza Itegekanya ibikenewe mu mfungurwa mw’ivu, kugira ngo ashobore kubandanya kuba kw’isi.

التفاسير:

external-link copy
18 : 71

ثُمَّ يُعِيدُكُمۡ فِيهَا وَيُخۡرِجُكُمۡ إِخۡرَاجٗا

Hanyuma, Imana Allah Izobasubiza mw’ivu mupfuye, Iheze Inaribazuremwo kandi ku musi w’impera. info
التفاسير:

external-link copy
19 : 71

وَٱللَّهُ جَعَلَ لَكُمُ ٱلۡأَرۡضَ بِسَاطٗا

Imana Allah, ni Yo Yabagiriye isi nk’isaso; info
التفاسير:

external-link copy
20 : 71

لِّتَسۡلُكُواْ مِنۡهَا سُبُلٗا فِجَاجٗا

Kugira ngo mugendagende mwidegemvye kuri yo”. info
التفاسير:

external-link copy
21 : 71

قَالَ نُوحٞ رَّبِّ إِنَّهُمۡ عَصَوۡنِي وَٱتَّبَعُواْ مَن لَّمۡ يَزِدۡهُ مَالُهُۥ وَوَلَدُهُۥٓ إِلَّا خَسَارٗا

Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, abantu banje barimonogoje mu kungarariza, baraheza bakurikira abantu ata co amatungo yabo n’abana babo bizobungura, atari uguhuba kw’isi no guhomba mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
22 : 71

وَمَكَرُواْ مَكۡرٗا كُبَّارٗا

Abarongoye abandi, baragize n’ubwononyi bukomeye mu guhubisha ababumvira; info
التفاسير:

external-link copy
23 : 71

وَقَالُواْ لَا تَذَرُنَّ ءَالِهَتَكُمۡ وَلَا تَذَرُنَّ وَدّٗا وَلَا سُوَاعٗا وَلَا يَغُوثَ وَيَعُوقَ وَنَسۡرٗا

Baraheza bavuga babwira ba nyarucari bati: “Ntimurote muvavanura no gusenga imana zanyu ngo musenge Imana ya Nuhu; ntimureke gusenga “Waddu”, canke “Suwaa’u”, canke “Yaghuuthi”, canke “Ya’uuqa” na “Nasri”[3]”. info

[3] Ayo, ni amazina y’abantu beranda, bigeze kubaho hanyuma barapfa, maze shetani iraheza yosha abantu babo ko bobagirira ivyibutso bazokwama babibukirako, gutyo bagamburukire Imana Allah kurusha. Abashinze ivyo vyibutso, bamaze guhwera, hagaca igihe kirekire, shetani yashotse yosha abuzukuruza babo ko bosenga nya vyibutso, bakanavyifashisha mu gusaba. Ni na co gituma rero, kizira kikaziririzwa kugira ibishusho n'ivyibutso, kwubakira iburi ku mva, kuko inyuma y’igihe kirekire birashobora gusengwa mu gishingo c’Imana Allah.

التفاسير:

external-link copy
24 : 71

وَقَدۡ أَضَلُّواْ كَثِيرٗاۖ وَلَا تَزِدِ ٱلظَّٰلِمِينَ إِلَّا ضَلَٰلٗا

Mu vy’ukuri abarongoye abandi, baramaze guhubisha ba nyarucari benshi. Kubera ivyo rero Mana! Ndagusavye ntiwongerereze abirenganije mu kukugarariza, kiretse ubuhuvyi n’agahombo ku kandi". info
التفاسير:

external-link copy
25 : 71

مِّمَّا خَطِيٓـَٰٔتِهِمۡ أُغۡرِقُواْ فَأُدۡخِلُواْ نَارٗا فَلَمۡ يَجِدُواْ لَهُم مِّن دُونِ ٱللَّهِ أَنصَارٗا

Kubera ibicumuro vyabo vy’agahomerabunwa rero, basomeshejwe nturi biturutse kw’isegenya. Bazokwinjizwa no mu muriro udahera. Ntibazoshobora kuronka ababatabara mu bihano, kiretse Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 71

وَقَالَ نُوحٞ رَّبِّ لَا تَذَرۡ عَلَى ٱلۡأَرۡضِ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ دَيَّارًا

Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), imaze kwihebura ko batacemeye, yavuze iti: “Mana yanje Rurema Allah! Ntusige n’igisanira muri abo bagarariji, kigendagenda kw’isi; info
التفاسير:

external-link copy
27 : 71

إِنَّكَ إِن تَذَرۡهُمۡ يُضِلُّواْ عِبَادَكَ وَلَا يَلِدُوٓاْ إِلَّا فَاجِرٗا كَفَّارٗا

Mu vy’ukuri, niwabasigaza kuri iyi si, bazohubisha ibiremwa vyawe, kandi ntibazokwibaruka atari abantu b’abanyavyaha, b’abagarariji; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 71

رَّبِّ ٱغۡفِرۡ لِي وَلِوَٰلِدَيَّ وَلِمَن دَخَلَ بَيۡتِيَ مُؤۡمِنٗا وَلِلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُؤۡمِنَٰتِۖ وَلَا تَزِدِ ٱلظَّٰلِمِينَ إِلَّا تَبَارَۢا

Mana yanje Rurema Allah! Ngirira imbabazi jewe n’abavyeyi banje, n’uwo wese yinjiye mu nzu yanje yemera Imana Allah. Wongere ubabarire abemeramana n’abemeramanakazi, kandi ntiwongerereze abirenganije mu kugarariza, kiretse ukubahonya kw'isi, hamwe n’agahombo mu buzima bw’inyuma yo gupfa”. info
التفاسير: