[3] Ayo, ni amazina y’abantu beranda, bigeze kubaho hanyuma barapfa, maze shetani iraheza yosha abantu babo ko bobagirira ivyibutso bazokwama babibukirako, gutyo bagamburukire Imana Allah kurusha. Abashinze ivyo vyibutso, bamaze guhwera, hagaca igihe kirekire, shetani yashotse yosha abuzukuruza babo ko bosenga nya vyibutso, bakanavyifashisha mu gusaba. Ni na co gituma rero, kizira kikaziririzwa kugira ibishusho n'ivyibutso, kwubakira iburi ku mva, kuko inyuma y’igihe kirekire birashobora gusengwa mu gishingo c’Imana Allah.