Traduction des sens du Noble Coran - La traduction kirundi - Youssef Ghahiti

Numéro de la page:close

external-link copy
4 : 57

هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ يَعۡلَمُ مَا يَلِجُ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا يَخۡرُجُ مِنۡهَا وَمَا يَنزِلُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ وَمَا يَعۡرُجُ فِيهَاۖ وَهُوَ مَعَكُمۡ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ

Ni Yo Yaremye amajuru indwi n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo “Al’Arsh” mu buryo buberanye n'icubahiro cayo; Irazi neza ibinyikira mw’isi nk’amama y’imvura n’ibindi[1]; ibiva mw’isi nk’ibimera, ubutare n’amazi n’ibindi; ibimanuka biva mw’ijuru nk’imvura, abamalayika n’Ibitabu, n’ibindi; ibiduga bija mw’ijuru nk’abamalayika, ibikorwa vy’ibiremwa, n’ibindi; kandi Yamye Iri kumwe na mwe ku bumenyi bwayo aho muri hose. Ni na Yo rero Ibona neza ivyo mukora, Nyenukubona. info

[1] Nk’abapfuye n’ibindi bitagira ubuzima.

التفاسير:

external-link copy
5 : 57

لَّهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَإِلَى ٱللَّهِ تُرۡجَعُ ٱلۡأُمُورُ

Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo. Kandi ibiremwa vyose bizosubira kuri Yo, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 57

يُولِجُ ٱلَّيۡلَ فِي ٱلنَّهَارِ وَيُولِجُ ٱلنَّهَارَ فِي ٱلَّيۡلِۚ وَهُوَ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ

Yinjiza igice c’ijoro mu murango, maze umurango ukaba muremure; Ikinjiza igice c’umurango mw’ijoro, maze ijoro rikaba rirerire. Ni Yo rero Izi n’ibihishijwe mu mishaha. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 57

ءَامِنُواْ بِٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَأَنفِقُواْ مِمَّا جَعَلَكُم مُّسۡتَخۡلَفِينَ فِيهِۖ فَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنكُمۡ وَأَنفَقُواْ لَهُمۡ أَجۡرٞ كَبِيرٞ

Bantu! Nimwemere Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), muheze mutange no mu vyo Imana Allah Ibakurakuranyako mu matungo. Bantu! Burya abemeye vy’ukuri muri mwebwe, bakanatanga mu matungo yabo, bazoronka impembo nta ngere. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 57

وَمَا لَكُمۡ لَا تُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَٱلرَّسُولُ يَدۡعُوكُمۡ لِتُؤۡمِنُواْ بِرَبِّكُمۡ وَقَدۡ أَخَذَ مِيثَٰقَكُمۡ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ

Mbega mwafashwe n’igiki gituma mutemera Imana Imwe Rudende Allah ngo mwubahirize n’amabwirizwa yayo, kandi Intumwa yayo ibararikira kwemera Imana yanyu Rurema Allah! Kanatsinda Imana Allah, Yarafashe isezerano ryanyu ko muyemera nimwaba koko mwemera ko ari Yo Yabaremye. info
التفاسير:

external-link copy
9 : 57

هُوَ ٱلَّذِي يُنَزِّلُ عَلَىٰ عَبۡدِهِۦٓ ءَايَٰتِۭ بَيِّنَٰتٖ لِّيُخۡرِجَكُم مِّنَ ٱلظُّلُمَٰتِ إِلَى ٱلنُّورِۚ وَإِنَّ ٱللَّهَ بِكُمۡ لَرَءُوفٞ رَّحِيمٞ

Ni Yo Imanurira Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) Aayah zitomoye za Qor’ani, kugira Ibakure mu muzimagiza w’ubugarariji, Ibashire mu muco w’ukwemera. Mu vy’ukuri Imana Allah kuri mwebwe, ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 57

وَمَا لَكُمۡ أَلَّا تُنفِقُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَلِلَّهِ مِيرَٰثُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ لَا يَسۡتَوِي مِنكُم مَّنۡ أَنفَقَ مِن قَبۡلِ ٱلۡفَتۡحِ وَقَٰتَلَۚ أُوْلَٰٓئِكَ أَعۡظَمُ دَرَجَةٗ مِّنَ ٱلَّذِينَ أَنفَقُواْ مِنۢ بَعۡدُ وَقَٰتَلُواْۚ وَكُلّٗا وَعَدَ ٱللَّهُ ٱلۡحُسۡنَىٰۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ

Mbega mwafashwe n’igiki kibabuza gutanga mu nzira y’Imana Allah, kandi ari Yo Mwami w’abami Ikaba na Samuragwa w’amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose igihe ibiremwa vyose bizoba vyahonye! Abatanze muri mwebwe bakanarwanira Imana Allah imbere y’ihabuzwa rya Makka, ntibashobora kunganya indishi n’abakoze ivyo mu nyuma y’iryo habuzwa. Ababikoze imbere y’iryo habuzwa, ni bo bafise icubahiro gihambaye ku Mana Allah gisumba ic’ababikoze mu nyuma y’aho. Hamwe n’iryo tandukaniro mu cubahiro rero, umwe wese muri iyo migwi yompi, Imana Allah Yamusezeraniye Ubwami bw’ijuru. Burya Imana Allah, ivyo mukora vyose Irabizi, ni Yo Muhetuziwavyose, Izohembera umwumwe wese ku rugero rw’ivyo yakoze. info
التفاسير:

external-link copy
11 : 57

مَّن ذَا ٱلَّذِي يُقۡرِضُ ٱللَّهَ قَرۡضًا حَسَنٗا فَيُضَٰعِفَهُۥ لَهُۥ وَلَهُۥٓ أَجۡرٞ كَرِيمٞ

Ni nde Yotanga mu nzira y’Imana Allah ata kwihaya ata n’agashinyaguro, maze Imana Allah Ikamugwiriza indishi incuro nyinshi, Ikazonamuha impembo yubashwe kandi yamaho y’Ubwami bw’ijuru! info
التفاسير: