Traduction des sens du Noble Coran - La traduction kirundi - Youssef Ghahiti

external-link copy
51 : 5

۞ يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَتَّخِذُواْ ٱلۡيَهُودَ وَٱلنَّصَٰرَىٰٓ أَوۡلِيَآءَۘ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلِيَآءُ بَعۡضٖۚ وَمَن يَتَوَلَّهُم مِّنكُمۡ فَإِنَّهُۥ مِنۡهُمۡۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukagire abayahudi n’abanaswara abagenzi banyu somambike mu kubahereza amabanga yanyu, mu gihe ata rukundo babafitiye. Umugwi wose muri bo uracuditse n’uwundi; baratabarana hagati yabo, bagafatana mu mugongo mu kubarwanya. Uwuzobagira abagenzi somambike acuditse na bo rero, azoharurwa muri bo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntishoboza abantu birenganya mu gucudika n’abagarariji. info
التفاسير: