Traduction des sens du Noble Coran - La traduction kirundi - Youssef Ghahiti

Numéro de la page:close

external-link copy
61 : 26

فَلَمَّا تَرَٰٓءَا ٱلۡجَمۡعَانِ قَالَ أَصۡحَٰبُ مُوسَىٰٓ إِنَّا لَمُدۡرَكُونَ

Bamaze guhura na bo amaso mu yandi, abantu ba Musa n’ubwoba n’akantu bavuze bati: “Musa, ni ukuri abantu ba Firawuni nta kibuza baradufashe, turahonye!”. info
التفاسير:

external-link copy
62 : 26

قَالَ كَلَّآۖ إِنَّ مَعِيَ رَبِّي سَيَهۡدِينِ

Musa yabishuye ati: “Kizire, ntibagenda babafashe namba kuko ndi kumwe n’Imana yanje Rurema Allah mu kuntabara, Irandongora inzira idukura muri aka kaga”. info
التفاسير:

external-link copy
63 : 26

فَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنِ ٱضۡرِب بِّعَصَاكَ ٱلۡبَحۡرَۖ فَٱنفَلَقَ فَكَانَ كُلُّ فِرۡقٖ كَٱلطَّوۡدِ ٱلۡعَظِيمِ

Ni ho rero Twebwe Allah Twahishurira Musa Tumubwira Duti: “Kubita iyo nkoni yawe kw’ibahari”. Ubwo nyene ya bahari yicamwo inzira cumi na zibiri; zihuriranye n’igitigiri kingana n’amoko ya Bene Israyeli, maze igice cose c’ibahari kigabura inzira n’iyindi kiba nk’umusozi amahanga. info
التفاسير:

external-link copy
64 : 26

وَأَزۡلَفۡنَا ثَمَّ ٱلۡأٓخَرِينَ

Aho rero, ni ho Twashorera Firawuni n’ingabo ziwe gushika n’aho binjira mw’ibahari bibwira ngo bakurikiye Musa n’abo bari kumwe; info
التفاسير:

external-link copy
65 : 26

وَأَنجَيۡنَا مُوسَىٰ وَمَن مَّعَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ

Turaheza Turokora Musa n’abo bari kumwe bose, barajabuka amahoro gushika ku rundi ruhande rw’ibahari. info
التفاسير:

external-link copy
66 : 26

ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ

Mu nyuma, ni ho nya bahari yasubira guterana, maze Twebwe Allah Duca Dusomesha nturi Firawuni n’ingabo ziwe, bahonera rimwe. info
التفاسير:

external-link copy
67 : 26

إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ

Mu vy’ukuri, muri ivyo vyashikiye Firawuni n’ingabo ziwe, ni ukuri harimwo inkebuzo yerekena koko ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bakurikira Firawuni ntibahavuye bemera. info
التفاسير:

external-link copy
68 : 26

وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ

Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
69 : 26

وَٱتۡلُ عَلَيۡهِمۡ نَبَأَ إِبۡرَٰهِيمَ

Ntumwa y’Imana! Cira ku mayange abagarariji, inkuru ya Ibrahimu; info
التفاسير:

external-link copy
70 : 26

إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦ مَا تَعۡبُدُونَ

Igihe yabwira se hamwe n’abantu biwe ati: “Ni igiki musenga?”. info
التفاسير:

external-link copy
71 : 26

قَالُواْ نَعۡبُدُ أَصۡنَامٗا فَنَظَلُّ لَهَا عَٰكِفِينَ

Bavuze bamwishura bati: “Dusenga ibigirwamana, tugaheza tukavyiyegurira”. info
التفاسير:

external-link copy
72 : 26

قَالَ هَلۡ يَسۡمَعُونَكُمۡ إِذۡ تَدۡعُونَ

Ibrahimu yababwiye abanebagura ati: “None burya, ivyo bigirwamana biraheza bikabumvira igisabisho iyo mubisavye? info
التفاسير:

external-link copy
73 : 26

أَوۡ يَنفَعُونَكُمۡ أَوۡ يَضُرُّونَ

Canke bikagira ico bibamariye iyo mubisenze? Canke bikagira ico bibiciye iyo mutabisenze?”. info
التفاسير:

external-link copy
74 : 26

قَالُواْ بَلۡ وَجَدۡنَآ ءَابَآءَنَا كَذَٰلِكَ يَفۡعَلُونَ

Bavuze bamwishura bati: “Eka nta na kimwe tuziga kuri ivyo bigirwamana! Ahubwo twasanze abavyeyi bacu babisenga, na twe tubisenga ukwo”. info
التفاسير:

external-link copy
75 : 26

قَالَ أَفَرَءَيۡتُم مَّا كُنتُمۡ تَعۡبُدُونَ

Ibrahimu yavuze ati: “Mbe burya muraraba mukazirikana ivyo musenga; info
التفاسير:

external-link copy
76 : 26

أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُمُ ٱلۡأَقۡدَمُونَ

Mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu b’abakurambere! info
التفاسير:

external-link copy
77 : 26

فَإِنَّهُمۡ عَدُوّٞ لِّيٓ إِلَّا رَبَّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Mu vy’ukuri ivyo musenga mu gishingo c'Imana Allah, vyose ni abansi kuri jewe, ariko Imana Rurema w’ibiremwa vyose, ni Yo gusa nsenga; info
التفاسير:

external-link copy
78 : 26

ٱلَّذِي خَلَقَنِي فَهُوَ يَهۡدِينِ

Ni Yo Yandemye mw’ishusho ryiza, Iraheza Irandongora mu gukora ibimfitiye akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa; info
التفاسير:

external-link copy
79 : 26

وَٱلَّذِي هُوَ يُطۡعِمُنِي وَيَسۡقِينِ

Ni na Yo Indonsa imfugurwa Ikandonsa n’ico nywa; info
التفاسير:

external-link copy
80 : 26

وَإِذَا مَرِضۡتُ فَهُوَ يَشۡفِينِ

N’iyo ndwaye, ni Yo Inkiza nkaroranirwa mu magara; info
التفاسير:

external-link copy
81 : 26

وَٱلَّذِي يُمِيتُنِي ثُمَّ يُحۡيِينِ

Ni na Yo Inyaka ubuzima kw’isi ngapfa, hanyuma Ikazonsubiza kandi ubuzima ku musi w’izuka, nkazuka; info
التفاسير:

external-link copy
82 : 26

وَٱلَّذِيٓ أَطۡمَعُ أَن يَغۡفِرَ لِي خَطِيٓـَٔتِي يَوۡمَ ٱلدِّينِ

Ni na Yo nizeye ko Ingumiriza akabanga Ikazombabarira ivyaha vyanje ku musi w’impera”. info
التفاسير:

external-link copy
83 : 26

رَبِّ هَبۡ لِي حُكۡمٗا وَأَلۡحِقۡنِي بِٱلصَّٰلِحِينَ

Ibrahimu yavuze asaba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mpa ubumenyi no gutahura bikwiye, Wongere Unkurikize aberanda tuzohurira mu Bwami bw’ijuru; info
التفاسير: