Traduction des sens du Noble Coran - La traduction kirundi - Youssef Ghahiti

Numéro de la page:close

external-link copy
29 : 11

وَيَٰقَوۡمِ لَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مَالًاۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَى ٱللَّهِۚ وَمَآ أَنَا۠ بِطَارِدِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْۚ إِنَّهُم مُّلَٰقُواْ رَبِّهِمۡ وَلَٰكِنِّيٓ أَرَىٰكُمۡ قَوۡمٗا تَجۡهَلُونَ

Bantu banje! Nta matungo ndabasaba ko mwompemba kw’irarikiramana ryanje, ariko impembo yanje ndayiziga ku Mana Allah. Sindota rero nirukana abemeramana ndabahora ko ari ba nyarucari, kugira ngo mwemere, mu vy’ukuri bazohura n’Imana yabo Rurema Allah ku musi w’izuka, ariko rero jewe mbona ko muri inshirasoni mukaba n’abahanuzi babi; info
التفاسير:

external-link copy
30 : 11

وَيَٰقَوۡمِ مَن يَنصُرُنِي مِنَ ٱللَّهِ إِن طَرَدتُّهُمۡۚ أَفَلَا تَذَكَّرُونَ

Bantu banje! Ni nde yontabara ku bihano, mu gihe Imana Allah Yompanira ukwirukana abemeramana? Ubwo ntimwokwibuka mukamenya ikibafitiye akamaro kurusha ibindi! info
التفاسير:

external-link copy
31 : 11

وَلَآ أَقُولُ لَكُمۡ عِندِي خَزَآئِنُ ٱللَّهِ وَلَآ أَعۡلَمُ ٱلۡغَيۡبَ وَلَآ أَقُولُ إِنِّي مَلَكٞ وَلَآ أَقُولُ لِلَّذِينَ تَزۡدَرِيٓ أَعۡيُنُكُمۡ لَن يُؤۡتِيَهُمُ ٱللَّهُ خَيۡرًاۖ ٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا فِيٓ أَنفُسِهِمۡ إِنِّيٓ إِذٗا لَّمِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Jewe sindigera ndababwira na rimwe ko ngaba ibigega vy’Imana Allah, sindanababwira ko nzi ibinyegejwe ibiremwa, canke ko ndi umumalayika; vyongeye sinorota mbwira abo musuzugura mu bemeramana, ko Imana Allah Itazobahembera ivyiza bakora; burya Imana Allah, ni Yo Izi gusumba ibiri mu mishaha yabo; ndamutse rero ndabikoze ukwo, muri ico gihe noba ndi mu barenganya”. info
التفاسير:

external-link copy
32 : 11

قَالُواْ يَٰنُوحُ قَدۡ جَٰدَلۡتَنَا فَأَكۡثَرۡتَ جِدَٰلَنَا فَأۡتِنَا بِمَا تَعِدُنَآ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ

Abantu ba Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) bamubwiye bati: “Ewe Nuhu! Ni ukuri, uramaze kutubwira ivyemezo vyawe akatari gake, uranaduhaririza kenshi, enda nyabuna rero, zana ibihano udusezeranira niwaba uri mu mvugakuri!”. info
التفاسير:

external-link copy
33 : 11

قَالَ إِنَّمَا يَأۡتِيكُم بِهِ ٱللَّهُ إِن شَآءَ وَمَآ أَنتُم بِمُعۡجِزِينَ

Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabishuye ati: “Mu vy’ukuri, Imana Allah niyabishaka, Izobaha ibihano, kandi mwebwe ntimuzoyinanira; info
التفاسير:

external-link copy
34 : 11

وَلَا يَنفَعُكُمۡ نُصۡحِيٓ إِنۡ أَرَدتُّ أَنۡ أَنصَحَ لَكُمۡ إِن كَانَ ٱللَّهُ يُرِيدُ أَن يُغۡوِيَكُمۡۚ هُوَ رَبُّكُمۡ وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ

Eka n’ukwita kwanje ku rutare ndabahanura nshaka ko mwemera, nta co kuzobamarira mu gihe Imana Allah Yoshaka kubahubisha ngo Iheze Ibahane, ni Yo Mana yanyu Rurema, impera n'imperuka rero, ni no kuri Yo muzosubizwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira Ibahembere ivyo mwakoze kw’isi”. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 11

أَمۡ يَقُولُونَ ٱفۡتَرَىٰهُۖ قُلۡ إِنِ ٱفۡتَرَيۡتُهُۥ فَعَلَيَّ إِجۡرَامِي وَأَنَا۠ بَرِيٓءٞ مِّمَّا تُجۡرِمُونَ

Ahubwo rero ababangikanyamana mu bantu ba Nuhu, bavuga ko Nuhu yarementanije ivyo ababwira. Nuhu! Bishure ubabwire uti: “Ninaba nararementanirije Imana Allah ivyo ndababwira, ivyaha vy’iryo rementanya biri ku gatwe kanje, kandi jewe nditandukanije n’ivyaha mukora”. info
التفاسير:

external-link copy
36 : 11

وَأُوحِيَ إِلَىٰ نُوحٍ أَنَّهُۥ لَن يُؤۡمِنَ مِن قَوۡمِكَ إِلَّا مَن قَدۡ ءَامَنَ فَلَا تَبۡتَئِسۡ بِمَا كَانُواْ يَفۡعَلُونَ

Ibihano rero bigomba bishike, Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yahishuriwe n’Imana Allah, Imubwira Iti: “Nta wurota akwemera mu bantu bawe kiretse uwamaze kukwemera imbere y’aha, ntugatuntuzwe rero n’ivyo bakora; info
التفاسير:

external-link copy
37 : 11

وَٱصۡنَعِ ٱلۡفُلۡكَ بِأَعۡيُنِنَا وَوَحۡيِنَا وَلَا تُخَٰطِبۡنِي فِي ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ إِنَّهُم مُّغۡرَقُونَ

Nyaragasa rero ubaze ubwato ku mugaragaro aho Twebwe Allah Tubona[7] kw’itegeko ryacu kuko ukingiwe, kandi ntunsabe ko notenyenya guhana abirenganije, kuko mu vy’ukuri bazotwarwa n’isegenya”. info

[7] Iyi Aayah iremeza ko Imana Allah Ifise amaso mu buryo bujanye n’icubahiro cayo.

التفاسير: