Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti.

Tonngoode hello ngoo:close

external-link copy
102 : 6

ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبُّكُمۡۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ خَٰلِقُ كُلِّ شَيۡءٖ فَٱعۡبُدُوهُۚ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ وَكِيلٞ

Babangikanyamana! Iyo rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, nta mana y’ukuri ibwirijwe gusengwa atari Yo, Yaremye ikintu cose kibaho, nimuyiyegereze rero mu vyo mukora vyose munayisenge. Ni na Yo rero Muhagarikizi Ibungabunga ibintu vyose; info
التفاسير:

external-link copy
103 : 6

لَّا تُدۡرِكُهُ ٱلۡأَبۡصَٰرُ وَهُوَ يُدۡرِكُ ٱلۡأَبۡصَٰرَۖ وَهُوَ ٱللَّطِيفُ ٱلۡخَبِيرُ

Ntibonwa n’amaso y’ibiremwa kw’isi[17] mu gihe Yo Ibona ibiremwa vyose. Ni na Yo rero Rumenyi-Rudahishwa, Muhetuziwavyose! info

[17] Ariko mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abemeramana bazoyibona n’amaso ukuri kwamye.

التفاسير:

external-link copy
104 : 6

قَدۡ جَآءَكُم بَصَآئِرُ مِن رَّبِّكُمۡۖ فَمَنۡ أَبۡصَرَ فَلِنَفۡسِهِۦۖ وَمَنۡ عَمِيَ فَعَلَيۡهَاۚ وَمَآ أَنَا۠ عَلَيۡكُم بِحَفِيظٖ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mwaramaze gushikirwa n’ivyemezo bigaragara[18] bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah bitandukanya ubugororotsi n’ubuhuvyi. Uwuzobitahura rero akemera, izoba ari ineza kuri we; uwutazobitahura na we, azoba yikwegeye akarambaraye. Jewe sinjejwe kubungabunga ivyo mukora, njejwe gusa gushikiriza ubutumwa”. info

[18] Biri muri Qor’ani n’inyigisho z’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

التفاسير:

external-link copy
105 : 6

وَكَذَٰلِكَ نُصَرِّفُ ٱلۡأٓيَٰتِ وَلِيَقُولُواْ دَرَسۡتَ وَلِنُبَيِّنَهُۥ لِقَوۡمٖ يَعۡلَمُونَ

Ntumwa y'Imana! Ni nk’uko nyene rero - Twebwe Allah Dutomora ivyemezo vyerekana ukuri kugira ngo kumenyekane - Duheza Tugatomorera ababangikanyamana ivyo batazi, kugira bahakane bigovyora bati: “Wavyigishijwe n’abahawe Igitabu”, no kugira Dutomorere ukuri abantu b’incabwenge, baheze bagukurikire[19]. info

[19] Abo, ni abemeye bakanakurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’ivyo yahishuriwe muri Qor’ani.

التفاسير:

external-link copy
106 : 6

ٱتَّبِعۡ مَآ أُوحِيَ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ وَأَعۡرِضۡ عَنِ ٱلۡمُشۡرِكِينَ

Ntumwa y’Imana! Kurikira nyabuna amabwirizwa wahishuriwe n’Imana yawe Rurema Allah, ashingiye ku kwemera ko ata mana y’ukuri ibwirijwe gusengwa atari Yo, unirengagize ubutumva bw’ababangikanyamana. info
التفاسير:

external-link copy
107 : 6

وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ مَآ أَشۡرَكُواْۗ وَمَا جَعَلۡنَٰكَ عَلَيۡهِمۡ حَفِيظٗاۖ وَمَآ أَنتَ عَلَيۡهِم بِوَكِيلٖ

Iyo rero Imana Allah Ishaka ko batayibangikanya, ntibari kuyibangikanya, ariko Irazi neza mu vyagezwe ko bazohitamwo ibangikanyamana. Kanatsinda, ntitwakugize umubungabunzi w’ivyo bakora, eka nturi n’umuhagarikizi ajejwe kubatunganiriza uko babayeho. info
التفاسير:

external-link copy
108 : 6

وَلَا تَسُبُّواْ ٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ فَيَسُبُّواْ ٱللَّهَ عَدۡوَۢا بِغَيۡرِ عِلۡمٖۗ كَذَٰلِكَ زَيَّنَّا لِكُلِّ أُمَّةٍ عَمَلَهُمۡ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّهِم مَّرۡجِعُهُمۡ فَيُنَبِّئُهُم بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Bislamu! Ntimugatuke ibigirwamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ku kwanka ko na bo bohava batuka Imana Allah ku kutamenya icubahiro cayo. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabaryohereje gukora ibibi ku kubahana kuko ari vyo bihitiyemwo ubwabo - Turyohereza umugwi wose w’abantu ibikorwa wihitiyemwo, hanyuma bazosubizwa ku Mana yabo Rurema Allah, Iheze Ibamenyeshe ido n’ido y’ivyo bahora bakora kw’isi, Inabibahembere. info
التفاسير:

external-link copy
109 : 6

وَأَقۡسَمُواْ بِٱللَّهِ جَهۡدَ أَيۡمَٰنِهِمۡ لَئِن جَآءَتۡهُمۡ ءَايَةٞ لَّيُؤۡمِنُنَّ بِهَاۚ قُلۡ إِنَّمَا ٱلۡأٓيَٰتُ عِندَ ٱللَّهِۖ وَمَا يُشۡعِرُكُمۡ أَنَّهَآ إِذَا جَآءَتۡ لَا يُؤۡمِنُونَ

Ababangikanyamana bararahiye bararengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko Muhamadi aramutse abashikirije igitangaro bazocemera. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ni ukuri, burya ibitangaro biva ku Mana Allah. Mbega bemeramana! Ni igiki cobamenyesha ko ivyo bitangaro mu gihe vyoshika, batovyemera!”. info
التفاسير:

external-link copy
110 : 6

وَنُقَلِّبُ أَفۡـِٔدَتَهُمۡ وَأَبۡصَٰرَهُمۡ كَمَا لَمۡ يُؤۡمِنُواْ بِهِۦٓ أَوَّلَ مَرَّةٖ وَنَذَرُهُمۡ فِي طُغۡيَٰنِهِمۡ يَعۡمَهُونَ

Burya imishaha n’amaso vyabo Turanabihindukiza Tugatuma Qor’ani ata na kimwe ibungura, gutyo ntibayemere nk’uko batigeze bayemera ubwa mbere icururuka, Tukanabarekera mu butumva bwabo bajuragirika mu kubura ico bafata n'ico bareka hagati yo kwemera no guhakana. info
التفاسير: