Firo maanaaji al-quraan tedduɗo oo - Eggo (nantino) haala Kirundi nden - Yusuf Ghayiti.

Tonngoode hello ngoo:close

external-link copy
74 : 6

۞ وَإِذۡ قَالَ إِبۡرَٰهِيمُ لِأَبِيهِ ءَازَرَ أَتَتَّخِذُ أَصۡنَامًا ءَالِهَةً إِنِّيٓ أَرَىٰكَ وَقَوۡمَكَ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ

Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) abwira se wiwe Aazara ati: “Mbega none ufata ibishusho ukabigira ibigirwamana usenga mu gishingo c’Imana Allah! Jewe mu vy’ukuri mbona ko wewe hamwe n’abantu bawe muri mu buhuvyi bugaragara”. info
التفاسير:

external-link copy
75 : 6

وَكَذَٰلِكَ نُرِيٓ إِبۡرَٰهِيمَ مَلَكُوتَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلِيَكُونَ مِنَ ٱلۡمُوقِنِينَ

Ni nk’uko nyene rero Ibrahimu - Twamurongoye mu kwiyegereza Imana Allah mu vyo akora vyose anayisenga - Tumwereka ubwami buhambaye bw’amajuru n’isi kugira abe mu bantu batsimbataye ku kwemera. info
التفاسير:

external-link copy
76 : 6

فَلَمَّا جَنَّ عَلَيۡهِ ٱلَّيۡلُ رَءَا كَوۡكَبٗاۖ قَالَ هَٰذَا رَبِّيۖ فَلَمَّآ أَفَلَ قَالَ لَآ أُحِبُّ ٱلۡأٓفِلِينَ

Igihe ijoro ryijima, Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabonye inyenyeri maze abwira abantu yarungitsweko ashaka kubereka ko ukwemera kwabo gushingiye ku kinyoma[8], ati: “Iyi, ngira ngo ni yo mana yanje!”. Nya nyenyeri imaze kurenga, ni ho yababwira ati: “Eka! Sinkunda imana zihita zikazimangana”. info

[8] Hari mu ntumbero yo kubereka ko ibigirwamana basenga harimwo n’inyenyeri, bidakwiye gusengwa kuko ata co vyimariye.

التفاسير:

external-link copy
77 : 6

فَلَمَّا رَءَا ٱلۡقَمَرَ بَازِغٗا قَالَ هَٰذَا رَبِّيۖ فَلَمَّآ أَفَلَ قَالَ لَئِن لَّمۡ يَهۡدِنِي رَبِّي لَأَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلضَّآلِّينَ

Igihe yabona ukwezi guserutse, yababwiye ati: “Iyi, ngira ngo ni yo mana yanje”. Kwa kwezi kumaze kurenga, ni ho yababwira n’agashinyaguro ati: “Imana yanje Rurema nitanshoboza gutumbera ukuri, ni ukuri nzohava mba mu bantu bahuvye inzira igororotse!”. info
التفاسير:

external-link copy
78 : 6

فَلَمَّا رَءَا ٱلشَّمۡسَ بَازِغَةٗ قَالَ هَٰذَا رَبِّي هَٰذَآ أَكۡبَرُۖ فَلَمَّآ أَفَلَتۡ قَالَ يَٰقَوۡمِ إِنِّي بَرِيٓءٞ مِّمَّا تُشۡرِكُونَ

Igihe yabona izuba riserutse, yababwiye ati: “Iyi, ngira ngo ni yo mana yanje, iyi ni yo nini gusumba inyenyeri n’ukwezi”. Rya zuba rimaze kurenga, ni ho yababwira ati: “Jewe mu vy’ukuri, nditandukanije n’ivyo mubangikanya n’Imana Allah mu bishusho n’inyenyeri; info
التفاسير:

external-link copy
79 : 6

إِنِّي وَجَّهۡتُ وَجۡهِيَ لِلَّذِي فَطَرَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ حَنِيفٗاۖ وَمَآ أَنَا۠ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ

Jewe mu vy’ukuri, naramaze gutumbera Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu kuyiyegereza mu vyo nkora vyose, nkanayisenga ntayibangikanya, kandi jewe si ndi mu babangikanyamana”. info
التفاسير:

external-link copy
80 : 6

وَحَآجَّهُۥ قَوۡمُهُۥۚ قَالَ أَتُحَٰٓجُّوٓنِّي فِي ٱللَّهِ وَقَدۡ هَدَىٰنِۚ وَلَآ أَخَافُ مَا تُشۡرِكُونَ بِهِۦٓ إِلَّآ أَن يَشَآءَ رَبِّي شَيۡـٔٗاۚ وَسِعَ رَبِّي كُلَّ شَيۡءٍ عِلۡمًاۚ أَفَلَا تَتَذَكَّرُونَ

Abantu Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yarungitsweko baramuharirije ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, maze ababwira ati: “Mbega mumpaririza ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, kandi Yaramaze kunshoboza kumenya ko ari Yo Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende! Sindanatinya ko ibigirwamana musenga hari ico vyontwara kiretse mu gihe Imana yanje Rurema Allah Yoshaka ko hari ikinshikira. Burya ubumenyi bw’Imana yanje Rurema Allah bukikije ikintu cose. Mbega ntimwokwibuka mukamenya ko ari Yo Ikwiye gusengwa Itabangikanywa!”. info
التفاسير:

external-link copy
81 : 6

وَكَيۡفَ أَخَافُ مَآ أَشۡرَكۡتُمۡ وَلَا تَخَافُونَ أَنَّكُمۡ أَشۡرَكۡتُم بِٱللَّهِ مَا لَمۡ يُنَزِّلۡ بِهِۦ عَلَيۡكُمۡ سُلۡطَٰنٗاۚ فَأَيُّ ٱلۡفَرِيقَيۡنِ أَحَقُّ بِٱلۡأَمۡنِۖ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ

Ni gute notinya ko ibigirwamana musenga hari ico vyontwara, mu gihe na mwe mudatinya ko mwabangikanije Imana Allah mu buryo ata n’icemezo Yabamanuriye kibibarekurira! Mbega ni uwuhe mugwi hagati y’ababangikanyamana n’abemeramana ukwiye gutekanirwa ko utazohanwa n’Imana Allah! Nimwaba muzi neza ukuri kw’ivyo ndababwiye, nimunyishure! info
التفاسير: