Traducción de los significados del Sagrado Corán - Traducción al Kirundi - Yusuf Ghahiti

Número de página:close

external-link copy
23 : 89

وَجِاْيٓءَ يَوۡمَئِذِۭ بِجَهَنَّمَۚ يَوۡمَئِذٖ يَتَذَكَّرُ ٱلۡإِنسَٰنُ وَأَنَّىٰ لَهُ ٱلذِّكۡرَىٰ

Umuriro wa Jahannamu na wo kuri uwo musi, ugashirwa ahabona; uwo musi, umuntu w’umugarariji azokwikebuka yibuke kwigaya, ariko rero ukwo kwibuka akigaya, nta co kuzomumarira. info
التفاسير:

external-link copy
24 : 89

يَقُولُ يَٰلَيۡتَنِي قَدَّمۡتُ لِحَيَاتِي

Azovuga yicuza ati: “Ubona iyo nkora nkiri kw’isi ivyomfasha muri ubu buzima bwanje bw’inyuma yo gupfa!”. info
التفاسير:

external-link copy
25 : 89

فَيَوۡمَئِذٖ لَّا يُعَذِّبُ عَذَابَهُۥٓ أَحَدٞ

Kuri uwo musi rero, nta wuzohana umuhakanyi bikwiye nk’igihano c’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 89

وَلَا يُوثِقُ وَثَاقَهُۥٓ أَحَدٞ

Kandi nta wuzoboha nk’Imana Allah mu kudadira umuhakanyi. info
التفاسير:

external-link copy
27 : 89

يَٰٓأَيَّتُهَا ٱلنَّفۡسُ ٱلۡمُطۡمَئِنَّةُ

Iyo umwemeramana apfuye, abwirwa ati: “Ewe mutima utekanishijwe n’ininahaza n’itaziramana hamwe n’ukwemera Imana Allah! info
التفاسير:

external-link copy
28 : 89

ٱرۡجِعِيٓ إِلَىٰ رَبِّكِ رَاضِيَةٗ مَّرۡضِيَّةٗ

Subira ku Mana yawe Rurema Allah wishimiye impera yayo, wishimiwe n’Iyakuremye Allah; info
التفاسير:

external-link copy
29 : 89

فَٱدۡخُلِي فِي عِبَٰدِي

Uheze winjire rero mu mugwi w’abaja banje beranda; info
التفاسير:

external-link copy
30 : 89

وَٱدۡخُلِي جَنَّتِي

Winjire no mu Bwami bwanje bw’ijuru”. info
التفاسير: