Traducción de los significados del Sagrado Corán - Traducción al Kirundi - Yusuf Ghahiti

external-link copy
143 : 7

وَلَمَّا جَآءَ مُوسَىٰ لِمِيقَٰتِنَا وَكَلَّمَهُۥ رَبُّهُۥ قَالَ رَبِّ أَرِنِيٓ أَنظُرۡ إِلَيۡكَۚ قَالَ لَن تَرَىٰنِي وَلَٰكِنِ ٱنظُرۡ إِلَى ٱلۡجَبَلِ فَإِنِ ٱسۡتَقَرَّ مَكَانَهُۥ فَسَوۡفَ تَرَىٰنِيۚ فَلَمَّا تَجَلَّىٰ رَبُّهُۥ لِلۡجَبَلِ جَعَلَهُۥ دَكّٗا وَخَرَّ مُوسَىٰ صَعِقٗاۚ فَلَمَّآ أَفَاقَ قَالَ سُبۡحَٰنَكَ تُبۡتُ إِلَيۡكَ وَأَنَا۠ أَوَّلُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Igihe rero Musa yaza, ikiringo c’amajoro mirongo ine kimaze gukwira, maze Imana yiwe Rurema Allah Ikavugana na we mu kumuhishurira amabwirizwa yayo, yaripfuje kubona Imana Allah imbona nkubone, aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nyiyereke ndakubone”. Imana Allah Iraheza Imwishura Iti: “Ntushobora kumbona mu buzima bwo kw’isi! Ariko raba urya musozi, ninawiyereka ugashobora kuguma nk’uko uri, muri ico gihe na we urashobora kumbona”. Imana yiwe Rurema Allah Imaze kwiyereka nya musozi waciye usenyuka urayoka, Musa na we aca agwa igihumura araraba. Amaze kurabuka, aca avuga ati: “Ininahazwa ni iryawe Mana! Ndigaye kugusaba kukubona imbona nkubone kw’isi, kandi jewe ndi n’uwa mbere mu bemeramana mu bantu banje”. info
التفاسير: