Traducción de los significados del Sagrado Corán - Traducción al Kirundi - Yusuf Ghahiti

Número de página:close

external-link copy
17 : 40

ٱلۡيَوۡمَ تُجۡزَىٰ كُلُّ نَفۡسِۭ بِمَا كَسَبَتۡۚ لَا ظُلۡمَ ٱلۡيَوۡمَۚ إِنَّ ٱللَّهَ سَرِيعُ ٱلۡحِسَابِ

Kuri uyu musi rero, umuntu uwo ari we wese ahemberwa ivyo yarondeye kw’isi; impembo nziza ku ciza canke impembo mbi ku kibi. Kuri uyu musi rero, nta n’umwe arenganywa mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke mu kugabanywa indishi”. Mu vy’ukuri Imana Allah, Iranyarutsa mu guharurira no mu guhemba ibiremwa. info
التفاسير:

external-link copy
18 : 40

وَأَنذِرۡهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡأٓزِفَةِ إِذِ ٱلۡقُلُوبُ لَدَى ٱلۡحَنَاجِرِ كَٰظِمِينَۚ مَا لِلظَّٰلِمِينَ مِنۡ حَمِيمٖ وَلَا شَفِيعٖ يُطَاعُ

Ntumwa y’Imana! Gabisha abantu ku bihano vyo ku musi w’izuka uri hafi kugera, igihe imishaha y’ibiremwa izohababuka igahakwa kubivamwo ikabigera mu muhogo, vyishwe n’agahinda hamwe n’intuntu n’akantu. Abirenganije mw’igarariza, ntibazoronka umugenzi canke incuti, eka nta n’uwubavugira bazoronka yobavugira ku Mana Allah ngo yumvirwe. info
التفاسير:

external-link copy
19 : 40

يَعۡلَمُ خَآئِنَةَ ٱلۡأَعۡيُنِ وَمَا تُخۡفِي ٱلصُّدُورُ

Imana Allah Irazi neza agahemo k’amaso, Irazi n’ibihishijwe mu mishaha; yaba ineza canke inabi; info
التفاسير:

external-link copy
20 : 40

وَٱللَّهُ يَقۡضِي بِٱلۡحَقِّۖ وَٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ مِن دُونِهِۦ لَا يَقۡضُونَ بِشَيۡءٍۗ إِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡبَصِيرُ

Kandi Imana Allah, Icira urutunganye vy’ukuri ibiremwa. Nayo ibigirwamana bisengwa mu gishingo cayo, nta na kimwe bishoboye gutunganya mu bijanye no gucira imanza ibiremwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenukubona, Irabona neza ivyo bikora, Izobibihembera. info
التفاسير:

external-link copy
21 : 40

۞ أَوَلَمۡ يَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ كَانُواْ مِن قَبۡلِهِمۡۚ كَانُواْ هُمۡ أَشَدَّ مِنۡهُمۡ قُوَّةٗ وَءَاثَارٗا فِي ٱلۡأَرۡضِ فَأَخَذَهُمُ ٱللَّهُ بِذُنُوبِهِمۡ وَمَا كَانَ لَهُم مِّنَ ٱللَّهِ مِن وَاقٖ

Ntumwa y’Imana! Mbega abahakanyi batigera bakwemera, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo, ryagenze! Abari aho, bari bafise ingabo n’inguvu nyinshi kubarusha, basize n’ibisigarira bigizwe n’inyubakwa n’ibindi vyerekana ko bari bahambaye kubasumba; ivyo vyose rero, nta co vyabamariye hageze guhanwa. Ni ho rero Imana Allah, Yabashikura Ikabahanira ivyaha vyabo, eka ntibanaronse uwubakingira ibihano vy’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
22 : 40

ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ كَانَت تَّأۡتِيهِمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَكَفَرُواْ فَأَخَذَهُمُ ٱللَّهُۚ إِنَّهُۥ قَوِيّٞ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ

Ivyo bihano rero vyahawe abahakanyi b’aho hambere, kuko bashikiriwe n’Intumwa z’Imana, zaje zibangikanije ivyemezo vyerekana ukuri kwazo, baraheza barazihakana bivuye inyuma, Imana Allah Ica Irabashikura Irabahana. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyeninguvu, Irahana Igahasha uwo wese ayigarariza. info
التفاسير:

external-link copy
23 : 40

وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا مُوسَىٰ بِـَٔايَٰتِنَا وَسُلۡطَٰنٖ مُّبِينٍ

Ni ukuri, Twaranarungikanye Musa ivyemezo vya Aayah zacu hamwe n’icemezo kigaragaza ko Imana Allah ari Imwe Rudende; info
التفاسير:

external-link copy
24 : 40

إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ وَهَٰمَٰنَ وَقَٰرُونَ فَقَالُواْ سَٰحِرٞ كَذَّابٞ

Twamurungitse kwa Firawuni wa Misiri, Haamaana na Qaaruuni, maze baca bavuga bamirira kure ubutumwa bwiwe n’amanyama n’akantu bati: “Musa, ni umurozi akaba n’umukonikoni w’umubeshi ruhebwa”. info
التفاسير:

external-link copy
25 : 40

فَلَمَّا جَآءَهُم بِٱلۡحَقِّ مِنۡ عِندِنَا قَالُواْ ٱقۡتُلُوٓاْ أَبۡنَآءَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مَعَهُۥ وَٱسۡتَحۡيُواْ نِسَآءَهُمۡۚ وَمَا كَيۡدُ ٱلۡكَٰفِرِينَ إِلَّا فِي ضَلَٰلٖ

Igihe rero Musa yazana ibitangaro vy’ukuri bivuye iwacu Twebwe Allah, ntibamuhakanye ngo bamurwanye gusa, ahubwo barinamuye bavuga bati: “Nimwice abana bose b’abahungu bavyarwa n’abemeye Musa, muheze musigaze abakobwa babo tuzobagire abajakazi bacu”. Burya, gukoresha urwenge kw’abagarariji mu kurwanya idini, nta co kubagezako kiretse uguhona n’ubuhuvyi. info
التفاسير: