Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Page Number:close

external-link copy
68 : 7

أُبَلِّغُكُمۡ رِسَٰلَٰتِ رَبِّي وَأَنَا۠ لَكُمۡ نَاصِحٌ أَمِينٌ

Ndabashikiriza ubutumwa Imana yanje Rurema Allah Yandungikanye, kandi ndi n’umuhanuzi wanyu w’umwizigirwa mu vyo nahishuriwe. info
التفاسير:

external-link copy
69 : 7

أَوَعَجِبۡتُمۡ أَن جَآءَكُمۡ ذِكۡرٞ مِّن رَّبِّكُمۡ عَلَىٰ رَجُلٖ مِّنكُمۡ لِيُنذِرَكُمۡۚ وَٱذۡكُرُوٓاْ إِذۡ جَعَلَكُمۡ خُلَفَآءَ مِنۢ بَعۡدِ قَوۡمِ نُوحٖ وَزَادَكُمۡ فِي ٱلۡخَلۡقِ بَصۜۡطَةٗۖ فَٱذۡكُرُوٓاْ ءَالَآءَ ٱللَّهِ لَعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ

Mbega mutangazwa n’uko Imana Allah Yabamanuriye urwibutso ku neza yanyu, Irucishije ku muntu Yahisemwo muri mwebwe, musanzwe muzi inkomoko n’ukuri kwiwe kugira abagabishe ku bihano vyayo! Nimwibuke n’igihe Yabaha kubaho mukurakuranwa kw’isi, inyuma y’aho Ihonereje abantu ba Nuhu, Ikanabongerereza inkomezi mu ndemo! Nimwibuke rero inema z’umurengera Imana Allah Yabahaye, kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”. info
التفاسير:

external-link copy
70 : 7

قَالُوٓاْ أَجِئۡتَنَا لِنَعۡبُدَ ٱللَّهَ وَحۡدَهُۥ وَنَذَرَ مَا كَانَ يَعۡبُدُ ءَابَآؤُنَا فَأۡتِنَا بِمَا تَعِدُنَآ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ

Bene Aadi babwiye Huudi n’agasuzuguro kenshi bati: “Aho nyene uturarikiye kwiyegereza mu vyo dukora vyose Imana Imwe Rudende Allah tunayisenge ari Yo Yonyene, duheze tuvavanure n’ibigirwamana vyasengwa n’abavyeyi bacu! Biri ukwo rero, duhe ibihano udusezeranira niwaba uri mu mvugakuri!” info
التفاسير:

external-link copy
71 : 7

قَالَ قَدۡ وَقَعَ عَلَيۡكُم مِّن رَّبِّكُمۡ رِجۡسٞ وَغَضَبٌۖ أَتُجَٰدِلُونَنِي فِيٓ أَسۡمَآءٖ سَمَّيۡتُمُوهَآ أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُم مَّا نَزَّلَ ٱللَّهُ بِهَا مِن سُلۡطَٰنٖۚ فَٱنتَظِرُوٓاْ إِنِّي مَعَكُم مِّنَ ٱلۡمُنتَظِرِينَ

Huudi yabishuye abihaniza ati: “Ni ukuri, mwamaze gushikirwa n’ibihano n’ishavu ry’Imana yanyu Rurema Allah. Ubu murashishikaye kumpaririza kuri ibi bishusho mwagize ibigirwamana mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu, ata n’icemezo Imana Allah Yigeze Imanura kirekurira isengwa ryavyo! Kubera ivyo rero, nimurindire ishika ry’ivyo bihano musaba, na nje ndindiriye hamwe na mwe”. info
التفاسير:

external-link copy
72 : 7

فَأَنجَيۡنَٰهُ وَٱلَّذِينَ مَعَهُۥ بِرَحۡمَةٖ مِّنَّا وَقَطَعۡنَا دَابِرَ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَاۖ وَمَا كَانُواْ مُؤۡمِنِينَ

Ni ho rero bashikirwa n’ibihano vy’igihuhusi cabahoneje. Turaheza Twebwe Allah Turokora Huudi n’abemeramana bari kumwe ku mpuhwe zacu, Duhonya abahakanye ivyemezo vyacu bose, kanatsinda ntibari no mu bemeramana. info
التفاسير:

external-link copy
73 : 7

وَإِلَىٰ ثَمُودَ أَخَاهُمۡ صَٰلِحٗاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥۖ قَدۡ جَآءَتۡكُم بَيِّنَةٞ مِّن رَّبِّكُمۡۖ هَٰذِهِۦ نَاقَةُ ٱللَّهِ لَكُمۡ ءَايَةٗۖ فَذَرُوهَا تَأۡكُلۡ فِيٓ أَرۡضِ ٱللَّهِۖ وَلَا تَمَسُّوهَا بِسُوٓءٖ فَيَأۡخُذَكُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ

Ni ukuri, Twebwe Allah Twaranatumye kuri Bene Thamuudi mwenewabo Swalehe, igihe basenga ibishusho mu gishingo c’Imana Allah, araheza ababwira ati: “Bantu banje! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, ni ukuri mwarashikiriwe n’ivyemezo bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, ndaheza ndayisaba ko Ikura mw’ibuye ingamiya nk’uko mwabisavye. Ng’iyo rero ingamiya yarungitswe n’Imana Allah kugira ibabere icemezo n’igitangaro, nimuyireke irishe aho ishatse kw’isi y’Imana Allah, ntimuzohirahire ngo muyikomakome ku nabi, kuko Imana Allah Yobaha ibihano bibabaza; info
التفاسير: