Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - Kirundi translation - Yusuf Gheti

external-link copy
24 : 35

إِنَّآ أَرۡسَلۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ بَشِيرٗا وَنَذِيرٗاۚ وَإِن مِّنۡ أُمَّةٍ إِلَّا خَلَا فِيهَا نَذِيرٞ

Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakurungikanye idini ry’ukuri, kugira ushikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana, ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru; wongere ugabishe n’abagarariji ku bihano vy’umuriro bibarindiriye. Nta mugwi n’umwe w’abantu wabayeho rero, kiretse ko warungikiwe Umugabisha ku bihano vy’umuriro. info
التفاسير: