Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Page Number:close

external-link copy
14 : 28

وَلَمَّا بَلَغَ أَشُدَّهُۥ وَٱسۡتَوَىٰٓ ءَاتَيۡنَٰهُ حُكۡمٗا وَعِلۡمٗاۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Musa rero amaze kugera mu bigero akaba umugabo abushitse, Twaramuhaye gutomora ingingo, Tumwigisha n’ubumenyi. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Musa ku bugwaneza bwiwe - Duhemba abagwaneza. info
التفاسير:

external-link copy
15 : 28

وَدَخَلَ ٱلۡمَدِينَةَ عَلَىٰ حِينِ غَفۡلَةٖ مِّنۡ أَهۡلِهَا فَوَجَدَ فِيهَا رَجُلَيۡنِ يَقۡتَتِلَانِ هَٰذَا مِن شِيعَتِهِۦ وَهَٰذَا مِنۡ عَدُوِّهِۦۖ فَٱسۡتَغَٰثَهُ ٱلَّذِي مِن شِيعَتِهِۦ عَلَى ٱلَّذِي مِنۡ عَدُوِّهِۦ فَوَكَزَهُۥ مُوسَىٰ فَقَضَىٰ عَلَيۡهِۖ قَالَ هَٰذَا مِنۡ عَمَلِ ٱلشَّيۡطَٰنِۖ إِنَّهُۥ عَدُوّٞ مُّضِلّٞ مُّبِينٞ

Musa yarinjiye mu gisagara ca Misiri yinyegeje mu gihe abantu b’aho bari basamaye, ahasanga abagabo babiri bariko bararwana; umwe muri bo yakomoka mu bantu biwe, Abene Israyeli, uwundi na we yakomoka mu bantu ba Firawuni, Abanyagiputa. Maze uwukomoka mu bantu biwe aramwiyambaza ngo amutabare, Musa araheza akubita igipfunsi wa Munyagiputa, aca ararambarara. Musa aca avuga yinegura ati: “Iki gikorwa giturutse ku nyoshambi za shetani zatumye ntwarwa n’agashavu nkamukubita agaca apfa. Mu vy’ukuri shetani, ni umwansi agaragara wa mwene Adamu, ihubisha inzira igororotse[2]”. info

[2] Ikubitwa ry’uyu Munyagiputa ryabaye imbere yuko Musa arungikwa kuba Intumwa.

التفاسير:

external-link copy
16 : 28

قَالَ رَبِّ إِنِّي ظَلَمۡتُ نَفۡسِي فَٱغۡفِرۡ لِي فَغَفَرَ لَهُۥٓۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ

Musa yaciye avuga yigaya ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, nirenganije ku kwica umuntu ku karenganyo, ndagusavye rero ko Wongumiriza akabanga Ukambabarira iki caha”. Ni ho Imana Allah Yaca Imubabarira nya caha. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
17 : 28

قَالَ رَبِّ بِمَآ أَنۡعَمۡتَ عَلَيَّ فَلَنۡ أَكُونَ ظَهِيرٗا لِّلۡمُجۡرِمِينَ

Musa yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Kubera inema nyinshi Wampaye harimwo n’inema yo kunyumvira ku kwigaya kwanje, sindota nifadikanya n’umwe mu banyavyaha mu guca kubiri n’amabwirizwa yawe”. info
التفاسير:

external-link copy
18 : 28

فَأَصۡبَحَ فِي ٱلۡمَدِينَةِ خَآئِفٗا يَتَرَقَّبُ فَإِذَا ٱلَّذِي ٱسۡتَنصَرَهُۥ بِٱلۡأَمۡسِ يَسۡتَصۡرِخُهُۥۚ قَالَ لَهُۥ مُوسَىٰٓ إِنَّكَ لَغَوِيّٞ مُّبِينٞ

Ni ho rero Musa yaguma mu gisagara ca Misiri afise ubwoba, agendereza kugira yumve inkuru z’ibivugwa ku rupfu rw’Umunyagiputa yaraye yishwe. Yahavuye arenguka kuri wa muntu yamwiyambaza ubuheze, ariko ararwana n’uwundi Munyagiputa, amuhamagara ngo amutabare kandi. Musa n’ishavu n’akantu aca amubwira ati: “Mu vy’ukuri, ni ukuri wewe uri umusomborotsi n’inkwezi y’amabi yeruye”; info
التفاسير:

external-link copy
19 : 28

فَلَمَّآ أَنۡ أَرَادَ أَن يَبۡطِشَ بِٱلَّذِي هُوَ عَدُوّٞ لَّهُمَا قَالَ يَٰمُوسَىٰٓ أَتُرِيدُ أَن تَقۡتُلَنِي كَمَا قَتَلۡتَ نَفۡسَۢا بِٱلۡأَمۡسِۖ إِن تُرِيدُ إِلَّآ أَن تَكُونَ جَبَّارٗا فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا تُرِيدُ أَن تَكُونَ مِنَ ٱلۡمُصۡلِحِينَ

Musa agize ngo abanguye igipfunsi akubite wa Munyagiputa, wa muntu n’ubwoba n’akantu aca avuga ati: “Ewe Musa! Aho nyene ushaka kunyica nk’uko wishe umuntu ejo! Ntushaka kuba kiretse intagondwa kw’isi, kanatsinda ntunashaka kuba mu bantu banywanisha, bagatunganiriza abandi”. info
التفاسير:

external-link copy
20 : 28

وَجَآءَ رَجُلٞ مِّنۡ أَقۡصَا ٱلۡمَدِينَةِ يَسۡعَىٰ قَالَ يَٰمُوسَىٰٓ إِنَّ ٱلۡمَلَأَ يَأۡتَمِرُونَ بِكَ لِيَقۡتُلُوكَ فَٱخۡرُجۡ إِنِّي لَكَ مِنَ ٱلنَّٰصِحِينَ

Ni ho rero haza umuntu aje atazambaye, avuye hirya y’igisagara ca Misiri, araheza aburira Musa ati: “Ewe Musa! Uzi n’inkuru, burya abunganizi ba Firawuni bari mu nama rukokoma bajenama ukuntu bokwica; enda nyabuna rero, va muri iki gisagara uhunge, mu vy’ukuri jewe ndi mu bagufitiye impuhwe, uri uwo mpanura wohunga hakiri kare”. info
التفاسير:

external-link copy
21 : 28

فَخَرَجَ مِنۡهَا خَآئِفٗا يَتَرَقَّبُۖ قَالَ رَبِّ نَجِّنِي مِنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ

Musa aca ava muri nya gisagara atekewe n’ubwoba, arahunga agenda yeraguza irya n’ino, atinya gufatwa, araheza asaba Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Unkure mu minwe y’abantu birenganije”. info
التفاسير: