Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - Kirundi translation - Yusuf Gheti

Page Number:close

external-link copy
11 : 21

وَكَمۡ قَصَمۡنَا مِن قَرۡيَةٖ كَانَتۡ ظَالِمَةٗ وَأَنشَأۡنَا بَعۡدَهَا قَوۡمًا ءَاخَرِينَ

Hari uducimbiri twinshi Twahoneje bene two birenganije mu kugarariza ivyo bazaniwe n’Intumwa zabo, Turaheza mu nyuma zabo Tuhacumbikira abandi bantu. info
التفاسير:

external-link copy
12 : 21

فَلَمَّآ أَحَسُّواْ بَأۡسَنَآ إِذَا هُم مِّنۡهَا يَرۡكُضُونَ

Igihe rero abirenganije muri nya ducimbiri babona ibihano vyacu Twebwe Allah bigiye kubashikira, barataye baromoka, barata barahunga; info
التفاسير:

external-link copy
13 : 21

لَا تَرۡكُضُواْ وَٱرۡجِعُوٓاْ إِلَىٰ مَآ أُتۡرِفۡتُمۡ فِيهِ وَمَسَٰكِنِكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تُسۡـَٔلُونَ

Ni ho baca babwirwa ku gahemo bati: “Ntimuhunge namba, nimusubire kuryoherwa n’ibihendamaso vy’isi, maze mugaruke mu nyubakwa zanyu mwahora mwiratira, kugira mubazwe ku vyabashikiye”; info
التفاسير:

external-link copy
14 : 21

قَالُواْ يَٰوَيۡلَنَآ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ

Nta nyishu baronse irenga ivyo bakoze bakavuga bati: “Amagogwa arama yemwe! Mu vy’ukuri, twarirenganije mu kugarariza”; info
التفاسير:

external-link copy
15 : 21

فَمَا زَالَت تِّلۡكَ دَعۡوَىٰهُمۡ حَتَّىٰ جَعَلۡنَٰهُمۡ حَصِيدًا خَٰمِدِينَ

Ntibaretse kuguma bisabira uguhona bihebuye gushika n’aho Tubahonereje Tukabagira nk’igiterwa caranduwe kikumagana, babaye intumbi zibereye aho[2]. info

[2] Muri iyi Aayah harimwo igabisha rikomeye ku bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko mu gihe bobandanya guhakana iyo Ntumwa, boshikirwa n’ibihano nk’ivyashikiye abantu bo hambere yabo.

التفاسير:

external-link copy
16 : 21

وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَآءَ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا لَٰعِبِينَ

Twebwe Allah, Ntitwaremye ijuru n’isi n’ibiri hagati yavyo ku busa, ata hangiro Tubifiseko, Twabiremye kugira mutahure ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, muheze mumenye ko ari Yo mukwiye kwiyegereza mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende. info
التفاسير:

external-link copy
17 : 21

لَوۡ أَرَدۡنَآ أَن نَّتَّخِذَ لَهۡوٗا لَّٱتَّخَذۡنَٰهُ مِن لَّدُنَّآ إِن كُنَّا فَٰعِلِينَ

Iyo Dushaka kwigenera rero ibisamaza; nk’umwana canke umugore, Twari kuvyigenera mu biri iwacu mw’ijuru[3], si muri mwebwe abantu; ntitwari kubigira ukwo ngo Twigenere umwana canke umugore kuko bitabaho; info

[3] Mu bamalayika no mu bakenyezi b’akaroruhore bo mu Bwami bw’ijuru “Hururayini”.

التفاسير:

external-link copy
18 : 21

بَلۡ نَقۡذِفُ بِٱلۡحَقِّ عَلَى ٱلۡبَٰطِلِ فَيَدۡمَغُهُۥ فَإِذَا هُوَ زَاهِقٞۚ وَلَكُمُ ٱلۡوَيۡلُ مِمَّا تَصِفُونَ

Ahubwo Dufata ukuri kw’ukwemera Tukakugaragaza, maze ikinyoma c’ubugarariji kigakubitirwa ahabona, kikagenda amazimayongo. Babangikanyamana! Murategekanirijwe ibihano nya bihano mu buzima bw’inyuma yo gupfa ku kwitirira Imana Allah ibitayibereye. info
التفاسير:

external-link copy
19 : 21

وَلَهُۥ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَمَنۡ عِندَهُۥ لَا يَسۡتَكۡبِرُونَ عَنۡ عِبَادَتِهِۦ وَلَا يَسۡتَحۡسِرُونَ

Ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiremwa vyose biri mu majuru no mw’isi, kandi n’abamalayika bari ku Mana Allah, ntibagira amanyama ngo bareke kuyiyegereza mu vyo bagira, eka ntibanadebukirwa mu kuyisenga; info
التفاسير:

external-link copy
20 : 21

يُسَبِّحُونَ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ لَا يَفۡتُرُونَ

Baninahaza Imana Allah ijoro n’umurango, ntibigera baruha canke ngo bagire ubute. info
التفاسير:

external-link copy
21 : 21

أَمِ ٱتَّخَذُوٓاْ ءَالِهَةٗ مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ هُمۡ يُنشِرُونَ

Bishoboka gute ko ababangikanyamana bigirira imana zabo bibaziye n'iminwe yabo kw’isi, ata na kimwe zishoboye! info
التفاسير:

external-link copy
22 : 21

لَوۡ كَانَ فِيهِمَآ ءَالِهَةٌ إِلَّا ٱللَّهُ لَفَسَدَتَاۚ فَسُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ رَبِّ ٱلۡعَرۡشِ عَمَّا يَصِفُونَ

Iyo mu majuru n’isi haba hariyo imana zindi atari Imana Allah, zitunganya ubuzima bw'ibiremwa bibayo, itunganywa rya nya buzima ryari guhungabana. Nihaninahazwe rero Imana Allah, Nyenubuhangamo mu buryo burengeye cane ivyo abagarariji bayitirira. info
التفاسير:

external-link copy
23 : 21

لَا يُسۡـَٔلُ عَمَّا يَفۡعَلُ وَهُمۡ يُسۡـَٔلُونَ

Imana Allah ntibazwa ku vyo Yageze ku biremwa Ikanabishira mu ngiro[4], mu gihe ibiremwa vyose bizobazwa ku vyo vyakoze. info

[4] Ubushobozi n'ububasha vyo gutunganya ubuzima bw'ibiremwa biba mw'ijuru no kw'isi, birakwiye kuba icemezo c'uko Imana Allah Idakwiye kubangikanywa mu kurema no mu gusengwa kwayo.

التفاسير:

external-link copy
24 : 21

أَمِ ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةٗۖ قُلۡ هَاتُواْ بُرۡهَٰنَكُمۡۖ هَٰذَا ذِكۡرُ مَن مَّعِيَ وَذِكۡرُ مَن قَبۡلِيۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ ٱلۡحَقَّۖ فَهُم مُّعۡرِضُونَ

Mbega ababangikanyamana bigiriye imana mu gishingo c’Imana Allah kuko zoba zishoboye kugira ico zimaze canke zishe; zishoboye gutanga ubuzima canke kubwaka! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimuzane rero ivyemezo vyerekana ko ibigirwamana ari imana koko zikwiye gusengwa! Nta na kimwe kivyemeza kiri muri iyi Qor’ani nahishuriwe, canke kiri mu Bitabu vyahawe abo hambere yanje”. Ahubwo rero ababangikanyamana basenga ibigirwamana ku bujuju bwo kwigana ivyo batazi, kuko abenshi muri bo ntibazi ukuri; n’iyo bashikirijwe ukuri barakwirengagiza. info
التفاسير: