Übersetzung der Bedeutungen von dem heiligen Quran - Die Übersetzung in Kirundi - Yusuf Ghiti.

Nummer der Seite:close

external-link copy
131 : 6

ذَٰلِكَ أَن لَّمۡ يَكُن رَّبُّكَ مُهۡلِكَ ٱلۡقُرَىٰ بِظُلۡمٖ وَأَهۡلُهَا غَٰفِلُونَ

Irungikwa ry'Intumwa zibangikanije Igitabu ku bantu n'amajini rero, ryabaye kuko Imana yawe Rurema Allah Itari guhana mu guhonya abantu Ibahora ubuhakanyi bwabo, kandi batigeze bashikirwa n’Intumwa zibakura mu bubegito bwabo. info
التفاسير:

external-link copy
132 : 6

وَلِكُلّٖ دَرَجَٰتٞ مِّمَّا عَمِلُواْۚ وَمَا رَبُّكَ بِغَٰفِلٍ عَمَّا يَعۡمَلُونَ

Uwo wese rero yumviye canke ahakanye Imana Allah, arafise urugero rw’aho ageza mu vyo akora, maze Imana Allah Ikazobimuhembera. Ntumwa y'Imana! Burya rero kandi Imana yawe Rurema Allah ntiyirengagiza ibigirwa n’abaja bayo. info
التفاسير:

external-link copy
133 : 6

وَرَبُّكَ ٱلۡغَنِيُّ ذُو ٱلرَّحۡمَةِۚ إِن يَشَأۡ يُذۡهِبۡكُمۡ وَيَسۡتَخۡلِفۡ مِنۢ بَعۡدِكُم مَّا يَشَآءُ كَمَآ أَنشَأَكُم مِّن ذُرِّيَّةِ قَوۡمٍ ءَاخَرِينَ

Imana yawe Rurema Allah Yabwirije ko Yosengwa, ni Yo Uwikenuye Yikwije muri vyose, ni Yo nkomoko y'impuhwe ku biremwa. Bantu! Ishatse rero Yobahonya Ikabasubiriza ibindi biremwa Ishaka bigaheza bikayumvira; nka kurya Yabaremye mugaheza mukarondoka mukomotse ku bandi bantu. info
التفاسير:

external-link copy
134 : 6

إِنَّ مَا تُوعَدُونَ لَأٓتٖۖ وَمَآ أَنتُم بِمُعۡجِزِينَ

Babangikanyamana! Mu vy’ukuri, ivyo musezeranirwa mu bihano, ni ukuri bizobashikira, kandi rero ntimuzonanira Imana Allah ngo muyihunge, kuko Irashoboye kubagarukana Ikabazura n’aho mwoba mwaracitse ivu. info
التفاسير:

external-link copy
135 : 6

قُلۡ يَٰقَوۡمِ ٱعۡمَلُواْ عَلَىٰ مَكَانَتِكُمۡ إِنِّي عَامِلٞۖ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ مَن تَكُونُ لَهُۥ عَٰقِبَةُ ٱلدَّارِۚ إِنَّهُۥ لَا يُفۡلِحُ ٱلظَّٰلِمُونَ

Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu banje narungitsweko! Nimugume ku vyo mwemera, mukore nk’uko muvyipfuza, jewe na nje mpeze ngume ku vyo nemera nk’uko nategetswe n’Imana yanje Allah, igihe ibihano vyashitse, muzoheza mumenye uwuzogira amaherezo meza kw’isi. Mu vy’ukuri, abirenganya mu kubangikanya Imana Allah, ntibazokwigera baronka intsinzi y’Ubwami bw’ijuru. info
التفاسير:

external-link copy
136 : 6

وَجَعَلُواْ لِلَّهِ مِمَّا ذَرَأَ مِنَ ٱلۡحَرۡثِ وَٱلۡأَنۡعَٰمِ نَصِيبٗا فَقَالُواْ هَٰذَا لِلَّهِ بِزَعۡمِهِمۡ وَهَٰذَا لِشُرَكَآئِنَاۖ فَمَا كَانَ لِشُرَكَآئِهِمۡ فَلَا يَصِلُ إِلَى ٱللَّهِۖ وَمَا كَانَ لِلَّهِ فَهُوَ يَصِلُ إِلَىٰ شُرَكَآئِهِمۡۗ سَآءَ مَا يَحۡكُمُونَ

Ababangikanyamana bageneye Imana Allah umugabane mu vyo Yaremye mu biterwa, mu vyamwa no mu bitungwa, ari na wo baherezako abakene bakanazimanako n’abashitsi, baraheza bavuga bati: “Umugabane w’ibi, ni uw’Imana Allah - ku vyipfuzo vyabo - umugabane wundi na wo, ni uw’abahagarariye ibigirwamana vyacu”. Ivyo bageneye abahagarikizi b’ibigirwamana vyabo rero, nta na kimwe muri vyo gishikira Imana Allah [23]; mu gihe ivyo bageneye Imana Allah, biheza bigahabwa abahagarikizi b’ibigirwamana vyabo; kuko ngo Imana Allah Irikenuye. Ni mbi cane ingingo y’igabura ryabo! info

[23] Ngo gitangweko imperezwa canke ngo gihabwe abakene, ahubwo gihabwa ibigirwamana biciye ku babihagarikiye.

التفاسير:

external-link copy
137 : 6

وَكَذَٰلِكَ زَيَّنَ لِكَثِيرٖ مِّنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ قَتۡلَ أَوۡلَٰدِهِمۡ شُرَكَآؤُهُمۡ لِيُرۡدُوهُمۡ وَلِيَلۡبِسُواْ عَلَيۡهِمۡ دِينَهُمۡۖ وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ مَا فَعَلُوهُۖ فَذَرۡهُمۡ وَمَا يَفۡتَرُونَ

Ni nk’uko nyene rero shetani - yoheje ababangikanyamana kugena umugabane w’Imana Allah n’uw’ibigirwamana - yaryohereje benshi mu babangikanyamana kwica abana babo ku mvo zo gutinya ubukene, kugira bagwe mu bihano bihonya vyo kwica kiremwa-muntu ku karenganyo, no kugira bazazanirwe mw’idini ryabo, baheze bahube. Iyo Imana Allah Ishaka rero ko bitaba, ntibari kuzazanirwa namba mw’idini ryabo, kuko Izi mu vyagezwe ububegito bwabo. Ntumwa y’Imana! Bareke rero n’ivyo barementanya, Imana Allah Izorubacira. info
التفاسير: