Übersetzung der Bedeutungen von dem heiligen Quran - Die Übersetzung in Kirundi - Yusuf Ghiti.

Al-Waaqi'ah

external-link copy
1 : 56

إِذَا وَقَعَتِ ٱلۡوَاقِعَةُ

Igihe umuhero w’isi wabaye; info
التفاسير:

external-link copy
2 : 56

لَيۡسَ لِوَقۡعَتِهَا كَاذِبَةٌ

Ukuba kwawo, nta n’umwe ashobora kuguhakana; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 56

خَافِضَةٞ رَّافِعَةٌ

Uzota abansi b’Imana Allah mu muriro, uduze abatoni bayo mu Bwami bw’ijuru. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 56

إِذَا رُجَّتِ ٱلۡأَرۡضُ رَجّٗا

Igihe isi yagigimye nya kugigima; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 56

وَبُسَّتِ ٱلۡجِبَالُ بَسّٗا

Imisozi na yo ikavungagurika nya kuvungagurika; info
التفاسير:

external-link copy
6 : 56

فَكَانَتۡ هَبَآءٗ مُّنۢبَثّٗا

Igacika intumo itumurwa n’umuyaga mu kirere; info
التفاسير:

external-link copy
7 : 56

وَكُنتُمۡ أَزۡوَٰجٗا ثَلَٰثَةٗ

Maze na mwe ibiremwa mukagaburwa mu migwi itatu; info
التفاسير:

external-link copy
8 : 56

فَأَصۡحَٰبُ ٱلۡمَيۡمَنَةِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَيۡمَنَةِ

Umugwi w’abantu b’iburyo. Ese icokwereka icubahiro cabo n’indishi bagenewe! info
التفاسير:

external-link copy
9 : 56

وَأَصۡحَٰبُ ٱلۡمَشۡـَٔمَةِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَشۡـَٔمَةِ

Umugwi w’abantu b’ibubamfu. Ese icokwereka amagorwa bagowe n’ibihano bibarindiriye! info
التفاسير:

external-link copy
10 : 56

وَٱلسَّٰبِقُونَ ٱلسَّٰبِقُونَ

Hamwe rero n’umugwi w’abahurumbira gukora ivyiza kw’isi, bazotanga abandi mu vyubahiro vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa; info
التفاسير:

external-link copy
11 : 56

أُوْلَٰٓئِكَ ٱلۡمُقَرَّبُونَ

Aba rero, ni bo bazoba batonye hambavu y’Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
12 : 56

فِي جَنَّٰتِ ٱلنَّعِيمِ

Ikazobinjiza mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema. info
التفاسير:

external-link copy
13 : 56

ثُلَّةٞ مِّنَ ٱلۡأَوَّلِينَ

Hazokwinjira muri Bwo, umugwi munini w’abantu bo mu binjana vya mbere mu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abandi bantu bo kuva ku gihe ca Adamu; info
التفاسير:

external-link copy
14 : 56

وَقَلِيلٞ مِّنَ ٱلۡأٓخِرِينَ

Hamwe rero n’umugwi w’abantu bake mu bakurikiye mu nyuma gushika ku musi w’iherezo[1]; info

[1] Abo bakaba ari abarungikiwe Intumwa yasozereye izindi, Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Abo na bo, bafatwa ko ari umugwi w’abantu bake ugereranije n’igitigiri c’abandi bantu bose kuva kuri Adamu gushika ku muzo w’iyo Ntumwa.

التفاسير:

external-link copy
15 : 56

عَلَىٰ سُرُرٖ مَّوۡضُونَةٖ

Bazoba bicaye ku bitanda bisharijwe n’inzahabu; info
التفاسير:

external-link copy
16 : 56

مُّتَّكِـِٔينَ عَلَيۡهَا مُتَقَٰبِلِينَ

Bavyegamiyeko, bicaye barabana; info
التفاسير:

external-link copy
17 : 56

يَطُوفُ عَلَيۡهِمۡ وِلۡدَٰنٞ مُّخَلَّدُونَ

Bazoba bakikujwe n’imisore myiza, ikurakuranwa mu kubazimana, iri mu runganwe rumwe, idasaza, itigera ipfa; info
التفاسير:

external-link copy
18 : 56

بِأَكۡوَابٖ وَأَبَارِيقَ وَكَأۡسٖ مِّن مَّعِينٖ

Ibahereza ibinyobwa mu bikombe n’amabirika, maze bahabwe n’akarahuri k’inzoga zenzwe mu mazi y’imbizi itemba mu Bwami bw’ijuru; info
التفاسير:

external-link copy
19 : 56

لَّا يُصَدَّعُونَ عَنۡهَا وَلَا يُنزِفُونَ

Ntibazosoma nya karahuri ngo bameneke umutwe, eka ntibazonaborerwa ngo umutwe uyayuke, batangure kudedemba bavuga ayamuhe; info
التفاسير:

external-link copy
20 : 56

وَفَٰكِهَةٖ مِّمَّا يَتَخَيَّرُونَ

Ibahereza n’ivyamwa bo bonyene bihitiyemwo; info
التفاسير:

external-link copy
21 : 56

وَلَحۡمِ طَيۡرٖ مِّمَّا يَشۡتَهُونَ

Hamwe n’inyama z’inyoni bo bonyene bipfuza; info
التفاسير:

external-link copy
22 : 56

وَحُورٌ عِينٞ

Bazoba bafiseyo n’abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini); info
التفاسير:

external-link copy
23 : 56

كَأَمۡثَٰلِ ٱللُّؤۡلُوِٕ ٱلۡمَكۡنُونِ

Ku bwiza bwa nya bakenyezi, wogira ngo ni lulu[2] zikiri aho zaremewe, zitarakorwako n’iminwe y’abantu; info

[2] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.

التفاسير:

external-link copy
24 : 56

جَزَآءَۢ بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Iyo ni yo mpembo yabo ku vyo bari barakoze kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
25 : 56

لَا يَسۡمَعُونَ فِيهَا لَغۡوٗا وَلَا تَأۡثِيمًا

Muri nya Bwami, ntibazokwumva amajambo y’ikinyoma canke ay’imburakimazi; info
التفاسير:

external-link copy
26 : 56

إِلَّا قِيلٗا سَلَٰمٗا سَلَٰمٗا

Kiretse gusa ijambo riroranye ryeza umutima, n’iryo kuramukanya amahoro. info
التفاسير:

external-link copy
27 : 56

وَأَصۡحَٰبُ ٱلۡيَمِينِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلۡيَمِينِ

Abantu b’iburyo. Ese icokwereka icubahiro cabo n’indishi bagenewe! info
التفاسير:

external-link copy
28 : 56

فِي سِدۡرٖ مَّخۡضُودٖ

Bazoba bari ahantu hari igiti ca Sidri kitagira amahwa; info
التفاسير:

external-link copy
29 : 56

وَطَلۡحٖ مَّنضُودٖ

N’ibitoki vy’imihanyu igerekeranye; info
التفاسير:

external-link copy
30 : 56

وَظِلّٖ مَّمۡدُودٖ

Bari mu gatutu kamaho, katigera karenga; info
التفاسير:

external-link copy
31 : 56

وَمَآءٖ مَّسۡكُوبٖ

Hari n’amazi atemba, atigera akama; info
التفاسير:

external-link copy
32 : 56

وَفَٰكِهَةٖ كَثِيرَةٖ

N’ivyamwa vy’ubwoko bwinshi vy’urutavanako; info
التفاسير:

external-link copy
33 : 56

لَّا مَقۡطُوعَةٖ وَلَا مَمۡنُوعَةٖ

Bitigera bihundura, ata n’ikibabuza kuvyamura borohewe; info
التفاسير:

external-link copy
34 : 56

وَفُرُشٖ مَّرۡفُوعَةٍ

Bazoba bicaye ku bisaswa bishashe neza ku bitanda. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 56

إِنَّآ أَنشَأۡنَٰهُنَّ إِنشَآءٗ

Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzoha abagore bo mu Bwami bw’ijuru indemo nshasha itandukanye kure cane n’iyo n’ukuntu bari bararemwe kw’isi; info
التفاسير:

external-link copy
36 : 56

فَجَعَلۡنَٰهُنَّ أَبۡكَارًا

Maze Tubagire amasugi; info
التفاسير:

external-link copy
37 : 56

عُرُبًا أَتۡرَابٗا

Yikundwakaza ku bagabo bayo, akaba no mu runganwe rumwe; info
التفاسير:

external-link copy
38 : 56

لِّأَصۡحَٰبِ ٱلۡيَمِينِ

Tukazobaremera bushasha abantu b’iburyo; info
التفاسير:

external-link copy
39 : 56

ثُلَّةٞ مِّنَ ٱلۡأَوَّلِينَ

Ari na bo bagize umugwi w’abantu benshi b’imbere y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); info
التفاسير:

external-link copy
40 : 56

وَثُلَّةٞ مِّنَ ٱلۡأٓخِرِينَ

Hamwe rero n’umugwi w’abantu benshi bakurikiye mu nyuma gushika ku musi w’iherezo. info
التفاسير:

external-link copy
41 : 56

وَأَصۡحَٰبُ ٱلشِّمَالِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلشِّمَالِ

Umugwi w’abantu b’ibubamfu. Ese icokwereka amagorwa bagowe n’ibihano bibarindiriye! info
التفاسير:

external-link copy
42 : 56

فِي سَمُومٖ وَحَمِيمٖ

Bazoba bari mu bihano vy’umwokero w’umuriro wa Jahannamu bahezagurika, bahemburwa n’amazi yasebuye akaryimara, acagagura amara; info
التفاسير:

external-link copy
43 : 56

وَظِلّٖ مِّن يَحۡمُومٖ

Bari mu gatutu k’umwotsi wa Jahannamu; info
التفاسير:

external-link copy
44 : 56

لَّا بَارِدٖ وَلَا كَرِيمٍ

Si ahantu harangwa n’akayaga wokwipfuza gushikira; si n’ahantu hubashwe wokwipfuza kuraba ibihabera; info
التفاسير:

external-link copy
45 : 56

إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَبۡلَ ذَٰلِكَ مُتۡرَفِينَ

Mu vy’ukuri n’imbere y’aho bakiri kw’isi, bararyoherwa n’ibizira mu bihendamaso vyayo, bakirengagiza ukuri bazaniwe n’Intumwa z’Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
46 : 56

وَكَانُواْ يُصِرُّونَ عَلَى ٱلۡحِنثِ ٱلۡعَظِيمِ

Baranatsimbatara kw’igarariza n’ibangikanyamana, batiyumvira kwigaya; info
التفاسير:

external-link copy
47 : 56

وَكَانُواْ يَقُولُونَ أَئِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ

Bahora bavuga mu guhakana izurwa ry’ibiremwa, bati: “Mbega burya, nitwapfa tugacika ivu n’amagufa yaboze mu kuzimu, tuzoheza dusubizwe ubuzima tuzuke koko! info
التفاسير:

external-link copy
48 : 56

أَوَءَابَآؤُنَا ٱلۡأَوَّلُونَ

Burya, tuzozuka twebwe hamwe n’abavyeyi bacu bapfuye kera bagacika ivu!”. info
التفاسير:

external-link copy
49 : 56

قُلۡ إِنَّ ٱلۡأَوَّلِينَ وَٱلۡأٓخِرِينَ

Ntumwa y’Imana! Bakurire inkoni ku gishitsi, maze ubishure uti: “Mu vy’ukuri, abapfuye kera hamwe n’abazopfa mu nyuma muri Bene Adamu; info
التفاسير:

external-link copy
50 : 56

لَمَجۡمُوعُونَ إِلَىٰ مِيقَٰتِ يَوۡمٖ مَّعۡلُومٖ

Ni ukuri bose bazozuka, maze begeranirizwe hamwe ku musi nyezina w’izuka”. info
التفاسير:

external-link copy
51 : 56

ثُمَّ إِنَّكُمۡ أَيُّهَا ٱلضَّآلُّونَ ٱلۡمُكَذِّبُونَ

Hanyuma rero ga bantu bahuvye inzira y’ukuri, bagahakana bivuye inyuma isezerano ry’Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
52 : 56

لَأٓكِلُونَ مِن شَجَرٖ مِّن زَقُّومٖ

Ni ukuri, muzorya ku giti Zaqquumu kiri mu nyenga y’umuriro; info
التفاسير:

external-link copy
53 : 56

فَمَالِـُٔونَ مِنۡهَا ٱلۡبُطُونَ

Maze ku kwicwa n’inzara, muzokiryako ku kwuzuza inda; info
التفاسير:

external-link copy
54 : 56

فَشَٰرِبُونَ عَلَيۡهِ مِنَ ٱلۡحَمِيمِ

Muheze mushozeko n’amazi yasebuye akaryimara; info
التفاسير:

external-link copy
55 : 56

فَشَٰرِبُونَ شُرۡبَ ٱلۡهِيمِ

Muzoyanywa kenshi atabavuna akanyota, nka kurya kw’ingamiya inywa ntihere inyota ku burwayi; info
التفاسير:

external-link copy
56 : 56

هَٰذَا نُزُلُهُمۡ يَوۡمَ ٱلدِّينِ

Ivyo bihano bateguriwe rero, ni yo nduhuro yabo ku musi w’iharurirwa n’impera. info
التفاسير:

external-link copy
57 : 56

نَحۡنُ خَلَقۡنَٰكُمۡ فَلَوۡلَا تُصَدِّقُونَ

Bantu! Twebwe Allah, Twabaremye ata co mwari muri, Tubarema mu busa. Ubwo none, ntimwokwemera ko Dushoboye no kubazura inyuma yo gupfa! info
التفاسير:

external-link copy
58 : 56

أَفَرَءَيۡتُم مَّا تُمۡنُونَ

Mbega ntimuraba ngo mubone intanga musesera mu gitereko c’abagore banyu; info
التفاسير:

external-link copy
59 : 56

ءَأَنتُمۡ تَخۡلُقُونَهُۥٓ أَمۡ نَحۡنُ ٱلۡخَٰلِقُونَ

Ni mwebwe muheza mukaziremamwo umuntu, canke ni Twebwe Turema! info
التفاسير:

external-link copy
60 : 56

نَحۡنُ قَدَّرۡنَا بَيۡنَكُمُ ٱلۡمَوۡتَ وَمَا نَحۡنُ بِمَسۡبُوقِينَ

Twebwe Allah, umwe wese muri mwebwe, Twaramugeneye isango ryiwe ryo gupfa, ntitwonanirwa rero; info
التفاسير:

external-link copy
61 : 56

عَلَىٰٓ أَن نُّبَدِّلَ أَمۡثَٰلَكُمۡ وَنُنشِئَكُمۡ فِي مَا لَا تَعۡلَمُونَ

Kubarema ukundi ku musi w’izuka, maze Tukabarema ukuntu mutazi; info
التفاسير:

external-link copy
62 : 56

وَلَقَدۡ عَلِمۡتُمُ ٱلنَّشۡأَةَ ٱلۡأُولَىٰ فَلَوۡلَا تَذَكَّرُونَ

Ni ukuri, mwaramenye ko Imana Allah Yabaremye iremwa rya mbere ata co mwari muri. Ubwo none, ntimwokwibuka ko Ishoboye no kubarema bushasha! info
التفاسير:

external-link copy
63 : 56

أَفَرَءَيۡتُم مَّا تَحۡرُثُونَ

Mbega murabona ivyo muteragira mu kurima! info
التفاسير:

external-link copy
64 : 56

ءَأَنتُمۡ تَزۡرَعُونَهُۥٓ أَمۡ نَحۡنُ ٱلزَّٰرِعُونَ

Ni mwebwe mubinagisha bikagondora biva mu kuzimu, canke ni Twebwe Tubinagisha bikamera! info
التفاسير:

external-link copy
65 : 56

لَوۡ نَشَآءُ لَجَعَلۡنَٰهُ حُطَٰمٗا فَظَلۡتُمۡ تَفَكَّهُونَ

Iyo Dushaka rero, Twari kugira ivyo mwateragiye bigacika ubusize, maze mugasigara mwipfumbereje, mukumirwa muravye ivyashikiye ibiterwa vyanyu; info
التفاسير:

external-link copy
66 : 56

إِنَّا لَمُغۡرَمُونَ

Mukavuga muti: “Mu vy’ukuri, turaguye mu gahombo katagira izina; info
التفاسير:

external-link copy
67 : 56

بَلۡ نَحۡنُ مَحۡرُومُونَ

Ahubwo mbere turabuze n’icotubeshaho!”. info
التفاسير:

external-link copy
68 : 56

أَفَرَءَيۡتُمُ ٱلۡمَآءَ ٱلَّذِي تَشۡرَبُونَ

Mbega, ntimuraba ngo mubone amazi munywa kugira mubeho! info
التفاسير:

external-link copy
69 : 56

ءَأَنتُمۡ أَنزَلۡتُمُوهُ مِنَ ٱلۡمُزۡنِ أَمۡ نَحۡنُ ٱلۡمُنزِلُونَ

Ni mwebwe muyamanura mu bicu maze hakagwa imvura kw’isi, canke ni Twebwe Allah Dutuma imvura igwa ku mpuhwe zacu! info
التفاسير:

external-link copy
70 : 56

لَوۡ نَشَآءُ جَعَلۡنَٰهُ أُجَاجٗا فَلَوۡلَا تَشۡكُرُونَ

Iyo Dushaka rero, Twari kuyagira amazi y’icunyunyu ku buryo mudashobora kuyakoresha mu kunywa no mu kuvomera ibiterwa vyanyu. Ubwo none, ntimwoshimira Imana Allah ku nema yo kuronswa amazi y’akanovera! info
التفاسير:

external-link copy
71 : 56

أَفَرَءَيۡتُمُ ٱلنَّارَ ٱلَّتِي تُورُونَ

Mbega ntimuraba ngo mubone umucanwa mucana! info
التفاسير:

external-link copy
72 : 56

ءَأَنتُمۡ أَنشَأۡتُمۡ شَجَرَتَهَآ أَمۡ نَحۡنُ ٱلۡمُنشِـُٔونَ

Ni mwebwe mwaremye igiti cawo, canke ni Twebwe Allah Twakiremye! info
التفاسير:

external-link copy
73 : 56

نَحۡنُ جَعَلۡنَٰهَا تَذۡكِرَةٗ وَمَتَٰعٗا لِّلۡمُقۡوِينَ

Twebwe Allah, Twabagiriye umucanwa kugira ubabere inkebuzo ibibutsa umuriro wa Jahannamu, no kugira ubere kirumara abari ku rugendo. info
التفاسير:

external-link copy
74 : 56

فَسَبِّحۡ بِٱسۡمِ رَبِّكَ ٱلۡعَظِيمِ

Muvugishwamana! Ninahaza izina ry’Imana yawe Rurema Allah ku mazina yayo no ku matazirano yayo, Nyenicubahirogisumbavyose. info
التفاسير:

external-link copy
75 : 56

۞ فَلَآ أُقۡسِمُ بِمَوَٰقِعِ ٱلنُّجُومِ

Jewe Allah, Ndarahiye ku bituro inyenyeri zirengerako mu kirere! info
التفاسير:

external-link copy
76 : 56

وَإِنَّهُۥ لَقَسَمٞ لَّوۡ تَعۡلَمُونَ عَظِيمٌ

Iyo rero mu vy’ukuri, ni indahiro koko iyo mumenya uburemere bwayo buhambaye; info
التفاسير:

external-link copy
77 : 56

إِنَّهُۥ لَقُرۡءَانٞ كَرِيمٞ

Mu vy’ukuri, iyi Qor’ani yahishuriwe Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni Qor’ani yubashwe, irimwo ubumenyi n’ivyiza vyinshi; info
التفاسير:

external-link copy
78 : 56

فِي كِتَٰبٖ مَّكۡنُونٖ

Yanditswe mu Gitabu gicungerewe n’abamalayika ku Mana Allah, ahatabonwa n’ibiremwa; info
التفاسير:

external-link copy
79 : 56

لَّا يَمَسُّهُۥٓ إِلَّا ٱلۡمُطَهَّرُونَ

Nta n’uwugikorako, kiretse abamalayika bubashwe bejejwe ivyaha. Eka mbere nta n’uwugikorako mu biremwa, kiretse abejejwe ibangikanyamana n'ibihumanya bituma umuntu yiyuhagira agatunganya n’isuku ryo gusenga. info
التفاسير:

external-link copy
80 : 56

تَنزِيلٞ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Iyi Qor’ani, yamanuwe ivuye ku Mana Rurema Allah Yaremye ibiremwa vyose. info
التفاسير:

external-link copy
81 : 56

أَفَبِهَٰذَا ٱلۡحَدِيثِ أَنتُم مُّدۡهِنُونَ

Mbega none ga babangikanyamana, ni iyi Qor’ani muhakana mwivuye inyuma! info
التفاسير:

external-link copy
82 : 56

وَتَجۡعَلُونَ رِزۡقَكُمۡ أَنَّكُمۡ تُكَذِّبُونَ

Maze mukagira ishimwa ry’inema z’Imana Allah, rikaba uguhakana mwivuye inyuma! info
التفاسير:

external-link copy
83 : 56

فَلَوۡلَآ إِذَا بَلَغَتِ ٱلۡحُلۡقُومَ

Mbega burya igihe umuntu yoba ari ku mpfiro, umutima ugeze mu muhogo agira acikane; info
التفاسير:

external-link copy
84 : 56

وَأَنتُمۡ حِينَئِذٖ تَنظُرُونَ

Na mwe mukaba ari ho mwibereye muraba ukuntu asambagirika, mwoshobora gutuma adacikana! Muranguha. info
التفاسير:

external-link copy
85 : 56

وَنَحۡنُ أَقۡرَبُ إِلَيۡهِ مِنكُمۡ وَلَٰكِن لَّا تُبۡصِرُونَ

Kandi rero muri ico gihe, Twebwe Allah Tubicishije ku bamalayika, Tuba Turi hafi yiwe cane kurusha uko mumwegereye, ariko rero mwebwe ntimubabona. info
التفاسير:

external-link copy
86 : 56

فَلَوۡلَآ إِن كُنتُمۡ غَيۡرَ مَدِينِينَ

Mbega nimwaba mutazoharurirwa ngo muhemberwe ivyo mwakoze; info
التفاسير:

external-link copy
87 : 56

تَرۡجِعُونَهَآ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ

Murashobora gusubiza mu mubiri w’uwapfuye, inkomoko y’ubuzima “Roho” maze akaba muzima nimwaba muri imvugakuri! Muranguha. info
التفاسير:

external-link copy
88 : 56

فَأَمَّآ إِن كَانَ مِنَ ٱلۡمُقَرَّبِينَ

Uwapfuye rero, iyo ari uwo mu bantu bahurumbira gukora ivyiza, batonye ku Mana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
89 : 56

فَرَوۡحٞ وَرَيۡحَانٞ وَجَنَّتُ نَعِيمٖ

Igihe co gucikana, aba ari mu mpuhwe z’Imana Allah hamwe n’umunezero nta ngere; akazohabwa n’Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema. info
التفاسير:

external-link copy
90 : 56

وَأَمَّآ إِن كَانَ مِنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلۡيَمِينِ

Iyo uwupfuye, ari uwo mu bantu b’iburyo naho; info
التفاسير:

external-link copy
91 : 56

فَسَلَٰمٞ لَّكَ مِنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلۡيَمِينِ

Mu gihe co gucikana abwirwa ati: “Urakagira iteka n’itekane kuba uri mu bantu b’iburyo”. info
التفاسير:

external-link copy
92 : 56

وَأَمَّآ إِن كَانَ مِنَ ٱلۡمُكَذِّبِينَ ٱلضَّآلِّينَ

Iyo uwupfuye, ari mu bahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, bahuvye inzira y’ukuri; info
التفاسير:

external-link copy
93 : 56

فَنُزُلٞ مِّنۡ حَمِيمٖ

Azokwakirwa mu muriro wa Jahannamu, aheze azimanwe amazi yasebuye akaryimara; info
التفاسير:

external-link copy
94 : 56

وَتَصۡلِيَةُ جَحِيمٍ

Maze yinjizwe mu muriro ururumba, aheze awote. info
التفاسير:

external-link copy
95 : 56

إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ حَقُّ ٱلۡيَقِينِ

Ntumwa y’Imana! Ibi Tukwiganiye, ni kwo kuri koko kudahinyuzwa. info
التفاسير:

external-link copy
96 : 56

فَسَبِّحۡ بِٱسۡمِ رَبِّكَ ٱلۡعَظِيمِ

Muvugishwamana! Ninahaza izina ry’Imana yawe Rurema Allah ku mazina yayo no ku matazirano yayo, Nyenicubahirogisumbavyose. info
التفاسير: