Übersetzung der Bedeutungen von dem heiligen Quran - Die Übersetzung in Kirundi - Yusuf Ghiti.

Yaasiin

external-link copy
1 : 36

يسٓ

Yaa Siin[1]. info

[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

التفاسير:

external-link copy
2 : 36

وَٱلۡقُرۡءَانِ ٱلۡحَكِيمِ

Jewe Allah, Ndarahiye kuri iyo Qor’ani itomora neza imvo n’imvano z’ingingo n’amabwirizwa; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 36

إِنَّكَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Ndarahiye mu vy’ukuri, ko wewe Muhamadi uri Intumwa mu Ntumwa z’Imana zahishuriwe zikarungikwa kurongora ibiremwa; info
التفاسير:

external-link copy
4 : 36

عَلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ

Uri mu nzira y’Imana Allah igororotse y’ubwislamu; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 36

تَنزِيلَ ٱلۡعَزِيزِ ٱلرَّحِيمِ

Qor’ani yamanuwe n’Imana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo! info
التفاسير:

external-link copy
6 : 36

لِتُنذِرَ قَوۡمٗا مَّآ أُنذِرَ ءَابَآؤُهُمۡ فَهُمۡ غَٰفِلُونَ

Ntumwa y’Imana! Warungikanwe Qor’ani, kugira ugabishe ku bihano vy’Imana Allah, abantu ba se babo batagabishijwe igihe kirekire, baraheza rero baragotwa ntibemera[2]; info

[2] Iyi Aayah, ihimiriza abamenyi mw’idini, ko bategerezwa kwama bibutsa abantu, kugira ntibagotwe ku mabwirizwa y’Imana Allah.

التفاسير:

external-link copy
7 : 36

لَقَدۡ حَقَّ ٱلۡقَوۡلُ عَلَىٰٓ أَكۡثَرِهِمۡ فَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ

Ni ukuri abenshi muri bo, bakwiye guhanwa ku kurendegera mw’ibangikanyamana, mu gihe bagabishijwe bagahakana, ntibemera Imana Allah n’Intumwa yayo ngo bakore n'ivyiza bitegetswe; info
التفاسير:

external-link copy
8 : 36

إِنَّا جَعَلۡنَا فِيٓ أَعۡنَٰقِهِمۡ أَغۡلَٰلٗا فَهِيَ إِلَى ٱلۡأَذۡقَانِ فَهُم مُّقۡمَحُونَ

Mu vy’ukuri, abo bagarariji mu kutemera kwabo, ni nk’abo Twebwe Allah Twabohesheje iminyororo mw’izosi rikomanye n’amaboko, baraheza bararika umutwe baraba hejuru, ntibashobora kubona iciza n’inzira y’ukuri ngo bayikurikire. info
التفاسير:

external-link copy
9 : 36

وَجَعَلۡنَا مِنۢ بَيۡنِ أَيۡدِيهِمۡ سَدّٗا وَمِنۡ خَلۡفِهِمۡ سَدّٗا فَأَغۡشَيۡنَٰهُمۡ فَهُمۡ لَا يُبۡصِرُونَ

Imbere yabo n’inyuma yabo hose, Twebwe Allah Twarahakingiriye baraheza baba nk’uwugariwe inzira imbere n’inyuma yiwe, maze Duhumya n’amaso yabo, ntibashobora kubona n’inzira ibarongora ku kuri, kubera amanyama n’ubugarariji vyabo[3]; info

[3] Ukudashobozwa kubona ukuri ngo ugukurikire, ni co gihano c’uwo wese agira amanyama mu kugarariza ukuri.

التفاسير:

external-link copy
10 : 36

وَسَوَآءٌ عَلَيۡهِمۡ ءَأَنذَرۡتَهُمۡ أَمۡ لَمۡ تُنذِرۡهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ

Kuburira abagarariji rero no kutababurira, vyose ni co kimwe. Ntibazokwigera bemera. info
التفاسير:

external-link copy
11 : 36

إِنَّمَا تُنذِرُ مَنِ ٱتَّبَعَ ٱلذِّكۡرَ وَخَشِيَ ٱلرَّحۡمَٰنَ بِٱلۡغَيۡبِۖ فَبَشِّرۡهُ بِمَغۡفِرَةٖ وَأَجۡرٖ كَرِيمٍ

Ntumwa y’Imana! Wewe mu vy’ukuri, igabisha ryawe ryungura uwemera Qor’ani akubahiriza n’amabwirizwa yayo, akanatinya ibihano vya Nyenimpuhwe Allah mu gihe ari ahiherereye. Uyo rero, mushikirize inkuru nziza ihumuriza, ko azogumirizwa akabanga ku vyaha vyiwe, aheze ababarirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, azonaronka n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru. info
التفاسير:

external-link copy
12 : 36

إِنَّا نَحۡنُ نُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَنَكۡتُبُ مَا قَدَّمُواْ وَءَاثَٰرَهُمۡۚ وَكُلَّ شَيۡءٍ أَحۡصَيۡنَٰهُ فِيٓ إِمَامٖ مُّبِينٖ

Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tuzosubiza ubuzima abapfuye, maze bakazuka ku musi w’izuka, Turanandika n’ivyo bakoze vyose, vyaba ivyiza canke ibibi, Tukandika n’ivyo babaye imvo yuko bibandanya gukorwa kw’isi baramaze gupfa, vyaba ivyiza[4] canke ibibi[5], kandi rero ikintu ico ari co cose bakoze, Twarakibungabunze mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”. info

[4] Nk’umwana basize, ubumenyi bwungura abantu n’imperezwa ifise indishi zibandanya.
[5] Nk’ibangikanyamana canke ibicumuro babaye imvo yuko bibandanya gukorwa kw’isi kandi baramaze gupfa.

التفاسير: