Übersetzung der Bedeutungen von dem heiligen Quran - Die Übersetzung in Kirundi - Yusuf Ghiti.

Nummer der Seite:close

external-link copy
34 : 14

وَءَاتَىٰكُم مِّن كُلِّ مَا سَأَلۡتُمُوهُۚ وَإِن تَعُدُّواْ نِعۡمَتَ ٱللَّهِ لَا تُحۡصُوهَآۗ إِنَّ ٱلۡإِنسَٰنَ لَظَلُومٞ كَفَّارٞ

Yaranabahaye no muri ivyo vyose muyisaba. Mu gihe mwodondagura ido n’ido inema z’Imana Allah, ntimwogenda mushoboye kuziharura ngo muyishimire. Mu vy’ukuri zina kiremwa-muntu, ni ukuri arirenganya akimonogoza, inema z’Imana Allah akazihakana pe!. info
التفاسير:

external-link copy
35 : 14

وَإِذۡ قَالَ إِبۡرَٰهِيمُ رَبِّ ٱجۡعَلۡ هَٰذَا ٱلۡبَلَدَ ءَامِنٗا وَٱجۡنُبۡنِي وَبَنِيَّ أَن نَّعۡبُدَ ٱلۡأَصۡنَامَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka n'igihe Ibrahimu yasaba Imana Allah, Ikamwumvira, yasaba avuga ati[9]: “Mana yanje Rurema Allah! Iki gisagara ca Makka kigire ihanga ritekanye, maze jewe hamwe n’uruvyaro rwanje, Udushire kure yo gusenga ibigirwamana; info

[9] Yasavye iki gisabisho inyuma y’aho yimuriye umukenyezi wiwe Hajara hamwe n’umwana wiwe Ismayili, akabacumbikira mu kabande ka Makka.

التفاسير:

external-link copy
36 : 14

رَبِّ إِنَّهُنَّ أَضۡلَلۡنَ كَثِيرٗا مِّنَ ٱلنَّاسِۖ فَمَن تَبِعَنِي فَإِنَّهُۥ مِنِّيۖ وَمَنۡ عَصَانِي فَإِنَّكَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ

Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, ibigirwamana vyabaye imvo yo guhuba kwa benshi mu bantu inzira y’ukuri. Kubera ivyo rero, uwuzonkurikira muri bo akemera, azoba akurikiye idini ry'ubwislamu n’imigenzo vyanje; nayo uwuzogabitanya ku kutanyumvira mu bitari ibangikanyamana, mu vy’ukuri ni Wewe uri Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bawe; info
التفاسير:

external-link copy
37 : 14

رَّبَّنَآ إِنِّيٓ أَسۡكَنتُ مِن ذُرِّيَّتِي بِوَادٍ غَيۡرِ ذِي زَرۡعٍ عِندَ بَيۡتِكَ ٱلۡمُحَرَّمِ رَبَّنَا لِيُقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ فَٱجۡعَلۡ أَفۡـِٔدَةٗ مِّنَ ٱلنَّاسِ تَهۡوِيٓ إِلَيۡهِمۡ وَٱرۡزُقۡهُم مِّنَ ٱلثَّمَرَٰتِ لَعَلَّهُمۡ يَشۡكُرُونَ

Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri jewe, nacumbikiye bamwe mu muryango wanje mu bugaragwa, mu kabande katagira indimo, katanagira n’amazi, hambavu y’ingoro yawe ntagatifu, ivyo vyose nkaba nabigize kugira batsimbataze isengesho; kubera ivyo rero, Uratuma imishaha y’abantu ibahurumbira, Wongere Ubaronse ibibabeshaho mu vyamwa vy’ubwoko bwose, kugira bagushimire ku nema zawe; info
التفاسير:

external-link copy
38 : 14

رَبَّنَآ إِنَّكَ تَعۡلَمُ مَا نُخۡفِي وَمَا نُعۡلِنُۗ وَمَا يَخۡفَىٰ عَلَى ٱللَّهِ مِن شَيۡءٖ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا فِي ٱلسَّمَآءِ

Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, Wewe Urazi neza ivyo duhisha n’ivyo tugaragaza. Eka nta n’ikintu na kimwe Imana Allah Itazi mu biremwa, haba kw’isi canke mw’ijuru”. info
التفاسير:

external-link copy
39 : 14

ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي وَهَبَ لِي عَلَى ٱلۡكِبَرِ إِسۡمَٰعِيلَ وَإِسۡحَٰقَۚ إِنَّ رَبِّي لَسَمِيعُ ٱلدُّعَآءِ

Ibrahimu yarashimagije Imana Allah[10] ati: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Yo Yandonkeje mu busaza ibibondo Ismayili na Is-haka. Mu vy’ukuri, Imana yanje Rurema Allah, Irumva igisabisho c’umusavyi; info

[10] Imaze kumwumvira, Ikamuronsa ibibondo.

التفاسير:

external-link copy
40 : 14

رَبِّ ٱجۡعَلۡنِي مُقِيمَ ٱلصَّلَوٰةِ وَمِن ذُرِّيَّتِيۚ رَبَّنَا وَتَقَبَّلۡ دُعَآءِ

Mana yanje Rurema Allah! Ngira umusenzi atsimbataza isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, Ugire no mu ruvyaro rwanje abasenzi baritsimbataza. Mana yanje Rurema Allah! Ndanagusavye Utwakirire isengesho, Unatwumvire ibisabisho; info
التفاسير:

external-link copy
41 : 14

رَبَّنَا ٱغۡفِرۡ لِي وَلِوَٰلِدَيَّ وَلِلۡمُؤۡمِنِينَ يَوۡمَ يَقُومُ ٱلۡحِسَابُ

Mana yanje Rurema Allah! Ngumiriza akabanga, Umbabarire ibicumuro noba narakoze nka kiremwa-muntu, Wongere Ubabarire n’abavyeyi banje[11] hamwe n’abemeramana bose ku musi ibiremwa vyahagaritswe kugira biharurirwe, biheze bihemberwe ivyo vyakoze”. info

[11] Yasabiye umuvyeyi wiwe imbere yuko amenya ko yamaze kugarariza, akaba umwansi w’Imana Allah.

التفاسير:

external-link copy
42 : 14

وَلَا تَحۡسَبَنَّ ٱللَّهَ غَٰفِلًا عَمَّا يَعۡمَلُ ٱلظَّٰلِمُونَۚ إِنَّمَا يُؤَخِّرُهُمۡ لِيَوۡمٖ تَشۡخَصُ فِيهِ ٱلۡأَبۡصَٰرُ

Ntumwa y’Imana! Ntukiyumvire ko Imana Allah ku kutihutira guhana abirenganije mu kugarariza no gutoteza abemeramana, Yirengagiza ibikorwa vyabo; ahubwo Irindiriye kubahana ku musi bazoturumbura amaso biturutse ku ntureka zawo; info
التفاسير: