Prijevod značenja časnog Kur'ana - Prijevod na kinyarwanda jezik - Jusuf Gahiti

Broj stranice:close

external-link copy
49 : 34

قُلۡ جَآءَ ٱلۡحَقُّ وَمَا يُبۡدِئُ ٱلۡبَٰطِلُ وَمَا يُعِيدُ

Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ukuri kw’amabwirizwa y’ubwislamu kwaramaze kuja ahabona, ikinyoma c’ubugarariji na co kiraheza kirazimangana, kigenda amazimayongo, ntikiriko kiragaruka bushasha kandi ngo gitanguzwe”. info
التفاسير:

external-link copy
50 : 34

قُلۡ إِن ضَلَلۡتُ فَإِنَّمَآ أَضِلُّ عَلَىٰ نَفۡسِيۖ وَإِنِ ٱهۡتَدَيۡتُ فَبِمَا يُوحِيٓ إِلَيَّ رَبِّيٓۚ إِنَّهُۥ سَمِيعٞ قَرِيبٞ

Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Ninaramuka mpuvye inzira y’ukuri, ni jewe nyene nzobihanirwa; ninatumbera inzira igororotse nisunze ivyo nahishuriwe n’Imana yanje Rurema Allah, mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah ni Nyenukwumva, Irumva neza ivyo mvuga, Iri na hafi cane y’uwuyisenga akayisaba”. info
التفاسير:

external-link copy
51 : 34

وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذۡ فَزِعُواْ فَلَا فَوۡتَ وَأُخِذُواْ مِن مَّكَانٖ قَرِيبٖ

Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu abagarariji batekewe n’ubwoba igihe babonye ukuri kwamye ibihano vy’Imana Allah, wobonye igitangaza giteye ubwoba; aho ata saganirizo, ata n’ubuhungiro bw’ibihano bazoronka, maze bafatwe batabwe mu muriro; info
التفاسير:

external-link copy
52 : 34

وَقَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِهِۦ وَأَنَّىٰ لَهُمُ ٱلتَّنَاوُشُ مِن مَّكَانِۭ بَعِيدٖ

Bamaze kubona nya bihano rero, bazoca bavuga bati: “Twemeye Imana Allah, twemeye n’Ibitabu hamwe n’Intumwa vyayo”. Bishoboka gute ko bashika ku kwemera mu buzima bw’inyuma yo gupfa kandi baramaze kugera kure aho bitagikunda! info
التفاسير:

external-link copy
53 : 34

وَقَدۡ كَفَرُواْ بِهِۦ مِن قَبۡلُۖ وَيَقۡذِفُونَ بِٱلۡغَيۡبِ مِن مَّكَانِۭ بَعِيدٖ

Ni ukuri baragararije Imana Allah, Ibitabu hamwe n’Intumwa vyayo bakiri kw’isi; barondera gushika ku kuri kandi bari mu makenga abata kure yakwo, maze baraguhusha ntibagushikira; nka kurya ata wugema ikintu kandi ari kure cane yaco. info
التفاسير:

external-link copy
54 : 34

وَحِيلَ بَيۡنَهُمۡ وَبَيۡنَ مَا يَشۡتَهُونَ كَمَا فُعِلَ بِأَشۡيَاعِهِم مِّن قَبۡلُۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ فِي شَكّٖ مُّرِيبِۭ

Ico gihe rero, abagarariji ntibazokwemererwa gushika ku cipfuzo cabo co kwigaya no kugaruka kw’isi ngo baheze bemere Imana Allah; nk’uko imigwi y’ab’aho hambere yabo itavyemerewe. Mu vy’ukuri bakiri kw’isi, bamana amakenga ateye impungenge ku vyerekeye ukwemera Intumwa, izurwa ry’ibiremwa no guharurirwa ku bikorwa vyavyo. info
التفاسير: