Prijevod značenja časnog Kur'ana - Prijevod na kinyarwanda jezik - Jusuf Gahiti

external-link copy
49 : 18

وَوُضِعَ ٱلۡكِتَٰبُ فَتَرَى ٱلۡمُجۡرِمِينَ مُشۡفِقِينَ مِمَّا فِيهِ وَيَقُولُونَ يَٰوَيۡلَتَنَا مَالِ هَٰذَا ٱلۡكِتَٰبِ لَا يُغَادِرُ صَغِيرَةٗ وَلَا كَبِيرَةً إِلَّآ أَحۡصَىٰهَاۚ وَوَجَدُواْ مَا عَمِلُواْ حَاضِرٗاۗ وَلَا يَظۡلِمُ رَبُّكَ أَحَدٗا

Igitabu c’ibikorwa vy’umwumwe wese rero, azogihabwa mu kuboko kwiwe kw’iburyo canke kw’ibubamfu, aho uzobona abanyavyaha batekewe n’ubwoba ku biri muri nya gitabu, bamaze kubona ivyaha birimwo, bazoca bihebura bati: “Amagorwa arama yemwe! Iki ni igitabu nyabaki kitigeze kireka ikintu na kimwe mu vyo nakoze caba gito canke kinini, kiretse ko canditswe!”. Ivyo bakoze vyose kw’isi rero, bazobisanga ng’aho vyaranditswe. Kandi Imana yawe Rurema Allah, ntirenganya umuntu n’umwe mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke kugabanywa ku ndishi, n’aho yoba yakoze akantu kangana n’inzatsa, Izokamuhembera. info
التفاسير: