আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
39 : 41

وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦٓ أَنَّكَ تَرَى ٱلۡأَرۡضَ خَٰشِعَةٗ فَإِذَآ أَنزَلۡنَا عَلَيۡهَا ٱلۡمَآءَ ٱهۡتَزَّتۡ وَرَبَتۡۚ إِنَّ ٱلَّذِيٓ أَحۡيَاهَا لَمُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰٓۚ إِنَّهُۥ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ

Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende kandi Ishoboye, kubona isi yagadutse igacika ubukumbagare, Tugize ngo Turamanuye imvura ikagwa kuri nya si yagadutse, buno nyene nya si igaca ibomba, ikiyongera n’akanovera, maze ibiterwa n’ivyimeza bikanaga. Mu vy’ukuri Imana Allah, Isubiza isi akabombere, igasubira kumera inyuma y’igaduka ryayo, ni ukuri Irashoboye no gusubiza ubuzima abapfuye bakazuka. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 41

إِنَّ ٱلَّذِينَ يُلۡحِدُونَ فِيٓ ءَايَٰتِنَا لَا يَخۡفَوۡنَ عَلَيۡنَآۗ أَفَمَن يُلۡقَىٰ فِي ٱلنَّارِ خَيۡرٌ أَم مَّن يَأۡتِيٓ ءَامِنٗا يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۚ ٱعۡمَلُواْ مَا شِئۡتُمۡ إِنَّهُۥ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٌ

Mu vy’ukuri, abahusha ukuri bakagarariza Aayah zacu za Qor’ani, bakanazisigura ukutari kwo, ntitubayobewe na gato. Mbega burya none, uwutabwa mu muriro ku bugarariji bwiwe, ni we ntore, canke intore ni uwuzoza ku musi w’izuka atekaniwe ku kudahanwa, ategekanirijwe n’impembo y’ukwemera kwiwe Aayah za Qor’ani! Bagarariji! Nimukore ivyo mwipfuza gukora, burya Imana Allah, Irabona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona, Izobibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
41 : 41

إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِٱلذِّكۡرِ لَمَّا جَآءَهُمۡۖ وَإِنَّهُۥ لَكِتَٰبٌ عَزِيزٞ

Mu vy’ukuri abagararije iyi Qor’ani, bakayihakana bivuye inyuma igihe ibashikiriye, bazohanwa nya guhanwa. Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, ni ukuri ni Igitabu gitagatifu gikingiwe guhindagurwa; info
التفاسير:

external-link copy
42 : 41

لَّا يَأۡتِيهِ ٱلۡبَٰطِلُ مِنۢ بَيۡنِ يَدَيۡهِ وَلَا مِنۡ خَلۡفِهِۦۖ تَنزِيلٞ مِّنۡ حَكِيمٍ حَمِيدٖ

Ntivogerwa n’ikinyoma iyo coturuka hose, nta gikurwamwo, nta congerwamwo nta n’igihindurwa muri yo. Yamanuwe ivuye ku Mana Allah, Intungane mu vyo Ikora, Nyenugushimwa. info
التفاسير:

external-link copy
43 : 41

مَّا يُقَالُ لَكَ إِلَّا مَا قَدۡ قِيلَ لِلرُّسُلِ مِن قَبۡلِكَۚ إِنَّ رَبَّكَ لَذُو مَغۡفِرَةٖ وَذُو عِقَابٍ أَلِيمٖ

Ntumwa y’Imana! Nta co ababangikanyamana bakubwira, kiretse ko bakubwira ico Intumwa zarungitswe hambere yawe zabwiwe n’abo zarungitsweko; ihanganire rero ivyo bakubwira, maze ushishikare irarikiramana. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Nyenikigongwe ku bigaya, Irahana Igahasha abimonogoje mu bugarariji. info
التفاسير:

external-link copy
44 : 41

وَلَوۡ جَعَلۡنَٰهُ قُرۡءَانًا أَعۡجَمِيّٗا لَّقَالُواْ لَوۡلَا فُصِّلَتۡ ءَايَٰتُهُۥٓۖ ءَا۬عۡجَمِيّٞ وَعَرَبِيّٞۗ قُلۡ هُوَ لِلَّذِينَ ءَامَنُواْ هُدٗى وَشِفَآءٞۚ وَٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ فِيٓ ءَاذَانِهِمۡ وَقۡرٞ وَهُوَ عَلَيۡهِمۡ عَمًىۚ أُوْلَٰٓئِكَ يُنَادَوۡنَ مِن مَّكَانِۭ بَعِيدٖ

Ntumwa y’Imana! N’iyo Tugira Qor’ani Twakumanuriye, ikamanuka mu rurimi rutari urw’icarabu, ababangikanyamana bari kuvuga bati: “Ese iyo dutomorerwa Aayah zayo mu carabu, maze tukazitahura”; bari no kuvuga bitangaza bati: “Yemwegaye! Qor’ani iri mu rurimi rutari urw’icarabu, ihishuriwe Umwarabu!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Iyi Qor’ani ku bemeramana, ni uburongozi bubakura mu muzimagiza, ni n’umuti w’indwara z’amakenga n’uburyarya ziri mu gikiriza; nayo abatemera Qor’ani, barazivye amatwi, ntibayumva ngo banyurwe, ibatera n’ubupfamaso bw’umushaha, ntibarongora namba”. Abo babangikanyamana rero, ni nk’uwuhamagarwa kandi ari kure cane, ntashobora kwumva uwumuhamagara ngo amwitabe! info
التفاسير:

external-link copy
45 : 41

وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ فَٱخۡتُلِفَ فِيهِۚ وَلَوۡلَا كَلِمَةٞ سَبَقَتۡ مِن رَّبِّكَ لَقُضِيَ بَيۡنَهُمۡۚ وَإِنَّهُمۡ لَفِي شَكّٖ مِّنۡهُ مُرِيبٖ

Ni ukuri Twebwe Allah, Twahaye Musa Igitabu ca Tawurati nk’uko Twaguhaye Igitabu ca Qor’ani, maze Bene Israyeli bicamwo imigwi mu kucubahiriza; muri bo hari abacemeye, harimwo rero n’abagihakanye. Iyo rero hataba isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah Yamaze gutanga ryo kutihutira guhana abantu warungitsweko, mu kurindiriza ibihano vy’umwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri abagarariji muri bo bari guhanwa bagahona bose, maze hagasigara abagororotsi gusa. Mu vy’ukuri ababangikanyamana, ni ukuri barafise amakenga kuri Qor’ani. info
التفاسير:

external-link copy
46 : 41

مَّنۡ عَمِلَ صَٰلِحٗا فَلِنَفۡسِهِۦۖ وَمَنۡ أَسَآءَ فَعَلَيۡهَاۗ وَمَا رَبُّكَ بِظَلَّٰمٖ لِّلۡعَبِيدِ

Uwo wese rero azokora iciza gitegetswe akumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, azoba abikoze ku neza yiwe; nayo uwuzokora ikibi mu kutumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, azobihanirwa ku gatwe kiwe. Burya Imana yawe Rurema Allah, ntirenganya n’umwe mu biremwa mu kugabanywa ku vyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha, n’aho koba akantu inzatsa. info
التفاسير: