আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

Fusswilat

external-link copy
1 : 41

حمٓ

Haa Miim[1]. info

[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara.

التفاسير:

external-link copy
2 : 41

تَنزِيلٞ مِّنَ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ

Iyi Qor’ani, yahishuwe na Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo, ku Muvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); info
التفاسير:

external-link copy
3 : 41

كِتَٰبٞ فُصِّلَتۡ ءَايَٰتُهُۥ قُرۡءَانًا عَرَبِيّٗا لِّقَوۡمٖ يَعۡلَمُونَ

Ni Igitabu, Aayah zaco zatomowe bikwiye mu nsiguro no mu ngingo vyazo. Qor’ani yamanuwe yoroshe gutahura mu rurimi rw’icarabu ku bantu baruzi neza; info
التفاسير:

external-link copy
4 : 41

بَشِيرٗا وَنَذِيرٗا فَأَعۡرَضَ أَكۡثَرُهُمۡ فَهُمۡ لَا يَسۡمَعُونَ

Ishikiriza inkuru nziza abantu bayemera bakayigendera, ko bagenewe indishi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ikanagabisha abayigarariza ku bihano bibarindiriye kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa; ariko abenshi muri bo, barayirengagiza, ntibayumva ngo baheze bayemere, bayigendere. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 41

وَقَالُواْ قُلُوبُنَا فِيٓ أَكِنَّةٖ مِّمَّا تَدۡعُونَآ إِلَيۡهِ وَفِيٓ ءَاذَانِنَا وَقۡرٞ وَمِنۢ بَيۡنِنَا وَبَيۡنِكَ حِجَابٞ فَٱعۡمَلۡ إِنَّنَا عَٰمِلُونَ

Abagarariji birengagiza Qor’ani, babwiye Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bati: “Imitima yacu irugaye, ntiyoroha ngo itahure ivyo uturarikira kwemera; n’amatwi yacu yarazivye, ntiyumva ivyo uvuga; kandi hagati yacu na we hari ipaziya ituma tutokurikira irarikiramana ryawe. Kubera ivyo rero, kora ivyo ukora wisunze idini ryawe, na twe nyene ntitwicaye, mu vy’ukuri dukora ivyo dukora twisunze idini ryacu, ntiturota tugukurikira”. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 41

قُلۡ إِنَّمَآ أَنَا۠ بَشَرٞ مِّثۡلُكُمۡ يُوحَىٰٓ إِلَيَّ أَنَّمَآ إِلَٰهُكُمۡ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞ فَٱسۡتَقِيمُوٓاْ إِلَيۡهِ وَٱسۡتَغۡفِرُوهُۗ وَوَيۡلٞ لِّلۡمُشۡرِكِينَ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni ukuri jewe, ndi umuntu nkamwe, mpishurirwa gusa n’Imana Allah ko Imana yanyu Ikwiye gusengwa Itabangikanywa, ari Imana Imwe Rudende Allah, nimukurikire rero inzira ibashikana kuri Yo, mwongere muyisabe ikigongwe ku vyaha vyanyu. Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukw’ababangikanyamana bateza imitima yabo mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah; info
التفاسير:

external-link copy
7 : 41

ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡتُونَ ٱلزَّكَوٰةَ وَهُم بِٱلۡأٓخِرَةِ هُمۡ كَٰفِرُونَ

Abadatanga imperezwa ngo bayihereze abayigenewe, batanemera izurwa ry’ibiremwa, eka ntibanemera ko Ubwami bw’ijuru n’umuriro udahera, bibaho”. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 41

إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ لَهُمۡ أَجۡرٌ غَيۡرُ مَمۡنُونٖ

Mu vy’ukuri abemeye Imana Allah, Intumwa yayo n’Ibitabu vyayo, bagakora n’ivyiza bitegetswe ku bw’Imana Allah, barategekanirijwe impembo ihambaye yamaho. info
التفاسير:

external-link copy
9 : 41

۞ قُلۡ أَئِنَّكُمۡ لَتَكۡفُرُونَ بِٱلَّذِي خَلَقَ ٱلۡأَرۡضَ فِي يَوۡمَيۡنِ وَتَجۡعَلُونَ لَهُۥٓ أَندَادٗاۚ ذَٰلِكَ رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni ukuri, aho nyene murakenyeye mugararize Imana Allah Yaremye isi mu misi ibiri, maze muyigirire ababangikanyi muyibangikanya mu gusengwa! Iyo Mana Yaremye, ni Yo Mana Mubungabunzi w’ibiremwa vyose; info
التفاسير:

external-link copy
10 : 41

وَجَعَلَ فِيهَا رَوَٰسِيَ مِن فَوۡقِهَا وَبَٰرَكَ فِيهَا وَقَدَّرَ فِيهَآ أَقۡوَٰتَهَا فِيٓ أَرۡبَعَةِ أَيَّامٖ سَوَآءٗ لِّلسَّآئِلِينَ

Iraheza Ishira kuri nya si, imisozi iyigumya, Iranayihezagira kugira izokwame ibeshaho abayibako; maze mu yindi misi ibiri Igera imfungurwa n’ibindi vyose nkenerwa mu buzima bwo kw’isi, gutyo yose hamwe iba ikwiye imisi ine ku bashaka kubaza ikiringo c’iremwa ry’isi n’ibirimwo; info
التفاسير:

external-link copy
11 : 41

ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰٓ إِلَى ٱلسَّمَآءِ وَهِيَ دُخَانٞ فَقَالَ لَهَا وَلِلۡأَرۡضِ ٱئۡتِيَا طَوۡعًا أَوۡ كَرۡهٗا قَالَتَآ أَتَيۡنَا طَآئِعِينَ

Mu nyuma, ni ho Yatumbera ijuru Irarirema, imbere y’aho rikaba ryari umwotsi, maze Iraribwira hamwe n’isi Iti: “Nimubeho mwubahiriza ibwirizwa ryanje vyanka bikunda!”. Maze ijuru n’isi biragamburuka biti: “Twakwitavye, twicishije bugufi mu bugamburutsi nta ngere, ntiturota duca kubiri n’ibwirizwa ryawe”; info
التفاسير: