আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
31 : 35

وَٱلَّذِيٓ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ مِنَ ٱلۡكِتَٰبِ هُوَ ٱلۡحَقُّ مُصَدِّقٗا لِّمَا بَيۡنَ يَدَيۡهِۗ إِنَّ ٱللَّهَ بِعِبَادِهِۦ لَخَبِيرُۢ بَصِيرٞ

Ntumwa y’Imana! Ivyo Twaguhishuriye muri Qor’ani, ni kwo kuri kudahinyuzwa gushimangira Ibitabu vyahishuriwe Intumwa zo hambere yawe. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyerekeye abaja bayo, Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa vyabo, kandi Izobibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
32 : 35

ثُمَّ أَوۡرَثۡنَا ٱلۡكِتَٰبَ ٱلَّذِينَ ٱصۡطَفَيۡنَا مِنۡ عِبَادِنَاۖ فَمِنۡهُمۡ ظَالِمٞ لِّنَفۡسِهِۦ وَمِنۡهُم مُّقۡتَصِدٞ وَمِنۡهُمۡ سَابِقُۢ بِٱلۡخَيۡرَٰتِ بِإِذۡنِ ٱللَّهِۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡفَضۡلُ ٱلۡكَبِيرُ

Mu nyuma y’ihonywa ryabo rero, Twebwe Allah, Twahaye Igitabu ca Qor’ani abo Twahisemwo mu baja bacu, barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Muri bo rero, harimwo uwirenganya mu gucumura, harimwo n’umugororotsi yubahiriza amabwirizwa; hakabamwo rero, n’uwihutira gukora ivyiza bitegetswe n’ibimutonesha ku Mana Allah ku burenganzira bwayo. Ihabwa ry’ico Gitabu rero, ni yo ngabirano nta ngere. info
التفاسير:

external-link copy
33 : 35

جَنَّٰتُ عَدۡنٖ يَدۡخُلُونَهَا يُحَلَّوۡنَ فِيهَا مِنۡ أَسَاوِرَ مِن ذَهَبٖ وَلُؤۡلُؤٗاۖ وَلِبَاسُهُمۡ فِيهَا حَرِيرٞ

Imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, yagenewe kwinjirwamwo abahawe ico Gitabu. Muri Bwo, bazoberwa n’ukwambikwa imiringa y’inzahabu n’ilulu[2], bazoba bambaye n’impuzu za misi yose zishonywe mw’iharire, abagabo ku bagore. info

[2] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.

التفاسير:

external-link copy
34 : 35

وَقَالُواْ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِيٓ أَذۡهَبَ عَنَّا ٱلۡحَزَنَۖ إِنَّ رَبَّنَا لَغَفُورٞ شَكُورٌ

Mu kwinjira muri nya Bwami, bazovuga bati: “Nihashimagizwe Imana Allah Yo Yatumaze agahinda n’intuntu ku mutima. Mu vy’ukuri Imana yacu Rurema Allah, ni ukuri ni Nyenikigongwe-ntangere kuko Yatubabariye, Nyenindishi kuko Yatwakiririye ibikorwa Ikanatugwiriza indishi; info
التفاسير:

external-link copy
35 : 35

ٱلَّذِيٓ أَحَلَّنَا دَارَ ٱلۡمُقَامَةِ مِن فَضۡلِهِۦ لَا يَمَسُّنَا فِيهَا نَصَبٞ وَلَا يَمَسُّنَا فِيهَا لُغُوبٞ

Ni Yo Yatwakiriye mw’icumbi ry’Ubwami ku ngabirano zayo, aho tutazokwigera turuha, eka ntituzonadebukirwa”. info
التفاسير:

external-link copy
36 : 35

وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَهُمۡ نَارُ جَهَنَّمَ لَا يُقۡضَىٰ عَلَيۡهِمۡ فَيَمُوتُواْ وَلَا يُخَفَّفُ عَنۡهُم مِّنۡ عَذَابِهَاۚ كَذَٰلِكَ نَجۡزِي كُلَّ كَفُورٖ

Nayo abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, bategekanirijwe umuriro wa Jahannamu, aho batazokwigera bapfa ngo bawuruhuke; eka ntibazonatezurirwa mu bihano vy’urutavanako, ni nk’ukwo rero Twebwe Allah, Duhana uwimonogoje mu bugarariji. info
التفاسير:

external-link copy
37 : 35

وَهُمۡ يَصۡطَرِخُونَ فِيهَا رَبَّنَآ أَخۡرِجۡنَا نَعۡمَلۡ صَٰلِحًا غَيۡرَ ٱلَّذِي كُنَّا نَعۡمَلُۚ أَوَلَمۡ نُعَمِّرۡكُم مَّا يَتَذَكَّرُ فِيهِ مَن تَذَكَّرَ وَجَآءَكُمُ ٱلنَّذِيرُۖ فَذُوقُواْ فَمَا لِلظَّٰلِمِينَ مِن نَّصِيرٍ

Abagarariji, bamaze kurengerwa n’ibihano vyo mu muriro wa Jahannamu, bazotabaza n’agahinda n’akantu bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dukure muri uwu muriro, maze Udusubize kw’isi duheze dukore ivyiza bitegetswe tutigeze dukora mu buzima”. Imana Allah Izobishura Iti: “Mbega Twebwe Allah, ntitwabahaye kubaho mukaramba ikiringo cari gikwiye, ari uwikebuka akikebuka, Tukanabarungikira n’Umugabisha mu Ntumwa zacu abagabisha ku bihano vyacu! Hamwe n’ivyo vyose, ntimwigeze mwikebuka. Nimuhonje rero ibihano vy’umuriro wa Jahannamu. Burya abirenganya mu kugarariza, nta n’uwubatabara mu kubakingira ibihano bafise”. info
التفاسير:

external-link copy
38 : 35

إِنَّ ٱللَّهَ عَٰلِمُ غَيۡبِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ إِنَّهُۥ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ

Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza ibinyegejwe ibiremwa mu majuru n’isi, ni Yo mu vy’ukuri, Izi neza ibinyegejwe mu mishaha y’ibiremwa[3]. info

[3] Nko kugira amakenga mu mushaha w’umuntu mu kwemera isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, canke mu kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), canke mu kutubahiriza amabwirizwa ku bitari ivyo.

التفاسير: