আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

Faatwir

external-link copy
1 : 35

ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ فَاطِرِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ جَاعِلِ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ رُسُلًا أُوْلِيٓ أَجۡنِحَةٖ مَّثۡنَىٰ وَثُلَٰثَ وَرُبَٰعَۚ يَزِيدُ فِي ٱلۡخَلۡقِ مَا يَشَآءُۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ

Nihashimagizwe Imana Allah, Rutanguzandemo Yaremye amajuru n’isi, Igira abamalayika intumwa Irungika ku bo Ishatse mu biremwa; muri nya bamalayika, harimwo abo Yahaye amababa abirabiri, atatatatu n’anane kugira bashobore kuguruka aho hose batumwe n’Imana Allah, Imana Allah Yongerereza inkomezi mu ndemo uwo Ishatse mu biremwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Mushoboravyose, ntakiyinanira. info
التفاسير:

external-link copy
2 : 35

مَّا يَفۡتَحِ ٱللَّهُ لِلنَّاسِ مِن رَّحۡمَةٖ فَلَا مُمۡسِكَ لَهَاۖ وَمَا يُمۡسِكۡ فَلَا مُرۡسِلَ لَهُۥ مِنۢ بَعۡدِهِۦۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ

Ikintu cose Imana Allah Igomororeye abantu ku mpuhwe zayo mu bibabeshaho; imvura, amagara meza, ubumenyi, n’ibindi mu nema zayo, nta n’umwe ashobora kukizibira ngo ntigishikire abo Yakigeneye. Ni nk’uko nyene kandi ikintu cose Imana Allah Igumije muri izo nema zayo ngo abantu ntibakironke, ata n’umwe ashobora kukibarungikira mu nyuma yayo, ni Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 35

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ ٱذۡكُرُواْ نِعۡمَتَ ٱللَّهِ عَلَيۡكُمۡۚ هَلۡ مِنۡ خَٰلِقٍ غَيۡرُ ٱللَّهِ يَرۡزُقُكُم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِۚ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ فَأَنَّىٰ تُؤۡفَكُونَ

Emwe bantu! Nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, maze muyininahaze, muyitazire mu buryo bwose, aho muzoba muri hose, nta mana Yabaremye atari Imana Allah Ibaronsa ibibabeshaho biturutse ku mvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, n’ibiva mw’isi mu bimera hamwe n’ubutare, n’ibindi. Nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. None ni gute muyibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende! info
التفاسير: