আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

পৃষ্ঠা নং:close

external-link copy
35 : 16

وَقَالَ ٱلَّذِينَ أَشۡرَكُواْ لَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ مَا عَبَدۡنَا مِن دُونِهِۦ مِن شَيۡءٖ نَّحۡنُ وَلَآ ءَابَآؤُنَا وَلَا حَرَّمۡنَا مِن دُونِهِۦ مِن شَيۡءٖۚ كَذَٰلِكَ فَعَلَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ فَهَلۡ عَلَى ٱلرُّسُلِ إِلَّا ٱلۡبَلَٰغُ ٱلۡمُبِينُ

Ababangikanyamana bavuze biregura bati: “Iyo Imana Allah Ishaka ko tuyisenga ari Imwe Rudende, twebwe eka n’abavyeyi bacu, ntitwari gusenga mu gishingo cayo iyindi mana, ntitwari no kuziririza na kimwe Itigeze Iziririza”. Ni nk’ico cireguzo nyene abagarariji bo hambere y’abo bireguje babesha[334], nta n’ikindi Intumwa zarungikiwe kiretse ugushikiriza ubutumwa butomoye. info

[334] Muri ukwo kwiregura rero, barabeshe kuko Imana Allah Yarabahaye ubushobozi bwo guhitamwo gukora iciza canke ikibi, Iranabarungikira Intumwa zibatomorera amabwirizwa yayo; ibirekuwe n’ibizira, kugira ntibazokwitwaze ukutamenya canke ivyagezwe.

التفاسير:

external-link copy
36 : 16

وَلَقَدۡ بَعَثۡنَا فِي كُلِّ أُمَّةٖ رَّسُولًا أَنِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ وَٱجۡتَنِبُواْ ٱلطَّٰغُوتَۖ فَمِنۡهُم مَّنۡ هَدَى ٱللَّهُ وَمِنۡهُم مَّنۡ حَقَّتۡ عَلَيۡهِ ٱلضَّلَٰلَةُۚ فَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُكَذِّبِينَ

Ni ukuri mu mugwi wose w’abantu, Twararungitse Intumwa ibabwiriza iti: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, muheze muvavanure n’ibangikanyamana mu gusenga ibigirwamana vy’ubwoko bwose[335]”. Muri buri mugwi w’abantu rero, harimwo abagamburutse maze Imana Allah Irabarongora, harimwo n’ababaye ibigaba maze Imana Allah Irabareka barahuba. Kubera ivyo rero, nimugendagende kw’isi, muheze mwirabire iherezo ry’abahakanyi uko ryagenze. info

[335] Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa.

التفاسير:

external-link copy
37 : 16

إِن تَحۡرِصۡ عَلَىٰ هُدَىٰهُمۡ فَإِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي مَن يُضِلُّۖ وَمَا لَهُم مِّن نَّٰصِرِينَ

Ntumwa y’Imana! Niwitwararika na ntaryo kurongora ababangikanyamana, uramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah, Itarongora uwo Yaretse kubera ubugaba bwiwe agahuba, eka n’ababangikanyamana ntibazoronka mw’isi yose uwubakingira ibihano vy’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
38 : 16

وَأَقۡسَمُواْ بِٱللَّهِ جَهۡدَ أَيۡمَٰنِهِمۡ لَا يَبۡعَثُ ٱللَّهُ مَن يَمُوتُۚ بَلَىٰ وَعۡدًا عَلَيۡهِ حَقّٗا وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ

Ababangikanyamana bararahiye bararengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko Imana Allah Idashoboye kuzura uwapfuye, yamaze no kubora. Imana Allah Yobuzwa n’iki kumuzura! Imana Allah isango Yagenye ryo kuzura ibiremwa, ni iry’ukuri, ariko abenshi mu bantu ntibabizi ngo bategere ubushobozi n'ububasha vyayo mu kuzura abapfuye. info
التفاسير:

external-link copy
39 : 16

لِيُبَيِّنَ لَهُمُ ٱلَّذِي يَخۡتَلِفُونَ فِيهِ وَلِيَعۡلَمَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَنَّهُمۡ كَانُواْ كَٰذِبِينَ

Imana Allah, Izozura ibiremwa vyose kugira Ivyereke ukuri kw’izuka vyahazanyeko, no kugira ngo abagararije mu guhakana izuka ry’ibiremwa, bamenye ko babeshe. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 16

إِنَّمَا قَوۡلُنَا لِشَيۡءٍ إِذَآ أَرَدۡنَٰهُ أَن نَّقُولَ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ

Izura ry’ibiremwa rero kuri Twebwe Allah, riroroshe. Ni ukuri, iyo Dushatse ko ikintu ico ari co cose kiba, Tukibwira gusa Duti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene. info
التفاسير:

external-link copy
41 : 16

وَٱلَّذِينَ هَاجَرُواْ فِي ٱللَّهِ مِنۢ بَعۡدِ مَا ظُلِمُواْ لَنُبَوِّئَنَّهُمۡ فِي ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٗۖ وَلَأَجۡرُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَكۡبَرُۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ

Abakuwe mu zabo bakimuka ku bw’Imana Allah inyuma y’aho barenganirijwe, ni ukuri Tuzobaha icumbi ryiza kw’isi, Tubategekanirije n’indishi y’Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni yo mpembo nini gusumba. Iyo rero abaretse kwimuka bamenya impembo yagenewe abimutse ku bw’Imana Allah, nta n’umwe yari gusigara inyuma; info
التفاسير:

external-link copy
42 : 16

ٱلَّذِينَ صَبَرُواْ وَعَلَىٰ رَبِّهِمۡ يَتَوَكَّلُونَ

Abimutse mu guharanira vy’ukuri idini ry’Imana Allah, ni abihanganiye kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, bakihanganira n’ivyagezwe kuri bo, bakishimikiza Imana yabo Rurema bakayizera. info
التفاسير: