আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি

An-Nahl

external-link copy
1 : 16

أَتَىٰٓ أَمۡرُ ٱللَّهِ فَلَا تَسۡتَعۡجِلُوهُۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ

Bagarariji! Umuhero w’isi vuba bwango urashika nta gisivya, kugira muhanirwe ivyo mwakoze, ntimurinde kwihuta mu gutebura musaba ko mwohanwa. Nihaninahazwe Imana Allah Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya. info
التفاسير:

external-link copy
2 : 16

يُنَزِّلُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ بِٱلرُّوحِ مِنۡ أَمۡرِهِۦ عَلَىٰ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦٓ أَنۡ أَنذِرُوٓاْ أَنَّهُۥ لَآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنَا۠ فَٱتَّقُونِ

Imana Allah, Imanura abamalayika kw’itegeko ryayo, baje guhishurira uwo Ishatse mu baja bayo mu Ntumwa, maze bagahishurira nya Ntumwa bati: “Nimugabishe abantu ku bihano vyanje Jewe Allah mu gihe bombangikanya, kuko nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri, atari Jewe Allah. Kubera ivyo rero, nimungamburukire mu kwubahiriza amabwirizwa yanje”. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 16

خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّۚ تَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ

Imana Allah Yaremye amajuru n’isi mu kuri, kugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende, Imana Allah nihabwe icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 16

خَلَقَ ٱلۡإِنسَٰنَ مِن نُّطۡفَةٖ فَإِذَا هُوَ خَصِيمٞ مُّبِينٞ

Yaremye umuntu mw’ima ry’intanga zigayitse; amaze gukura acika umwansi ruhebwa, maze aragarariza yivuye inyuma mu guhakana ko ata zuka ry’ibiremwa ribaho; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 16

وَٱلۡأَنۡعَٰمَ خَلَقَهَاۖ لَكُمۡ فِيهَا دِفۡءٞ وَمَنَٰفِعُ وَمِنۡهَا تَأۡكُلُونَ

N’ibitungwa [331] Yabiremeye mwebwe abantu, Iraheza Ibaha gususurutswa n’ubwoya bwavyo, Ibaha no kwikora ku mata n’insato zavyo, Ibashoboza no kwiyunguruza kuri nya bitungwa; muri vyo harimwo n’ivyo mufungura; info

[331] Ingamiya, inka n’intungwa.

التفاسير:

external-link copy
6 : 16

وَلَكُمۡ فِيهَا جَمَالٌ حِينَ تُرِيحُونَ وَحِينَ تَسۡرَحُونَ

Harimwo no kuberwa kuri mwebwe gutuma mugira akamwemwe, igihe mubicuye ku mugoroba n’igihe mubiturukije mu gitondo; info
التفاسير: